IKIBIRIRAHO, Perezida Emmanuel Macron ashimangira ko ari ngombwa kwubahiriza ubutegetsi n'ubusugire bwa RD Congo

Ni ngombwa kwubahiriza ubusugire n’ubwigenge bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo, ni ko Perezida Emmanuel Macron yabwiye mugenziwe Félix Tshisekedi, mu rugendo arimwo mu Bufaransa.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira na Didier Bikorimana

  1. Iyicwa ry’ababikira batatu mu Kamenge: Umugabo ushinjwa yafatiwe mu Butaliyani

    Olga Raschietti, Lucia Pulici na Bernardetta Boggian bishwe bikoranywe ubugome kuko "banze gufasha umutwe w'inyeshyamba z'Abarundi wari muri Congo"

    Ahavuye isanamu, Social media

    Insiguro y'isanamu, Olga Raschietti, Lucia Pulici na Bernardetta Boggian bishwe bikoranywe ubugome kuko "banze gufasha umutwe w'inyeshyamba z'Abarundi wari muri Congo"

    Umugabo w’imyaka 50 ukekwaho uruhare rukomeye mu kwica ababikira b’Abataliyani bishwe bahotowe mu 2014 i Bujumbura aho bari batuye mu gace ka Kamenge yafatiwe mu mujyi wa Parma mu Butaliyani, nk’uko ibinyamakuru byaho bibitangaza.

    Ibinyamakuru bisubiramo umushinjacyaha Alfonso D'Avino avuga ko Guillaume Harushimana umaze imyaka myinshi aba mu Butaliyani yafashwe nyuma y’iperereza rimaze imyaka myinshi.

    Alfonso avuga ko Harushimana yagize uruhare rw’ibanze mu gutegura no kwica mu bugome bukabije Olga Raschietti wari ufite imyaka 83, Lucia Pulici wari ufite 75 na Bernardetta Boggian wari ufite 79 kuko “bari banze gufasha umutwe w’inyeshyamba z’Abarundi muri Congo”.

    Bariya babikira babiri ba mbere bishwe bakubiswe ibintu bityaye mu mutwe, ubundi babaca ingoto, uwa gatatu yishwe mu ijoro ryakurikiyeho atashye ku kigo babagamo kuko atari ahari bica bagenzi be, we yaciwe umutwe.

    Harushimana ntabwo aragezwa imbere y’ubucamanza kandi ntacyo aravuga ku byo aregwa.

    Iyicwa ry’aba babikira bo mu muryango w’aba-Xaverine ni inkuru yavuzwe cyane mu makuru ku isi muri Nzeri(9) 2014.

    Ikinyamakuru Today cyo mu Butaliyani gisubiramo umushinjacyaha Alfonso avuga ko Harushimana “yari umwizerwa” ku ukuriye umuryango wa bariya babikira, ariko yafashije abicanyi abaha amakuru, abafungurira urugo ababikira babagamo no kubahisha mbere y’uko bakora ubwicanyi.

    Umushinjacyaha Alfonso yavuze ko Harushimana yagiye mu Butaliyani mu 2015 nyuma y’uko izina ryiwe rivuzwe kuri Radio n’abantu ubwabo bemeye ko ari bo bishe bariya babikira. Umwe muri abo bemeye ubu bwicanyi nyuma na we yaje kwicwa.

    Umushinjacyaha Alphonso avuga ko mu iperereza basanze abateguye n’abakoze ubwicanyi “bose bakoranye n’igipolisi cy’ibanga cy’u Burundi, kandi bahawe amabwiriza na General Adophe Nshimirimana bikekwa ko ari we wategetse ko bica bariya babikira kuko banze gufasha [kuvura no guha imiti] umutwe w’inyeshyamba z’Abarundi muri Congo”.

    Adolphe Nshimirimana yapfuye arashwe mu 2015.

  2. Banki Nkuru y’Uburundi yagabanije igiciro fatiro c'inyungu

    Amafaranga y'Uburundi

    Ahavuye isanamu, Shutterstock

    Banki Nkuru y’Uburundi yagabanyije igiciro fatiro c’inyungu yayo kiva kuri 12% kigera kuri 10% mu ntumbero yo kworohereza politike y’amafaranga kugira igabanye ukwongerekana kw'ibiciro mu gihugu.

