Umwana w'imyaka umunani yamaze iminsi itanu mu gahinga k'inyamaswa zirimwo n'intare

Ahavuye isanamu, Mutsa Murombedzi/Twitter
- Umwanditsi, Danai Nesta Kupemba
- Igikorwa, BBC News
Umwana w'umuhungu w'imyaka umunani yatowe ari muzima amaze iminsi itanu mu ruhongore kama rw'inyamaswa zirimwo intare (intambwe) n'inzovu mu buraruko bwa Zimbabwe, nk'uko vyamenyeshejwe n'umushingamateka.
Ivyo vyatanguye uwo mwana Tinotenda Pudu ariko arayerera muri urwo ruhongore rwa Matusadona Game Park ku birometero 23 (23km) avuye iwabo, nk'uko bivugwa n'umushingamateka w'intara ya Mashonaland West Mutsa Murombedzi ku rubuga X.
Yamaze iminsi itanu ''aryama ku gitandara c'ibuye gikirurutse, intare ziguma ziroha, inzovu ziguma zirengana, aho yatunzwe no kurya ivyamwa vyo mw'ishamba'', nk'uko uwo mushingamateka w'umugore avuga.
Urwo ruhongore rwa Matusadona rurimwo intare hafi 40. Rwarigeze kuba ari rumwe mu zifise intare nyishi cane muri Afrika, ku bw'ikigo kibikurikirana African Parks.
Murombedzi yavuze ko uwo mwana yakoresheje ubumenyi bwiwe bw'amashamba n'ukumenya kwibako kugira ntapfe.
Tinotenda yatunzwe no kurya ivyamwa vyo mw'ishamba. Akoresheje inkoni, yarimba kandi utunogo dutoduto aho inzuzi [ubu zakamye] zahora zica kugira ashikire amazi yo kunywa - ivyo bakaba bavyigishwa muri ako karere gakunze kubamwo uruzuba.
Abantu bo muri ako karere ka Nyaminyami barakoranije abantu bo kuja kurondera bakaja baravuza ingoma buri munsi kugira bamufashe kwumva iyo yotumbera mu kugaruka i muhira.
Ariko impera n'imperuka, abacungera uruhongore nibo bashoboye kumutora.
Ku munsi ugira gatanu muri ako gahinga, Tinotenda yumvise imodoka y'abo bacungera uruhongore aca yiruka agana iyo iri, ariko gatoya asanga irarenganye, nk'uko uwo mushingamateka yavuze.
Amahirwe yiwe, abo bakozi baragarutse, babona ''amakanda mashasha y'umuntu,'' baca bararondera muri ako karere gushika aho bamutora.
Urwo ruhongore rungana na 1,470km2 (rusumba incuro zitatu ishamba ry'Ikibira ryo mu Burundi) rukaba rurimwo imparage, inzovu, imvubu, intare n'impongo.
Ku mbuga hwaniro abantu bashimagije ingene uwo mwana yashoboye kwigwanako.
''Birenze ivyo umuntu ashobora kwibaza,'' niko umuntu umwe yanditse kuri X.
Uwundi yanditse ati: ''Azoronka inkuru iryoshe yo kuyagira abandi bana ni yasubira kw'ishure.''













