France: mu bisa n'ivanguraruhu, igishusho c'umucakara w'umwirabure casibanganijwe

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Igishusho c'umucakara c'umugore mu gisagara ca Bordeaux mu Bufaransa casizwe ibirangi vyera, mu bisa n'igitero gishingiye kw'ivanguraruhu, nk'uko bivugwa n'abategetsi b'iki gisagara.
Iki gishusho ni ica Modeste Testas, umucakara yakomoka muri Africa yashikanywe muri Bordeaux n'umuryango w'abazungu mu kinjana ca 18. Mu nyuma yahavuye aronka ubwigenge.
Mu gatondo k'ejo ku wa mbere, niho bavyutse basanga bagisize ibirangi, ariko ubu carahanaguwe.
Abategetsi b'igisagara ca Bordeaux bavuga ko bagiye gushingisha urubanza, bavuga ko ivyabaye "bishobora kuba bishingiye kw'ivanguraruhu".
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga.
Testas yahavuye arungikwa gukora mu mirima y'ibikaju mu mazinga ya Karayibe (Caraïbes/Caribbean) muri Hispaniola (ubu yitwa Haiti).
Mu nyuma, yajanywe muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika avamwo ahabwa ubwigenge inyuma y'aho umufaransa yegukira apfiriye. Yahavuye asubira mu burengero bwa Hispaniola, ari naho yasandabiye afise imyaka 105.
Igishusho ca Testas cubatswe mu 2019. Iki gikorwa ni kimwe mu twigoro tutari duke two gutorera umuti ikibazo ca kahise k'ubukoloni ka Bordeaux, kimwe mu bibanza bikuru bikuru vyagurishirizwamwo abacakara.
Umujenama ajejwe umurage, Stéphane Gomot, avuga ko vyoba ari ibintu bibabaje cane mu gihe vyogaragara neza ko ivanguraruhu ari ryo ryatumye haba "iki gitero c'agahomerabunwa ku bintu vyose iki gishusho cerekana", harimwo "ukwibuka abantu bangajwe n'abakora uru rucuruza rw'abacakara ruteye kubiri n'amatekego".










