Ubufaransa bugiye kwubaka icibutso c'umugore w'umwirabure yarwanije ubucakara

Umukuru w'igisagara ca Paris Anne Hidalgo yuguriye icese ikibanza citiriwe Solitude ejo ku wa gatandatu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umukuru w'igisagara ca Paris Anne Hidalgo yuguriye icese ikibanza citiriwe Solitude ejo ku wa gatandatu

Ubufaransa bugiye kwubaka icibutso w'umugore w'umwirabure yarwanije ubucakara mu 1802 mw'izinga ry'u Bufaransa rya Guadeloupe muri Karayibe.

Uyu mugore yiswe Solitude yarafashwe, bikavugwa ko yoba yaranyonzwe.

Mu gihe yariko yugurura ikibanza camwitiriwe ejo ku wa gatandatu, umukuru w'igisagara ca Paris Anne Hidalgo yavuze ko uyu mugore Solitude ari "incungu", akaba n' "ikimenyetso gikomeye".

Akahise k'u bufaransa kajanye n'ubucakara kariko karihwezwa gushasha, cane cane bivuye kuri ya myiyerekano yo muri rya sekeza rya Amerika bise Black Lives Matter (Ubuzima bw'umwirabure ni kirumara).

Hari igikorwa co gukubitiza agatima mpembero ku bijanye no kwibuka abantu bagize uruhara rukomeye mu bukoloni. Aha twovuga nk'umunyapolitike yari akomeye mu kinjana ca 17 azwi kw'izina rya Jean-Baptiste Colbert, akaba ari we yanditse amategeko agenga ubucakara.

Uyu aribukirwa ku gishusho camwitiriwe hanze y'inyubakwa y'inama nshingamateka y'u Bufaransa i Paris.

Ariko Perezida Emmanuel Macron ararwanya umugambi wo kurandura ivyibutso canke amazina y'abantu basanzwe baragize uruhara muri kahise kabi, ahubwo akabona ko vyari gufasha "kwiga neza ivyaranze kahise k'igihugu".

Solitude yari nde?

Ishirahamwe Unesco rivuga ko ata vyinshi bizwi kuri we, uretse inyandiko imwe gusa imuvugwako muri kahise ka Guadeloupe mu kinjana ca 19.

Iyi nyandiko ivuga ko Solitude, umugore w'imvange, yahagaritswe ari mu "karwi k'abagumutsi" igihe haba imigumuko yo kwiyamiriza ubucakara - bwari bwasubijweho na Napoleon kandi bwari bwahagaritswe mu gihe ca Revorisiyo y'abafaransa (Revolution Francaise).

Yaciriwe urubanza rwo gupfa nk'uko kahise kabivuga, ariko bamuha uburenganzira bwo kuvyara imbere y'uko batangura "kumuboreza igufa" - amajambo adasobanutse neza ashobora kuba yakoreshejwe mu gusigura ko yishwe koko, abanje kubabazwa cane kugira bibere akarorero abandi.

Solitude yaje kuvugwa mu gitabo canditswe mu 1972 n'umwanditsi w'umufaransa André Schwarz-Bart kandi hakaba hari n'igishusho bamaze kumwubakira mu gisagara ca Les Abymes, muri Guadeloupe.

Ikibanza citiriwe Solitude (Jardin de Solitude) kiri hafi y'ikibanza citiriwe Jenerali Catroux (Place du Général Catroux) mu buraruko bushira uburengero bw'igisagara ca Paris, ahazokwubakwa igishusho ciwe.

N'aho igishusho c'umugore w'umwurabure ari ikintu c'imbonekarimwe ku mugwa mukuru w'u Bufaransa, sico kizoba kibaye ica mbere.

Kizoba gikurikiye ikindi gishusho c'uwitwa Josephine Baker (1906-75), umunyamuziki w'umunyamerikakazi yafashe akabira k'Ubufaransa, azwi cane nk'umwe mu Bafaransa bishize hamwe kugira ngo barwanire igihugu cabo mu gihe cari cifatiwe n'aba Nazi muri ya ntambara ya Kabiri y'Iisi yose. Uyu yarubakiwe icibutso, anategurirwa n'ikibanza camwitiriwe.