France: Inama nshingamateka yahagaze kubera umushingamateka yavuze ngo ‘subira muri Afrika’

Inama nshingamateka

Ahavuye isanamu, Reuters

Na Patrick Jackson & Merlyn Thomas

BBC News, London

Ikoraniro ry’inama nshingamateka y’Ubufaransa ryahagaritswe inyuma y’aho umushingamateka wo ku ruhande rw’abagendera ku vyiyumviro bikaze vyo gushira imbere inyungu z’igihugu (Far-right/ Extrême droite) avugirije induru avuga ngo “ni basubire iwabo muri Afrika”, hari mu gihe mugenziwe w’umwirabure yavuga ibijanye n’abimukira.

Mu nyuma Grégoire de Fournas, umunywanyi w’umugambwe Rassemblement National (RN) yahavuye avuga ko amajambo yiwe atari ayo kwifatira Carlos Martens Bilongo ubwiwe, ariko ko yari ayo kwiyamiriza abimukira bagerageza kwinjira i Bulaya baciye mu kiyaga.

Bilongo yavuze ko yavukiye mu Bufaransa kandi ko ayo majambo “ateye isoni”.

Umushikiranganji wa mbere Elisabeth Borne avuga ati "amacakubiri nta kibanza afise ".

Ibiro vy’inama nshingamateka bishobora gukorana kuri uno wa gatanu kugira ngo “bifate ibihano bikenewe”, nk’uko umunyaporitike yigenga yabibwiye abanyamakuru.

Bilongo yari amaze igihe atera akamo reta ku bijanye n’igisabo c’ishirahamwe ritegamiye reta SOS Méditerranée risaba ko horonderwa ikibanza co gushikizamwo abimukira 234 baherutse kurokorwa mu kiyaga mu misi iheze.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Igihe umushingamateka de Fournas yavuga aya majambo, umukuru w’inama nshingamateka, Yael Braun-Pivet, yaciye arondera kumenya uwari ahejeje kuvuga.

Niho, mu gihe abashingamateka biha akaruru bavuga bati “Hanze! Hanze! Hanze!”, yaciye ahagarika inama, avuga ati: “Ibi ntibishoboka”.

Bilongo, umushingamateka wo mu mugambwe La France Insoumise (LFI), avuga ati: "Uno musi wagarutse kw’ibara ry’urukoba rwanje. Navukiye mu Bufaransa, ndi umushingamateka w’umufaransa”.

De Fournas yagerageje kwisigura, avuga ko yashatse kuvuga “ubwato butwara abantu i Bulaya” ariko mu nyuma aza gusaba imbabazi Bilongo kubera “ukutumvikana” amajambo yiwe yateje n’umubabaro yoba yamuteye.

Umukuru w’umugambwe LFI Jean-Luc Mélenchon yanditse kuri Twitter ko amajambo y’uyo mushingamateka "arengeye urugero rwo kubabarirwa" kandi ko yategerezwa kwirukanwa mu nama nshingamateka.

Ikibazo c’abimukira caribonekeje cane mu gihe c’imyiyamamazo mu matora y’umukuru w’igihugu n’abashingamateka mu mugambwe RN uno mwaka, aho umukuru w’uyo mugambwe Marine Le Pen yemereye abanywanyi biwe ko hoba kamarampaka ku ngingo zo kugabanya abimukira mu gihe yoba umukuru w’igihugu.

Mu matora y’abashingamateka mu kwa gatandatu, uyu mugambwe wararwijije ibibanza incuro cumi mu nama nshingamateka, aho waronse intebe 89.