Black Wall Street: Abarokotse ubwicanyi bwa 1921 muri US bemeye ubwenegihugu bwa Ghana

Abacikacumu babiri b'ubwicanyi bwakorewe abirabure mu 1921 mu gisagara ca Tulsa co muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika bemeye kuba abenegihugu ba Ghana.
Viola Fletcher w'imyaka 107 na musazawe Van Ellis w'imyaka 100 bambitswe ingori z'icubahiro bavuze bati: "Turavyemeye n'umunezero ntangere kandi turashimiye umukuru w'igihugu kuri rino teka aduteye".
Muri kino gihe, bari mu rugendo muri Ghana mu rwego rwo kuzunguruka Afrika, mu ntumbero yo kwibuka imyaka ijana irangiye habaye ubu bwicanyi bwiswe Tulsa Race Massacre (Ubwicanyi bwa Tulsa bushingiye ku rukoba).
Abirabure bababa 300 baba mu gisagara cariko kiratera imbere ca Greenwood, ico gihe kikaba cari kizwi kw'izina rya "Black Wall Street" i Tulsa, mu ntara ya Oklahoma, baragandaguwe, amaduka hamwe n'amazu yabo birasamburwa n'akarwi k'inkorabara z'abazungu.
Viola Fletcher, azwi nka Mama Fletcher na musazawe Van Ellis, azwi nka "Uncle Red" bari muri Ghana kuva ku wa gatandatu w'indwi iheze, bagendera ibibanza vya kahise, harimwo na Osu Castle Dungeon, aho Abanyafrika bagizwe abagurano babikwa imbere yo kwurizwa ubwato batwarwa hanze muri ca gihe c'igurishwa ry'abacakara.
Bakorora amosozi, bashikirije ijambo berekana amabi y'ubucakara, banasaba ko Afrika yoja hamwe.
Bashize urugori rw'amashurwe ku mva ya William Edward Burghardt Du Bois azwi ku mpfunyapfunyo ya « W. E. B. Du Bois », umunyamerika akomoka muri Afrika yaharaniye agateka k'abanyafrika, banagendera n'umukuru w'igihugu Nana Akufo-Addo.
Aba bahumure bavuga ko bahisemwo kugendera Ghana kugira "giserukire Afrika".
Ku wa gatatu, baragendeye abanyagihugu bo mu bwoko bw'aba Igbo ba Nigeria bari muri Ghana, aho bambitswe ingori z'icubahiro.













