Burundi: Marguerite Barankitse ati: 'Impunzi si umuzigo'

Ahavuye isanamu, Maison Shalom
Marguerite Barankitse avuga ko impunzi zidakwiye kubonwa nk'umutwaro ku bihugu bizakira ahubwo ko zikwiye gufashwa kwiyubaka mu buzima bushya.
Ivyo Madamu Barankitse, yabivuze mu butumwa yatanze kuri kaminuza ya Queen Mary mu muji wa London ejo ku wa kane, aho yari kumwe n'abandi bafise uruhara mu bikorwa bitandukanye vyo gushigikira impunzi mu bwongereza.
Intumbero y'aba bantu bo mu mashirahamwe afasha impunzi kwiyubaka mu buryo butandukanye, kwari gukangurira isi guhindura uburyo impunzi zibonwa.
Bavuga ko impunzi ari umutu nk'uwundi, ashobora gukora ibitunga ubuzima bwiwe, bikagirira akamaro n'aho abaye.

Marguerite Barankitse yabahaye akarorero k'ikambi y'impunzi ya Mahama mu Rwanda, icumbikiye impunzi z'Abarundi zirenga 60,000.

Ahavuye isanamu, Maison Shalom
Kubera ibikorwa vyiwe vyo kubaronse ubushobozi bwo kwiyubaka abicishije mu migambi itandukanye y'ikigo Maison Shalom, Marguerite Barankitse avuga ko hari abamaze kwisangamwo ubushobozi bwatumye ubuzima bwabo buhinduka.
Guhindura ubuzima bwabo ngo bituma badakomeza guhereza amaboko ababafasha, nayo kugirira akamaro ikibano bikanabafasha kudakomeza kuboneka nk'umuzigo.
Kwubaka ubushobozi bw'izi mpunzi, Madamu Barankitse avuga ko ari vyo vyonyene bizotuma zihindurirwa izina, zikabonwa nk'abandi.
Abicishije mu migambi itandukanye ishigikiwe n'ikigo Oasis of Peace, impunzi z'Abarundi ziri mw'ikambi ya Mahama, ziramaze gushinga ubuzi butari buke bubaha ubushobozi, harimwo urudandazwa, imyuga n'ibindi bakora bivuye mu mitahe mito mito bahabwa n'ikigo Maison Shalom.

Ahavuye isanamu, Maison Shalom
Kumwe n'ivyo, Madamu Barankitse arashimikira ku nyigisho z'urwaruka no gusana imitima y'abakozweko n'ingaruka z'intambara.
Marguerite Barankitse yaboneyeho akaryo ko kuwumurikira abari mu nama muri Kaminuza ya Queen Mary, bimwe bikorwa birangurwa n'izo mpunzi, zibaha ubushobozi bw'amafranga.