    Iri tangazo ryashikirijwe mu gushikiriza Raporo ya politike y’amafaranga y’igice ca kane c’umwaka wa 2025.

    Banki Nkuru yavuze ko ishaka gushigikira ubutunzi mu guhindura isoko ryo kuguranirako amafaranga hagati y’ama banki no gukurikirana neza amafaranga ava ku bidandazwa bigurishwa hanze y’Uburundi.

    Iri gabanywa rije mu gihe umuvuduko w’uguta agaciro k’ifaranga ry’uburundi uriko uragabanuka.

    Nk’uko biboneka muri iyo raporo, iduga ry’ibiciro ryavuye kuri 34,2% mu gice ca gatatu ca 2025 rigera kuri 21,7% mu gice ca kane.

    Banki Nkuru itegekanya ko iryo duga rizobandanya kugabanuka rigashika hafi kuri 11,3% mu gice ca mbere ca 2026 , mugihe ibintu vyobandanya uko bimeze.

    Abarongoye iyo banki bavuga ko iri gabanywa ryakozwe mu bwitonzi kandi rizoguma rikurikiranwa hisunzwe uko ubutunzi bwifashe.

    Baremeza ko hakiriho ingorane, cane cane kw’isoko ryo kuvunjisha n’ingene ubutunzi mpuzamakungu buguma buhindagurika.

    Iyo Banki Nkuru ivuga ko yiteguye guhindura ingingo zayo mu gihe vyoba bikenewe kugira ikurikirane neza ivy’ibiciro kandi ishigikire iterambere ry’ubutunzi bw’ico gihugu.

  3. Cuba ivuga ko yishe irashe abantu bane bari bari mu bwato bwihuta bwo muri Amerika

    Ibendera rya Cuba ririmo guhuhwa n’umuyaga hafi y’ambasade y’Amerika i Havana mu murwa mukuru wa Cuba, mu mwaka wa 2025

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Ibendera rya Cuba hafi y'ambasade y'Amerika i Havana mu murwa mukuru wa Cuba mu mwaka wa 2025 (ifoto mbarankuru)

    Leta ya Cuba yavuze ko abantu bane bishwe barashwe n’abarinzi b’umupaka w’icyo gihugu, bari Abanya-Cuba baba muri Amerika bari bari mu bwato bwihuta bwanditswe muri Leta Zunze Ubumwe z'Amerika.

    Mu itangazo yashyize ku rubuga rwa internet, minisiteri y’ubutegetsi bw’igihugu ya Cuba yavuze ko abagenzi bo muri ubwo bwato – abo bane bishwe hamwe n’abandi batandatu bakomeretse, na bo b’Abanya-Cuba – ku wa gatatu barashe ku bwato bw’abarinzi bo ku nkombe bwari bubegereye hafi y’ikirwa cyo ku nkombe yo mu majyaruguru y’icyo gihugu.

    Iryo tangazo ryongeyeho ko abo bantu 10, bamwe muri bo bari basanzwe bafite amadosiye y’ibyaha bigeze gukora, bari bitwaje intwaro kandi ko bateganyaga “gukora ubucengezi ku mpamvu z’iterabwoba”.

    Minisitiri w’ububanyi n’amahanga w’Amerika Marco Rubio yavuze ko Amerika na yo irimo gukora iperereza kuri ibi byabaye “bidasanzwe na gato”.

    Minisiteri y’ubutegetsi bw’igihugu ya Cuba yavuze ko yamenye imyirondoro y’abo bagenzi batandatu barokotse, ubu bafunzwe, hamwe n’umugenzi umwe wishwe.

    Yongeyeho ko benshi muri bo “basanzwe bafite amateka arimo igikorwa cy’icyaha n’urugomo”. Yavuze ko abakomeretse bavanwe aho bakomerekeye bajyanwa kuvurwa.

    Imbunda nto, imbunda njya rugamba (zo kugabisha igitero) n’ibituritswa bitakorewe mu nganda, byasanzwe muri ubwo bwato bwihuta, hamwe n’ibindi bikoresho by'urugamba, nkuko iryo tangazo ribivuga.

