Texas yahagaritse kwakira izindi mpunzi yishimikije itegeko rya Trump

Ahavuye isanamu, Getty Images
Buramatari w'intara ya Texas muri Amerika, Greg Abbott, avuga ko iyo ntara itazosubira kwakira impunzi nshasha mu mugambi wa Leta Zunze Ubumwe wo gutanga ubuhungiro.
Iyo ngingo isigura ko Texas izoba ibaye intara ya mbere ifashe iyo ngingo.
Mu mwaka uheze, Perezida Donald Trump yarateye igikumu kw'itegeko bwirizwa riha uburenganzira bwo kwikura muri uwo mugambi.
Ejo ku wa gatanu, Bwana Abbott wo mu mugambwe w'aba Repubulika, yavuze ko Texas yakoze "ibirengeye ivyo yategerezwa gukora mu gufasha abarondera ubuhungiro".
Amashirahamwe ajejwe gufasha impunzi yaneguye iyo ngingo, amwe muri yo akavuga ko "ari ingingo ibabaje cane".
Intara ya Texas ifise ibitigiri binini vy'impunzi mu bisagara vyayo bikuru bikuru.
Mu 2018, Texas yahaye indaro igitigiri kinini c'impunzi gusumba izindi zose, kigera kuri 1697 - ariko kikaba caragabanutse cane uravye umwaka w'imbere y'aho, aho yakiriye izigera kuri 4768.
Mu nsiguro yatanze mu bunyamabanga bwa leta bujejwe imigenderanire, Bwana Abbott avuga ko iyo ntara yipfuza kwitaho "kubo itunze, harimwo impunzi, abimukira hamwe n'abadafise uburaro - mu yandi majambo abanya Texas bose".
Nico catumye bwana Abbott avuga ko adashobora kwakira izindi mpunzi mu 2020, yongera ko ariko ko iyo ngingo "itabuza impunzi kwinjira" muri Amerika.
Bwana Abbott avuga ko impunzi zisanzwe ziba mu zindi ntara zifise uburenganzira bwo kwimukira muri Texas zibishatse. Hagati aho, ibigo bijejwe abimukira bivuga ko zitazoba zifise uburenganzira bwo kuronswa ivya nkenerwa bihabwa abimukira, nk'ibiraba uburaro.
Ubutegetsi bwa Perezida Trump bufise umugambi wo kugabanya igitigiri c'abimukira binjira muri ico gihugu.

Trump yaragabanije igitigiri c'impunzi zemerewe kwinjira muri Amerika gushika ku 18000 mu mwaka wa 2020, igitigiri gito kitari bwabeho.
Impunzi zishika 30.000 zarahawe ubuhungiro muri Amerika mu mwaka uheze.
Igitigiri gito cane c'impunzi zemerewe kwinjira muri ico gihugu caheruka mu mwaka wa 2002 inyuma y'igitero co kw'igenekerezo rya 11 ukwezi kw'icenda 2001, aho abagera ku 27.000 bo nyene aribo bahawe indaro.
Mu mwaka wa 2017, Trump yatanguye umugambi wo kugabanya igitigiri c'abimukira n'impunzi binjira muri Amerika.
Yaranafashe ingingo agihagazeko, yateye mbere n' icuka kibi, yo kubuza abanyagihugu b'ibihugu bimwe bimwe harwiriyemwo ibihugu vy' aba Isilamu, kwinjira muri Amerika.
Iyo ngingo yerekeye abanyagihugu bo mu bihugu indwi, bitanu muri vyo bikaka ari ivy'aba isilamu: Iran, Libya, Somalia, Syria na Yemen, ibindi bibiri bikaba ari Koreya y'Uburaruko na Venezuela.
Ikinyamakuru Associated Press gitangaza ko ubutegetsi bwa Trump bubandanya burondera ingene bufatira iyo ngingo ibindi bihugu, n'aho ubutungane buguma bumutera igitsure.










