Icigwa casohowe cerekana ko gusiramura abakobwa bigenda bigabanuka muri Afrika

Umukecuru asiramura abigeme yerekana urwembe akoresha

Ahavuye isanamu, Barcroft Media via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umukecuru asiramura abigeme yerekana urwembe akoresha

Ibitigiri bitangwa ku mugenzo wo gusiramura abakobwa muri Afrika vyarakorotse muri ino myaka 20, nkuko ubushakashatsi bwakozwe buheruka kubishikiriza.

Mu cigwa casohowe n'ikigo BMJ Global Health, bivugwa ko hari "igabanuka rinini cane" mu bakobwa b'imyaka iri munsi ya 14.

Uwo mugenzo ukogwa mu kugegena uduhimba two hanze tw'igitsina c'umwigeme, harimwo na rugongo.

Mu miryango imwimwe uwo mugenzo ni ngombwa ku bakobwa bashitse mu bigero, ariko imigwi y'abaharanira agateka ka zina muntu ivuga ko udakwiye gukoregwa kiremwa muntu kandi kushobora kwica.

Hari igihe uwuwukorewe avirirana akaruhira gupfa igihe bamugegena utwo duhimba, canke akicwa n'inguma.

Uwabikorewe ashobora kwama ababara mu mibonano mpuzabitsina, agacika ingumba canke akagira ingorane iyo ari mu butinyanka, n'igihe co kwibaruka, umwana agashobora gucikana.

Igisata ca Onu citaho abana Unicef, kigereranya ko abagore n'abakobwa imiliyoni 200 aribo basiramuwe kw'isi - cane cane muri Afrika no buseruko bwo hagati.

Ibitigiri vyerekanye iki?

Hakoreshejwe ivyegeranyo vy'ibihugu 29 gushika mu mwaka w'i 1990, abanditse ico cegeranyo basanga uwo mugenzo wagabanutse cane mu bihugu vya Afrika y'ubuseruko.

Uwo mugenzo wagabanutse kuva ku bice 71% vy'abigeme bafise imyaka iri munsi ya 14 mu 1995 gushika ku bice 8% mu 2016, niko biri mu cigwa cakozwe.

Abantu bo mu bwoko bw'aba Masai
Insiguro y'isanamu, Mu gihugu ca Kenya na Tanzaniya abakobwa bo mu bwoko bw'aba Masai barakunze gusiramugwa

Aho ibitigiri vyakorotse ni mu bihugu vya Kenya na Tanzaniya, bituma igitigiri co kw'isi yose gikoroka.

Muri Afrika yo mu buraruko, ibitigiri vyakorotse biva ku bice 60% vy'abigeme basiramuwe mu 1990, bija ku bice 14% mu 2015.

Muri Afrika y'uburengero ibitigiri vyavuye ku bice 74% mu 1996, bija ku bice 25% mu 2017.

Abari mu myiyerekano

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images

Insiguro y'isanamu, Imyiyamirizo yo kugwanya umugenzo wo gusiramura abakobwa i Nairobi mu 2007

"Turanezerejwe no kubona ibitigiri bija hasi mu bihugu vyinshi," niko Emma Lightowlers, umuvugizi w'ishirahamwe rya Afrika 28TooMany avuga.

"Ntibiduha amakuru yose kandi hari imigwi aho banasiramura hejuru y'imyaka 14.

"Birakogwa ku bakiri bato no ku nkumi zitegurira kurongogwa," niko yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters.

Umugwi wasohoye ico cegeranyo ugizwe n'abahinga baba mu Bwongereza na Afrika yepfo, begeranije amakuru bakuye mu kigo "Demographic Health Survey" hamwe no mu gisata ca Onu, Unicef, bigira ku bana 210000.