    Iyo minisiteri yanamenye umuntu wa 11 ivuga ko yatawe muri yombi ndetse ko yemeye ko yari ari muri uwo mugambi uvugwa ko wari uwo kugaba igitero.

    Mbere yuko leta ya Cuba itangaza imyirondoro y’abo bagenzi, Minisitiri Rubio yemeje ko ubwo bwato butari butwaye abakozi ba leta y’Amerika ndetse ko iperereza ririmo gukorwa mu rwego rwo “gusobanura neza” ibyabaye n’ibyo abo bagenzi bari barimo gukora muri ako gace.

    Ibi bibaye mu gihe hari ubushyamirane bwinshi hagati y’Amerika na Cuba, yugarijwe n’ikibazo gikomeye cy’ubucye bw’ibikomoka kuri peteroli cyahuhuwe no kuba Amerika yarabujije ko ibikomoka kuri peteroli biva muri Venezuela – inshuti y’igihe kirere ya Cuba muri ako karere – ngo bijye muri icyo gihugu cy'ikirwa.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Intsinzi ya Real Madrid ni 'iy'uwo wese arwanya ivanguraruhu' – Tchouameni

    Vinicius Jr ari mu kibuga asa nk'uwishimira igitsindo

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Vinicius Jr yinjije igitsindo ca kabiri mu rukino rwa nijoro Real Madrid yatsinzemwo Benfica

    Intsinzi ya Real Madrid kuri Benfica yatumye ishika mu gice c’umunani gishira ica nyuma c’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere i Bulaya ni “intsinzi ku muntu uwo ari we wese arwanya ivangura ruhu”, nk’uko bivugwa n’umukinyi wo hagati, Aurélien Tchouaméni.

    Vinicius Jr avuga ko yabwiwe amajambo y’ivanguraruhuru n’umukinyi wa Benfica, Gianluca Prestianni, mu rukino rwa mbere hagati y’iyi mirwi, aho uyo musatirizi wa Real Madrid yinjije igitsindo kimwe rudende c’urwo rukino rwose.

    Bwari bugize incuro igira 20 abwirwa aya majambo y’ivanguraruhu kuva ashitse muri Real Madrid.

    Prestianni yahagarikiwe urukino rumwe, ibi bigasigura ko mu rukino rwo kwishura rwa nijoro atari gukina, nubwo wewe yisiguye avuga ko atigeze abwira uno Munyabrezili amajambo y’ivanguraruhu.

    Imbere y’uko uru rukino rwa nijoro rutangura, abafana ba Real Madrid barashigikiye Vinicius mu kwerekana icapa canditseko amajambo yo mu ki-Espagnol avuga ngo “turiyamirije ivanguraruhu”.

    Vinicius ari kandi ku rutonde rw’abinjije ibitsindo nijoro, aho yinjije igitsindo kigira kabiri ca Real Madrid, mu rukino rwarangiye uno murwi utsinze Benfica 2-1.

    Tchouaméni agira ati: "Nibaza ko hari ibintu bindi bikomeye gusumba uru rukino, gusumba umupira w’amaguru.

    "Nibaza ko bafashe ingingo nyayo kutemerera uno muhungu [Prestianni] gukina uru rukino.

    "Nk’uko nabivuze, hari ibintu bindi bikomeye gusumba umupira w’amaguru kandi iyi ntsinzi ni iya twese”.

    Vinicius amaze kuba ikimenyetso c’urugamba rwo kurwanya ivanguraruhu kw’isi yose, akaba adahengeshanya gusaba abategetsi gufata ingingo no gushiraho amategeko ngenderwako ruhasha.

    Ayandi makuru:

  5. Ni ngombwa kwubahiriza ubutegetsi n'ubusugire bwa RD Congo – Macron

    Macron ari kumwe na Tshisekedi, inyuma yabo hari abasirikare

    Ahavuye isanamu, Présidence RDC

    Ubufaransa bushimangira ko ari ngombwa kwubahiriza ubusugire n’ubwigenge bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo, nk’uko Perezida Emmanuel Macron yabibwiye mugenziwe Félix Tshisekedi, mu rugendo arimwo muri ico gihugu.

