Abahinga bavuga ko abantu “baguma ari abana” gushika ku myaka 30

Umurwi w'urwaruka

Ahavuye isanamu, Getty Images

Hari umuntu yigeze akubwira ngo "nturakura" mu gihe wari mu myaka ya 20 canke akagusaba gusigura igituma ukunda utureresi tw'inyabu ku mbuga ngurukanabumenyi?

Rero ubu ufise kuba uronse insiguro z'igituma utifata nk'umuntu akuze.

Abahinga mu vy'ubwonko bavuga ko abantu badashobora «gukura» mu gihe batarashikana imyaka 30.

Gushika ubu, itegeko ryo mu Bwongereza rivuga ko uja mu rugero rw'abantu bakuze mu gihe ukwije imyaka 18.

Abahinga biga ivyerekeye ubwonko n'ingene bukora bavuga ko imyaka yo kuja mu rugero rw'abantu bakuze itandukanye bivanye n'umuntu.

Ivyigwa vyakozwe bivuga ko abantu bafise imyaka 18 baba bagifise ubwonko buhindagurika, ivyo navyo bigashobora kugira ingaruka ku nyifato, ugasanga banashobora kugira ibibazo bijanye n'indwara zo mu mutwe.

Abahinga bavuga ko imyaka yo kuja mu rugero rw'abantu bakuze itandukanye bivanye n'umuntu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abahinga bavuga ko imyaka yo kuja mu rugero rw'abantu bakuze itandukanye bivanye n'umuntu

Umwigisha wo kw'ishure kaminuza rya Cambridge, Peter Jones, avuga ati: "Ni ukuri, ico tuvuga ni uko kumenya igihe nyaco c'ukuva mu bwana ukaja mu bakuze ari ibintu bidasobanutse.

"Ni impinduka ndende zirenze uko umuntu yiyumvira zigenda bukebuke gushika ku myaka 30".

Yongeyeko ati : "Nibaza ko inzego zimwe zimwe nk'urwego rw'indero, urwego rw'amagara y'abantu hamwe n'urwego rw'ubutungane, zirondera insiguro zizorohereza".

Mu gihe ushikanye imyaka 18, urashobora gutora, kunywa inzoga, kuronka ingwati kandi ugafatwa nk'umuntu akuze mu gihe ugize ibibazo n'igipolisi.

Ariko n'aho bimeze uko, umwigisha Jones avuga ko abacamanza b'inzobere mu vy'imanza ku vyaha baremera ko hari ubudasa hagati y'uwuregwa afise imyaka 19 n''inkozi y'ikibi karuhariwe' ari mu mpera z'imyaka ya 30.

Avuga ati: "Ndibaza ko buri rwego rwirengagiza ibiba vyinyegeje inyuma, kandi ko abantu badashaka kwumva ko urunyo ruhinduka rukaba ikinyugunyugu.

"Nta bwana buhari hanyuma ngo haze imyaka y'ugukura. Abantu bari ku rugendo rurerure".

Umwigisha Jones ni umwe mu bahinga bitavye inama ijanye n'ibiraba ingene ubwonko bukora iriko ibera kw'ishure kaminuza y'ubuvuzi, Academy of Medical Sciences, yo mu gisagara ca Oxford mu Bwongereza.