Banki Nkuru y’Uburundi yagabanije igiciro fatiro c'inyungu

Ahavuye isanamu, Shutterstock
Banki Nkuru y’Uburundi yagabanyije igiciro fatiro c’inyungu yayo kiva kuri 12% kigera kuri 10% mu ntumbero yo kworohereza politike y’amafaranga kugira igabanye ukwongerekana kw'ibiciro mu gihugu.
Iri tangazo ryashikirijwe mu gushikiriza Raporo ya politike y’amafaranga y’igice ca kane c’umwaka wa 2025.
Banki Nkuru yavuze ko ishaka gushigikira ubutunzi mu guhindura isoko ryo kuguranirako amafaranga hagati y’ama banki no gukurikirana neza amafaranga ava ku bidandazwa bigurishwa hanze y’Uburundi.
Iri gabanywa rije mu gihe umuvuduko w’uguta agaciro k’ifaranga ry’uburundi uriko uragabanuka.
Nk’uko biboneka muri iyo raporo, iduga ry’ibiciro ryavuye kuri 34,2% mu gice ca gatatu ca 2025 rigera kuri 21,7% mu gice ca kane.
Banki Nkuru itegekanya ko iryo duga rizobandanya kugabanuka rigashika hafi kuri 11,3% mu gice ca mbere ca 2026 , mugihe ibintu vyobandanya uko bimeze.
Abarongoye iyo banki bavuga ko iri gabanywa ryakozwe mu bwitonzi kandi rizoguma rikurikiranwa hisunzwe uko ubutunzi bwifashe.
Baremeza ko hakiriho ingorane, cane cane kw’isoko ryo kuvunjisha n’ingene ubutunzi mpuzamakungu buguma buhindagurika.
Iyo Banki Nkuru ivuga ko yiteguye guhindura ingingo zayo mu gihe vyoba bikenewe kugira ikurikirane neza ivy’ibiciro kandi ishigikire iterambere ry’ubutunzi bw’ico gihugu.