    Nk’uko ibiro vy’umukuru w’igihugu ca RD Congo bivyandika, Perezida Tshisekedi ari mu rugendo mu Bufaransa kuva ejo ku wa 25 Ruhuhuma (2), aho vyari bitegekanijwe ko we na Perezida Macron, bategerezwa kurabira hamwe ingene ibintu bimeze mu turere tw’ubuseruko bw’igihugu turi mu minwe y’inyeshamba za AFC/M23.

    Ku ruhande rwiwe, Perezida Macron yanditse ko ari ngombwa kwubahiriza ubutegetsi n'ubusugire bwa RD Congo, kandi ko ashigikiye utwigoro two kugarukana amahoro mu karere kose.

    Ati: “Ubufaransa bushigikiye utwigoro tw’ibiganiro mu ntumbero yo gutora inyishu irama ku bibazo bihanze akarere k’ibiyaga binini, guhagarika intambara, agahenge hamwe n’ukwubahiriza ubutegetsi bw’igihugu be n’ubusugire bwa RDC”.

    Bitegekanijwe kandi ko barabira hamwe ibijanye n’icemezo ca RD Congo co kurondera kwitoza mu kibanza c’umunyamabanga mukuru w’Ishirahamwe ry’ibihugu bikoresha ururimi rw’Igifaransa (OIF).

    Muri kino gihe iri shirahamwe rirongowe n’Umunyarwandakazi Louise Mushikiwabo kuva mu 2019.

    Ayandi makuru:

  6. Abanyafrika barenga 1700 bari kurwanira Uburusiya, bivugwa na Ukraine

    Abantu bambaye impuzu za gisirikare bafunze mu maso

    Ahavuye isanamu, INPACT

    Abanyafrika barenga 1700 ni bo bagiye gufasha Uburusiya mu ntambara yabwo muri Ukraine, nk’uko vyaraye bivuzwe n’umushikiranganji wa Ukraine ajejwe imigenderanire Andrii Sybiha asubirwamwi n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters, akavuga ko Moscou (ubutegetsi bw’Uburusiya) ikoresha ububeshi kugira ngo ibashore muri iyi ntambara.

    Ari kumwe na mugenziwe wa Ghana, Sybiha yavuze ko hari ibiganiro n’amareta y’ibihugu vya Afrika kugira ngo bibuze abanyagihugu bavyo kugwa muri iyi mitego.

    Mu kiganiro n’abanyamakuru, Sybiha yagize ati: "Turabona neza ko Uburusiya buriko bugerageza gukwegakwegera Abanyafrika muri iyi ntambara y’ubugome. Nk’uko ibiharuro vyacu bivyerekana, ubu hari abarwanyi 1780 bavuye ku mugabane wa Afrika barwana mu gisirikare c’Uburusiya”.

    Mu ntango z'uku kwezi, ikigo INPACT casohoye icegeranyo kivuga ko abarwanyi barenga 1.400 bavuye mu bihugu 35 vya Afrika hagati ya 2023 na 2025, kandi ko 316 muri bo baguye ku rugamba. Muri abo bapfuye harimo Abarundi batandatu.

    Sybiha wewe avuga ko abarwanyi b’Abanyafrika bava mu bihugu 36 ku mugabane wose.

    Abategetsi b’Uburusiya barahakana ko ata Banyafrika batwara mu buryo butemewe n’amategeko mu gisirikare cabwo. Ariko, ivyegeranyo bivuga ko bahendahendwa mu kwemererwa ubuzi bikaza kurangira barungitswe ku rugamba muri Ukraine.

    Umushikiranganji wa Ghana ajejwe imigenderanire Samuel Okudzeto Ablakwa na we nyene ni ko avuga, aho asubirwamwo na Reuters avuga ati: "Nta bumenyi baba bafise mu bijanye n’ivya gisirikare. Nta nyigisho bahawe. Bemerewe ivyo bemererwa, barahendwa hanyuma barungikwa ku rugamba”.

    Mu gihe Ghana yiteze kuzorongora Ubumwe bwa Afrika mu mwaka uza, umushikiranganji Ablakwa avuga ko igihugu ciwe kizoshigikira imigambi yo gukangurira abantu ivyerekeye imigwi ihendahenda abantu ikabashora mu gisirikare c’Uburusiya.

    Avuga ko ubu agiye gusaba Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine ko yorekura Abanya-Ghana babiri bapfunzwe, bafashwe barwanira Uburusiya.

