Kenya: Umugore w'umuganga ashigikiye ko abigeme basiramugwa

Abakenya bo mu bwoko bw'abamasayi barakoresha cane uwo mugenzo wo gusiramura abakobwa

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abakenya bo mu bwoko bw'abamasayi barakoresha cane uwo mugenzo wo gusiramura abakobwa

Umugore w'umuganga wo mu gihugu ca Kenya yitwariye ubutegetsi asaba ko umugenzo wo gusiramura abakobwa umaze imyaka mike ufuswe wosubizwaho.

Muganga Tatu Kamau avuga ko umukobwa amaze gushika mu bigero yarakwiye kwidegemvya mu vyakora.

Uwo mugenzo naho waciwe mu gihugu, imiryango itari mike iracawukurikiza mu kinyegero mu gihugu ca Kenya, Dogiteri Kamau akavuga ko igikwiye ari ukuwukora nkuko no mu bindi bihugu bigenda, umukobwa avyipfuza agasiramurigwa mu bitaro.

Mu rubanza yashingishije asaba k'uwo mugenzo wogumizwaho, akidogera abanyepolitike barondera ko wohagarikwa burundu.

"Ka mugore numva binteye ubwoba mu gihe inama nshingamateka ishobora gutegeka ico nokora n'ico ntokora. Igihe inama nshingamateka ishobora gukura umugenzo canke igerageza kuwukura ejo aho bukera izokura amadini. Umukobwa akwiye gukingigwa mu ngingo afata, ntakwiye gukora ku nguvu ivyo atiteguriye".

Amategeko ya Kenya arihanikiza ivy'uwo mugenzo, ndetse n'uwufashwe awukora agahanwa. Ku bwa Muganga Kamau ngo kuwuhagarika bisa no gukumira abakobwa, mu gihe abahungu bagisiramugwa.

Ikindi ngo abawugwanya ngo n'abatazi akamaro kawo, hano tukaba twobamenyesha kw'abawushigikira bakvuga ko ufasha abakobwa bagenyewe kwigumya imbere y'abahungu.

Igihe buhagarikisha uwo mugenzo muri rusangi, ubutegetsi bwa Kenya bwasigura ko hari abana b'abakobwa bapfa bawubarangurako kuber'ukuvirira, abandi nabo bagaheba ishuli bakaja kurongongwa bitewe nuko mu miryango imwimwe umukobwa yasiramugwa ashitse mu bigero, umukobwa nawe akavyiyumvamwo.