Ihiganwa ryari irya Ronaldinho, Ronaldo, Cristiano na Messi uyu munsi ni iry'ivanguramoko - Vinicius

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umusatirizi wa Real Madrid Vinicius Jr avuga ko ihiganwa ry’umupira w’amaguru rya Espagne "La Liga ubu riri mu minwe y’ivanguraruhu " inyuma y’aho asubiriye gutyozwa n’abafana b’abakeba mu gihe c’urukino rwo ku wa Mungu.
Uyu musore w’umunya-Brezili w’imyaka 22 yahawe ikarata itukura ku nyifato itemewe mu rukino ku munota wa 97 igihe umurwi wiwe watsindwa 1-0 na Valencia mw’ihiganwa La Liga inyuma yo gushwana na Hugo Duro.
Imbere y’aha muri uru rukino, Vinicius, n’uburakari bwinshi, yari yagerageje kwereka umuhagarikizi inyifato y’abafana ba Valencia.
Vinicius yanditse ku rubuga rwa Instagram ati: "Ihiganwa ryahoze ari irya Ronaldinho, Ronaldo, Cristiano na Messi uno musi ni iry’ivanguraruhu.
"Ntibwari bwo bwa mbere, canke ubwa kabiri, canke ubwa gatatu. Ivanguraruhu ni ikintu gisanzwe muri La Liga. Iri higanwa ryibaza ko ari ikintu gisanzwe, co kimwe n’abajejwe ishirahamwe ry’umupira w’amaguru, kandi abakeba bararihimiriza.
"Igihugu ciza, canyakiriye kandi nkunda, ariko cemeye gushora hanze isura y’igihugu irangwa n’ivanguraruhu kw’isi. Ndababajwe n’abanya-Espagne batavyemera, ariko uno musi, muri Brezili, Espagne izwi nk’igihugu c’abantu barangwa n’ivanguraruhu.
"Hanyuma ikibabaje, ni uko ku bintu vyose biba buri ku ndwi, nta n’umwe mfise amvugira. Ndavyemera. Ariko ndiyemera kandi tuzohigura n’abagendera amacakubiri. N’aho hazoba ari kure ya hano”.
BBC Sport yamenye ko abafana babiri batyoje Vinicius bakoresheje amajambo y’ivangura bamenyekanye kandi ko Valencia igiye kubabuza burundu gusubira kwinjira mu kibuga.
Muri uno mwaka w’inkino, Vinicius yarabangamiwe n’ivanguraruhu incuro zitari nke.
Mw’itangazo, La Liga ivuga ko izokora amatohoza yongere ifate “n’ingingo irekurirwa n’amategeko” mu gihe hogaragara icaha c’urwanko, ikanasaba abantu gutanga amashusho yofasha.
Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa Twitter, umukuru wa La Liga Javier Tebas yavuze ko Vinicius yanse kwitaba incuro zibiri inama yo kwihweza icokorwa mu gihe habaye ibikorwa vy’ivanguraruhu.
Tebas ati: "Imbere yo kunegura no gucafuza La Liga utegerezwa kurondera amakuru nyayo”.
Vinicius aranegura ubu butumwa bumwifatira mu gahanga aho kurwanya “ivanguraruhu”, akavuga ko yipfuza ko La Liga ifata “ingingo igahana n’abakora ivangura”.
'Ikibuga cose’ kiririmba ibitutsi vy’ivangura’ - Ancelotti

Ahavuye isanamu, Getty Images
Urukino rwo ku wa Mungu rwarahagaritswe akanya gato mu minota ya 70 igihe Vinicius yagerageza kwerekana abafana yavuga ko bariko baramutyoza.
Yigijwe inyuma n’abakinyi bagenziwe be n’aba Valencia, imbere y’uko avugana n’umuhagarikizi Ricardo de Burgos hamwe n’umumenyereza wa Real Madrid, Carlo Ancelotti.
Mu nyuma Vinicius yahawe ikarata itukura yatumye ava mu kibuga, ubwa mbere kuri we muri La Liga, ku ruhara yagize mu mishamirano yabaye hagati y’imirwi ibiri y’abakinyi.
Ancelotti ati: "Ivyo twabonye ni ibintu bidashobora kwihanganirwa – aho ikibuga cose kiririmba ibitutsi vy’ivanguraruhu.
"Si ngishaka kuvuga ivyerekeye umupira w’amaguru uno musi. Nta kamaro ko kuvuga ivya football uno musi. Nabwiye umuhagarikizi ko yategerezwa guhagarika urukino.