    Izindi nkuru wasoma:

  7. Gen Sultani Makenga 'yarokotse' igitero cya 'drone' cyiciwemo abantu nibura icyenda

    Sultani Makenga

    Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

    Igitero cy'indege nto y'intambara itajyamo umupilote (drone) cyishe uwari umuvugizi wa gisirikare w'umutwe w'inyeshyamba wa AFC/M23, Lt Col Willy Ngoma, mu rukerera rwo ku wa kabiri, cyiciwemo abantu nibura icyenda ariko gihushaho gato umukuru wa gisirikare w'uwo mutwe, Jenerali (Gen) Sultani Makenga, wahunze nta nkomyi, nkuko abantu bane babibwiye ibiro ntaramakuru Reuters.

    Icyo gitero cyakubise hafi y'i Rubaya, mu burasirazuba bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC), agace k'ingenzi gakungahaye ku mabuye y'agaciro kagenzurwa na M23 mu ntara ya Kivu ya Ruguru ndetse kayinjiriza amafaranga menshi, gacukurwamo hafi 15% bya coltan icuruzwa ku isi, leta ya DRC iherutse gushyira ku rutonde rugufi rw'ibirombe yemereye Amerika muri gahunda y'amasezerano y'ubufatanye ku mabuye y'agaciro.

    BBC News Gahuzamiryango yagerageje kuvugana na M23 hamwe n'ingabo za DRC (FARDC) kuri iki gitero, kugeza ubu ntibirashoboka.

    Urupfu rwa Lt Col Ngoma rwabaye uguhuhura uko ibintu byari bimeze muri iyi ntambara, mu kwica uwo wagaragaraga cyane mu bategetsi bakuru ba M23, mu gihe imirwano yakajije umurego nubwo hari ibikorwa by'abahuza barimo na Qatar byo gutuma agahenge kemeranyijweho n'impande zombi gakurikizwa.

    Byinshi kuri iyi nkuru kanda hano: Sultani Makenga

  8. Zimbabwe yanse imfashanyo ya Amerika kubera impungenge ku makuru isaba yerekeye ibipimo

    Ubuvuzi

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Zimbabwe yanse imfashanyo y’imyaka itanu ya Amerika ijanye n’amagara y’abantu yotumye ironka imiriyoni 367 z’amadorari y’Abanyamerika kubera Washington isaba amakuru y’ibanga akomeye.

    Iyi ngingo yagiye ahabona inyuma y’urwandiko rwa reta rwacorotse rukaja ahabona muri Kigarama (12), rwerekana ko Perezida Emmerson Mnangagwa yumva ko aya masezerano arimwo agahaze.

    Umuvugizi wa reta asigura ko Amerika isaba ko ihabwa ibipimo vy’amaraso kugira ibikoreshe mu bushakashatsi no mu budandaji, ariko akavuga ko itipfuza gusangira ibizova muri ibi bipimo bishobora gufasha mu ncanco n’ubuvuzi muri kazoza.

    Mw’itangazo, Pamela Tremont aserukira Amerika muri Zimbabwe agira ati: "Ubu tugiye gufata iyi ngingo igoye kandi ibabaje yo guhagarika imfashanyo yacu mu vy’amagara y’abantu muri Zimbabawe”.

    Ibiro vy’ubuserukizi bwiwe bivuga ko Amerika yari imaze guha zimbamwe imfashanyo y’imiriyaridi zirenga 1.9 z’amadorari mu myaka 20 iheze.

    Ishirahamwe ry’abaganga muri Zimbabwe risaba ko haba ibindi biganiro kugira ngo haboneke amasezerano ashobora kwizerwa n’impande zompi kugira ngo umugambi wo kurwanya umugera wa SIDA ushobore kubandanya.

    Muri Kigarama, sentare nkuru y’igihugu ya Kenya yarahagaritse vy’agateganyo amasezerano asa n’aya reta yari yasinyiraniye na Amerika inyuma y’uko ishirahamwe ry’abaguzi ryituye ubutungane rivuga ko ritewe impungenge ku mutekano w’amakuru y’amagara y’abanyagihugu ba Kenya.

    Ayandi makuru hano:

  9. Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.