Amacakubiri muri football: Umurwi ukwiye gutsindwa impaga iyo abafana berekanye ivanguramoko - Infantino wa FIFA

Umunyegori wa AC Milan Mike Maignan yabanje kubwira umuhagarikizi Fabio Maresca ibitutsi yariko arabwirwa

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umunyegori wa AC Milan Mike Maignan yabanje kubwira umuhagarikizi Fabio Maresca ibitutsi yariko arabwirwa

Umukuru w’ishirahamwe mpuzamashirahamwe y’umupira w’amaguru kw’isi FIFA, Gianni Infantino, asaba ko hoshirwa mu ngiro ingingo y’uko umurwi utsindwa impaga iyo bishitse mu rukino abafana bawo bashikiriza ibitutsi bishingiye kw’ivanguramoko.

Avuze ibi inyuma y’ico yise ibintu “vy’agahomerabunwa” vyabaye ku wa gatantadu muri Udinese mu Butaliyano hamwe na Sheffield Wednesday mu Bwongereza.

Mu rukino rwahuje Udinese na AC Milan, umunyegori wa AC Milan, Umufaransa Mike Maignan yaravuye mu kibuga mu kwiyamiriza ibitutsi vy’ivanguramoko vy’abafana ba Udinese, akaba yabanje kubwira umuhagarikizi imbere yo kugenda, aho n’abakinyi bagenziwe baciye bamukurikira, imbere y’uko basubira mu kibuga haciye iminota mikeya.

Imbere y’aha, n’umukinyi wo hagati wa Coventry, Kasey Palmer, yavuze ko yabwiwe amajambo y’ibitutsi ashingiye kw’ivanguramoko mu rukino rwo kuri uwo wa gatandatu, aho yatsinze umurwi Sheffield Wednesday 2-1 wari muhira.

Aciye ku rubuga rwa X rwahoze rwitwa Twitter, Infantino yavuze ko hakwiye kuba ibindi bihano ruhasha.

Ati: "Hampande y’intambwe zitatu (urukino guhagarara, urukino gusubira guhagarara, urukino guhebwa burundu), ni ngombwa ko dushira mu ngiro ingingo y’uko umurwi utsindwa impaga iyo abafana bawo bakoze ivanguramoko bagatuma urukino ruhagarikwa burundu, kandi ntusubire no kwinjira mu bibuga mpuzamakungu, wongere urengutswe imbere y’ubutungane ukubitwe intahe mu gahanga ku caba c’ivanguraruhu”.

"FIFA n’umupira w’amaguru birahojeje abakorewe ivanguramoko hamwe n’ubundi bwoko ubwo ari bwo bose bw’ikumirwa. Twivuye inyuma: turiyamirije ivanguraruhu! Turiyamiriza amacakubiri ayo ari yo yose!

"Ivyabaye i Udinese na Sheffield ku wa gatandatu ni agahomerabunwa kandi ntibishobora kwihanganirwa. Ndahojeje cane abakinyi bakozweko n’ivyabaye ku wa gatandatu.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

"Dukeneye ko abafise uruhara bose bofata ingingo, kuva ku nyigisho mu mashure kugira ngo abo muri kazoza batahure ko ibi ata kibanza bifise mu mupira w’amaguru canke mu mibereho yacu”.

Inyuma y’aho umunyegori Maignan yumviye igice kimwe c’abarorerezi bari mu kibuga Stadio Friuli kimutuka mu gukoresha mu kuvuga imvugo y’inguge, yaciye asohoka ava mu kibuga. Abakinyi ba AC Milan baciye bamukurikira imbere yo gusubira mu kibuga bagatsinda uru rukino kuri 3-2.

Uno munyegori w’imyaka 28 yabwiye imboneshakure Milan TV ati: "Ibi ntivyari bikwiye kuba mu mupira w’amaguru, ariko ikibabaje ni uko ari ibintu vyama bigaruka kuva kera na rindi.

"Mu gihe za kamera (cameras) zose ziba zabibonye kandi n’ibihano bikaba bitegekanijwe, ni ngombwa ko haba igikozwe kugira ibintu bihinduke."

Avuga ko yipfuza ko haba ibihano ruhasha "kuko amajambo gusa ntaco amaze.

"Twese dutegerezwa kuvira hasi rimwe, ni ngombwa ko tugira ico dukoze kuko ntushobora gukina nk’uku."

Imirwi AC Milan n’umukeba wayo Inter Milan, yompi yahojeje Maignan ku mugaragaro, ihiganwa ry’Ubutaliyano naryo Serie A rikavuga ko "ryiyamirije ivangura iryo ari ryo ryose", nayo umusatirizi w’Ubufaransa Kylian Mbappé akavuga ati "Aho vyabereye ni kera".

Maignan yarakajwe n'ivanguraruhu yakorewe ku wa gatandatu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Maignan yarakajwe n'ivanguraruhu yakorewe ku wa gatandatu

Uwahoze ari umusatirizi w’Ubwongereza na Arsenal Ian Wright arashima ingene abakinyi ba AC Milan bamufshe “mu mugongo” aca atera akamo n’iyindi mirwi “kuzohora isohoka ikava mu kivuga” igihe cose izoba yumvise ibitutsi nk'ibi, yongera asaba ko hafatwa ibihano ruhasha.

Nayo mu Bwongereza, ivyabaye kuri Palmer vyatumye urukino ruhagarara mu kiringo c’iminota itari mike mu gihe abahagarikizi b’uru rukino bariko bavugana n’abamenyereza b’ino mirwi yompi.

Igipolisi kivuga ko kizokora amatohoza kugira kimenye ingene vyagenzecongere kimenye ababikoze.

Wednesday yemeje ko ibi vyakozwe n’umuntu yari mu barorerezi kandi ko umuntu uw’ari we wese “azokwagirwa n’icaha azohanwa bimwe vy’akarorero”.

Palmer avuga ko ata cizere afise ko ibintu bishobora guhinduka, aho yanditse kuri X ati: "Ivangura ni ibiterasoni…nta kibanza rifise kw’isi, nkeswe rero mu mupira w’amaguru”.

"Ndi umwirabure kandi ndavyishimiye kandi ndiko ndarera abana banje batatu kugira ngo bazobe nkanje. Mvugishije ukuri, numva umengo ibintu ntibishobora guhinduka, uko twogerageza kwose.

"Akarwi k’abafana bari ku rushi baririmba indirimbo z’inguge ntibisobanura ko ari yo ngendo y’abafana – ndishimiye urukundo banyeretse n’ingene banshigikiye”.

Ishirahamwe rirwanya ivangura Kick It Out na ryo ryahojeje Palmer na Maignan.

Itangazo ryasohoye rivuga riti:"N’aho abategetsi n’imirwi guhana ababifisemwo uruhara, ariko mu gihe imirwi idashoboye guhagarika ibi bintu, na yo nyene ikwiye kubona ingaruka zavyo.

"Turashima ibihano ruhasha nk’uko bisabwa na FIFA.

"Abakinyi si bo bategerezwa gutorera umuti iki kibazo. Ntitwashaka kubona ibintu nk’ibi, ariko bamaze kwerekana ubutwari mu mubabaro n’ihahamuka bikomeye. Bakeneye gufatwa mu mugongo mu bikorwa, atari mu majambo gusa”.