Umugore yapfunzwe azira guca ibihimba vy'irondoka mu buryo bwo kugenyera umwana wewe w'umwigeme

Ahavuye isanamu, MET POLICE
Umukenyezi akomoka mu gihugu ca Uganda akaba aba mu Bwongereza yakatiwe igihano co gupfungwa kubera icaha co guca ibihimba bimwe bimwe vy'irondoka vy'umwana wiwe w'umukobwa mu ku mugenyera (mutilation génitale féminine).
Uyo mukenyezi afise imyaka 37 y'amavuko yakoreye ico kibi umwana wiwe w'umukobwa afise imyaka itatu aho yari asanzwe aba mu buseruko bw'igisagara ca Londres.
Yaciriwe imyaka 11 kubera ico caha c'ugukata ibihimba bimwe bimwe vy'irondoka mu buryo bwo kugenyera uyo mwana, be n'iyindi ibiri kubera icaha co kwerekana amasanamu n'amareresi y'ibiterasoni.
Asoma urwo rubanza ahitwa Old Bailey, umucamanza Justice Whipple yavuze ko ico caha ari "ubukozi bw'ikibi burenze urugero".
Yongeyeko ati: "Uguca ibihimba vy'irondoka mu buryo bw'ukugenyera abana b'abakobwa camye ari igikorwa kitemewe n'amategeko, kandi ni ubwoko bundi bw'ihohotera rifatiye ku gitsina rikorerwa abana".
Yabwiye uyo mukenyezi atavuzwe izina ku mvo z'umutekano wiwe, ko icaha yakoreye umwana wiwe w'umukobwa ari umuzigo uremereye yamuremetse ubuzima bwiwe bwose.
Yamubwiye ati: " Waramuhemukiye kandi yari yizeye ko ari we womukingiye".
Uyo mucamanza avuga ko atazi igituma uyo mukenyezi yakoreye ico caha uyo mwana wiwe, n'aho bibaza ko harimwo ibijanye n'imigirwa y'ibintazi.
Mw'isakwa ryakozwe mu nzu y'uyo mugore, igipolisi camenyesheje ko cahasanze ibikoresho vyerekana ko yakora ibijanye "n'ubupfumu".
Mu gihe yariko araburana, uyo mukenyezi yisiguye avuga ko mu mwaka wa 2017, umukobwa wiwe yuriye hejuru arondera ibisuguti "hanyuma arakoroka aca agwa ku cuma catabaguye ibihimba vyiwe vy'irondoka".
Abaganga nibo bahamagaye igipolisi babonye ibikomere uyo mwana afise mu gihe bariko baramuvura kw'ivuriro ryitwa Whipps Cross Hospital riri ahitwa Leytonstone.
Abari bashashe muri urwo rubanza babwiwe ko uyo mwana yavuye amaraso menshi cane kubera ibikomere yatewe.
Uwahora ari umugabo w'uyo mukenyezi, afise imyaka 43 akaba akomoka mu gihugu ca Ghana, wewe yarejejwe ko ataruhara afise mw'ico caha c'uca ibihimba vy'irondoka vy'uyo mwana.
Ariko yaragiriwe n'ivyaha bibiri vyo kuba atunze amasanamu y'abana atabereye, hamwe n'ibindi vyaha bibiri vyo gutunga amareresi ateye isoni.
Umucamanza Whipple yamuciriye gupfungwa amezi 11.
John Cameron, umukuru w'ikigo kijejwe kugwanya amabi akorerwa abana, National Society for the Prevention of Cruelty to Children (NSPCC), amenyesha ko igenyerwa ry'abigeme ari ihohotera ribabaza cane rikorerwa abana kandi ko ari icaha atakibanza gifise muri bino bihe.
Avuga ati: " Nimba dushaka gukingira abigeme aka kabi, dutegerezwa kuvuga ibijanye n'igenyerwa ry'abigeme bacibwa ibihimba vy'irondoka, tugahimiriza abantu gusaba imfashanyo n'impanuro, bakanatanga amakuru ku kintu ic'ari co cose cerekana ko umwana yakaswe canke yimirije gukatwa".
Nawe Lynette Woodrow, umwe mu bashikirizamanza mu Bwongereza, avuga ko urubanza rwaciwe rwerekana ko guca ibihimba vy'irondoka abigeme mu buryo bwo kubagenyera ari akabi kabishe gakorerwa abana.
"Twibaza ko runo rubanza rwaciwe ruzohimiriza abandi bakorewe ico caha, canke abiketse ko hari icaha nk'ico, kwitura ubutungane".










