'Turasaba reta ko yodufasha uwacu akagaruka' – umuryango wa wa Murundi yafatirwa muri Ukraine

Ahavuye isanamu, United24
Umuryango wa wa Murundi yafatirwa muri Ukraine ari kurwana ku ruhande rw'Uburusiya basaba reta y'Uburundi ko yobafasha ikamugarukana mu gihugu.
Umwe muri uno muryango wiwe wabwiye BBC News Gahuzamiryango ko uno musore Jean-Bosco Akimana w'imyaka 32, yababwiye ko yari agiye mu Burusiya kwiga.
Ariko inyuma y'imyimenyerezo mikeya yo kurasa no gutera ibisasu ntezwantoke (grenade) yaciye arungikwa ku rugamba i Donesk muri Ukraine, nk'uko abivuga mu mashusho yatangajwe.
Uno wo mu muryango wiwe avuga ko yagiye muri Munyonyo (11) umwaka uheze wa 2025, ajana n'abandi Barundi hamwe n'abanya-Uganda, bose bari bazi ko bagiye kwiga.
Avuga ko amaze gushikayo bavuganye, ariko ko kuva ku musi ugira gatatu batigeze basubira kumuronka, kandi ko atababwiye igisagara yari aherereyemwo. Eka n'amakuru yiwe basubiye kuyumva kuri BBC Gahuzamiryango, nk'uko abivuga.
"Twosaba reta ko yomudushikiriza kuko yahenzwe akaja mu vyo atazi", niko yabwiye BBC.
BBC iracagerageza kurondera abategetsi b'Uburundi kuri iki kibazo c'Abarundi bajanwa mu Burusiya.
Amatohoza yerekana ko abantu barenga 1.400 bava mu bihugu 35 vya Afrika biyandikishije bakaja kurwanira Uburusiya muri Ukraine kuva mu mwaka wa 2023.
Icegeranyo c'amatohoza yakozwe n'ikigo INPACT cerekana ko 316 muri aba bamaze gupfa, kandi ko muri bo harimwo Abarundi batandatu.
Kuva bumaze kubona ko bwatakaje ingabo zitari nke muri iyi ntambara bwatanguje kuri Ukraine muri Ruhuhuma (2) 2022, Uburusiya bwaciye bushira inguvu mu kurondera abarwanyi mu mahanga.
Ni ibintu bikorwa mu mpisho, aho amayeri atandukanye akoreshwa mu kuresha Abanyafrika, bakabizeza ibintu vyinshi harimwo akazi keza, umushahara munini, amashure, canke uburyo bworoshe bwo gushobora gushika i Bulaya.
Eka no mu Burundi haravugwa amashirahamwe ahimiriza urwaruka rw'Abarundi kuja mu Burusiya, ahanini bakabizeza kwiga canke guhabwa akazi, mbere bamwe bagasabwa gutanga amafaranga kugira ngo batunganirizwe maze bashobore kugenda mu Burusiya.