"La Liga irafise ingorane. Kuri jewe, Vinicius ni we mukinyi wa mbere ngirakamaro kw’isi. Ibi bintu vy’ivanguraruhu bikwiye guhagarara.
"Ni ikibuga cose kiriko kiratuka umukinyi mu gukoresha amajambo y’ivanguraruhu kandi urukino rutegerezwa guhagarara. Nari kuvuga nk’ibi nyene n’iyo tuza kuba twatsinze 3-0. Nta bundi buhinga”.
Ancelotti avuga ko inyifato ya Vinicius "yumvikana" mu bihe nka birya.
Ati: "Naramubajije nimba yumva yari kubandanya akina, hanyuma aguma mu rukino.
"Vinicius arashavuye cane, ararakaye. Ikintu nk’iki ntigikwiye kubaho muri ino si tubamwo".
Ejo ku wa mbere, Real Madrid yasohoye itangazo ivuga ko “igaye cane” ityozwa rishingiye kw’ivanguraruhu ryakorewe Vinicius.
Yongerako iti: "Real Madrid ifata ko ibitero nk’ibi ari kandi icaha c’urwanko, ari na co gituma yandikiye ibiro vy’umushikirizamanza mukuru, mu kwiyamiriza ivyaha vy’urwanko n’amacakubiri, kukigra ngo ivyabaye bikorweko amatohoza maze ababikoze babihanirwe."
'Iki ni ikintu kidakunze kuba' - Valencia
Valencia ivuga ko izotohoza kandi igafata “ingingo ruhasha zishoboka”.
Itangazo ry’uyu murwi rivuga riti: "Valencia CF yipfuje kwiyamiriza ku mugaragaro ibitutsi, ibitero ivyo ari vyo vyose canke ico cose cotesha agaciro umuntu mu mupira w’amaguru.
"N’aho iki ari ikintu kidakunze kuba, ibitutsi ku mukinyi w’umurwi muhanganye nta kibanza bifise mu mumpira w’amaguru kandi ntibijanye n’imico n’akaranga vya Valencia CF."
La Liga ivuga ko yagiye ifata ingingo kw’ityozwa rishingiye ku rukoba ryakorewe Vinicius, kandi ko ryurugije imanza icenda mu myaka y’inkino ibiri iheze muri Espagne.
Umukuru wa Fifa Gianni Infantino avuga ko yifatanije cane na Vinicius yerekanye n’aho iri shirahamwe rijejwe umupira kw’isi rihagaze ku bintu nk’ivyabaye muri Valencia.
Ati: "Ica mbere, hagarika umupira. Ica kabiri, abakinyi bava mu kibuga hanyuma uwujejwe amatangazo akamenyesha ko mu gihe ibi bitero vyobandanya, urukino ruhagarikwa.
"Urukino rurasubira gutangura, hanyuma, ica gatatu, mu gihe ibi bitero vyobandanya, urukino rurahagarara hanyuma amanota atatu agahabwa umurwi w’abakeba. Aya ni amategeko akwiye gukurikizwa mu bihugu vyose mu mahiganwa yose.
"Biragaragara ko ari ibintu vyoroshe kuvuga ariko bigoye gushira mu ngiro, ariko ni ngombwa ko tubikora kandi ni ngombwa ko tubishigikira biciye mu nyigisho”.
'Abategetsi ntaco bamufasha' - Ferdinand

Ahavuye isanamu, Rex Features
Uwahoze akina inyuma mu murwi nserukiragihugu w’Ubwongereza no muri Manchester United Rio Ferdinand yanditse kuri Instagram ati: "Ni ngombwa gukingira abantu…ni nde akingira Vinicius Junior muri Espagne??
"Ni kangahe dukeneye kubona uyu musore akorerwa ibi? Mbona umubabaro, mbona amahano, mbona akeneye ubufasha ... kandi abategetsi ntaco bamufasha.
"Abantu bategerezwa kuja hamwe bagasaba ko abategetsi bajejwe uru rukino bagira ico bakoze.
"Nta n’umwe yategerezwa gukorerwa ibi, ariko ntaco bibabwiye. Ni ngombwa ko haba inzira ihuriyeko bose yo kukirwanya ahandi hoho kazosubira kabe akamizwe n’ingoma”.
Thibaut Courtois umunyegori wa Real avuga ko yumvise amajambo amwe yavuga ngo "inkende” inyuma y’iminota 20.
Courtois yabwiye ikinyamakuru Movistar ati: "Mu gihe Vini yoshaka kubandanya akina, turabandanya dukina, ariko ari nka hamwe Vini yovuga ko atabandanya akina, na jewe nca mva mu kibuga kuko ntidushobora kwihanganira ibi bintu”.
Umukuru w’ishirahamwe rijejwe inkino muri Brezili (CBF) Ednaldo Rodrigues avuga ati: "None ibintu nk’ibi twabonye, hagati mu kinjana ca 21, kandi muri La Liga, tuzobibamwo gushika ryari?
"Kiremwamuntu azobandanya arabisha amaso kandi yica amatwi ibikorwa vy’ubugome vy’ivanguraruhu gushika ryari?"
Juan Castro, umunyamakuru wa Marca yariko ararorera urwo rukino, yabwiye BBC ati: "Abafana ba Valencia baratyoje Vinicius bamwita inkende.
"Turafise ingorane muri football ya hano muri Espagne kandi dutegerezwa kuyitorera umuti. Bubaye ubugira cumi ibi bintu bibaye kuri Vinicius.
"Kumbure inyishu ni uguhagarika umupira. Kumbure inyishu ni uko Vinicius afata ingingo yo kutazosubira mu kibuga. Kumbure iyi ishobora kuba ari yo nyishu yotuma abantu batahura ko badashobora kubandanya bifata uku mu kibuga c’umupira w’amaguru”.
Umukuru w’igisata kijejwe abakinyi mw’ishirahamwe rirwanya ivanguraruhu Kick It Out, Troy Townsend, avuga ko ubuzima bwa Vinicius butariko burakingirwa kandi ko ibi bitegerezwa guhinduka.
Yongerako ati: "Vinicius Jr amaze gukorerwa ivanguraruhu incuro nyinshi muri uno mwaka w’inkino mu gihe gusa aba ariko arakina umupira w’amaguru muri Real Madrid, kandi vyarenze inkombe. None vyoreka kuba gute? Ikibabaje kandi ni uko abarongoye umupira w’amaguru muri Espagne ni ukumunegura gusa”.
"Abakora iri vanguraruhu riteye ubwoba kandi ribandanya bategerezwa guhanwa kandi bagahagarikwa n’imirwi. Imirwi itegerezwa kurengutswa kandi igahanwa na La Liga.
"Abategetsi ba Espagne bategerezwa gufata ingingo zindi kuri iki kibazo. Gushika ubu nta kigenda".
Ityozwa rishingiye kw’ivanguraruhu Vinicius yakorewe muri uno mwaka
- Ukw’icenda 2022 – Bamwe mu bafana ba Atletico Madrid baririmbiye Vinicius indirimbo z’ivanguraruhu hanze y’ikibuga cabo Wanda Metropolitano imbere y’uko ikina na Real Madrid. Mu nyuma Atletico Madrid yaravyiyamirije ivuga ko ari indirimbo “zidashobora kwihanganirwa” zaririmbwe “n’inkehwa” z’abafana.
- Ukw’icenda 2022 – bamwe mu bahinga muri Espagne baranegura ingene Vinicius yigina iyo yinjije igitsindo, mu gutamba afashe akabendera ko mu mfuruka y’ikibuga. Yishura avuga ko “umunezero w’umwirabure wa Brezili i Bulaya” ari wo utuma haba ivyo kubegura.
- Ukwa cumi na kabiri 2022 - Vinicius asa n’uwatyojwe n’amajambo y’ivangura muri Valladolid igihe yasubirizwa agaca imbere y’abafana. La Liga ivuga ko yuguruje urubanza kuri iri tyozwa rya Vinicius rishingiye ku ruhu.
- Ukwa mbere 2023 – igishusho c’uyu mukinyi wo ku ruhande wa Real Madrid caramanitswe ku kiraro kiri hafi y’ikibuga c’imyimenyerezo imbere y’urukino na Atletico Madrid mw’ihiganwa ry’igikombe c’Umwani (Copa del Rey). Atletico yavuze ko ivyabaye ari “agahomerabunwa”.
- Ukwa kabiri 2023 – abafana ba Mallorca bafashwe amashusho bariko baratuka uyu munya-Brezili bitwaje ivanguraruhu mu rukino yakina na Real.
- Ukwa gatatu 2023 - La Liga yavuze ko "inyitafo y’ivanguraruhu idashobora kwihanganirwa yakorewe Vinicius yasubiye kwibonekeza” mu rukino na Barcelona kandi yabimenyesheje igisata ca Barcelona kijejwe amatohoza.
- Ukwa gatanu 2023 - Vinicius yakorewe ivangurahuru n’abafana ba Valencia.













