Umutegetsi mushya w'ikirenga wa Iran yemeje gukomeza gufunga umuhora wa Hormuz mu itangazo rye rya mbere
Umutegetsi mushya w'ikirenga wa Irani yiyemeje gukomeza gufunga umuhora wa Hormuz, inzira y'ingenzi y'amato, mu itangazo ryasomwe n'umunyamakuru kuri televiziyo ya leta.
Incamake
- Rwanda: APR Basketball Club "yivanye mu irushanwa rya BAL" ry'uyu mwaka
- Trump avuga ko Amerika yunguka 'amafaranga menshi' iyo ibiciro by'igitoro bizamutse
- Khamenei: Irani 'izihorera' abaturage baguye mu ntambara
- Iran ikwiye gukomeza kwibasira inzira y'umuhora wa Homuz - Khamenei
- Israel: Abantu 179 bakomeretse mu masaha 24 ashize
- Ubutumwa bwa mbere bw'Umuyobozi w'Ikirenga mushya wa Irani bugiye gutangwa vuba - televiziyo ya leta
- Video: Reba uko ubwato bwangiritse ku nkombe za Iraq nyuma y'ibitero bya Iran
- UK: Imbuga nkoranyambaga zasabwe gukaza ingamba zikumira abana bari munsi y'imyaka 13
- Indwi ya mbere y'intambara yatwaye imiriyaridi $11.3, nk'uko abategetsi ba gisirikare babibwiye abashingamateka
- Amavubi y'u Rwanda yagaruye umutoza wayasezeye mu myaka 11 ishize
- Haramaze kuba ibitero 16 ku bwato kuva intambara itanguye muri Iran – UKMTO
- Ivyononekaye hirya no hino mu Buseruko bwo Hagati inyuma y'ibitero vyabaye mw'ijoro
- Havuzwe ibindi bitero vya iran muri Irak, Bahrain, no muri Oman
- Trump avuga ko ibiciro bya peteroli bizagabanuka 'kurusha ibyo umuntu wese ashobora kwiyumvisha'
- Imyuzure n'inkangu byishe abantu barenga 60 mu majyepfo ya Ethiopia
- Umuhungu wa Robert Mugabe yatunguranye mu rukiko muri Afurika y'Epfo
- Senegal: Abashingamateka bemeje itegeko rishasha rikuvye kabiri ibihano k'ubutinganyi
- FBI yaburiye ko Iran ishobora kugaba igitero i California muri Amerika
- Igiciro c'igitoro cashitse ku madolari 100 ku kagunguru
- DR Congo ivuga ko hatangiye iperereza ku gitero cyiciwemo umukozi wa UNICEF i Goma
Amakuru y'ikibiriraho
Chançard Abimana, Didier Bikorimana, Gisèle Berwa ,Samba Cyuzuzo & Dinah Gahamanyi
Rwanda: APR Basketball Club “yivanye mu irushanwa rya BAL” ry’uyu mwaka

Ahavuye isanamu, APR BBC
Insiguro y'isanamu, APR BBC mu irushanwa rya BAL mu 2024 Ishyirahamwe ry’umupira w’amaboko wa Basketball ryatangaje ko ikipe ya RSSB Tigers ari yo izahagararira u Rwanda mu mikino ya Basketball Africa League (BAL) izatangira mu mpera z’uku kwezi i Pretoria muri Afurika y’Epfo.
Ni “nyuma y’icyemezo cya APR Basketball Club cyo kwikura muri iri rushanwa”, nk’uko FERWABA ibivuga mu itangazo.
APR ni yo yari kuzakina umukino wa mbere w’iri rushanwa rya gatandatu(6) uyu mwaka ikina na Al Ahly yo muri Libya.
Nta mpamvu iratangazwa yatumye iyi kipe yabaye iya mbere mu Rwanda yikura muri iri rushanwa ry’amakipe yabaye aya mbere muri shampiyona z’ibihugu muri Afurika ritegurwa ku bufatanye na NBA yo muri Amerika.
Ibinyamakuru bimwe byahuje kuva muri iri rushanwa kw’iyi kipe y’ingabo z’u Rwanda n’ibihano leta ya Amerika iheruka gufatira bamwe mu bakuru b’ingabo z’u Rwanda ibashinja gufasha umutwe wa M23 mu burasirazuba bwa Congo.
BAL na APR BBC nta cyo baravuga ku mugaragaro ku kuva muri iri rushanwa.
Muri uyu mwaka, BAL sizeni ya gatandatu izakinwa mu bice bibiri;
- Kalahari Conference (i Pretoria) ari nayo APR BBC yagombaga kwitabira
- Sahara Conference i Rabat muri Morocco izatagira mu kwezi gutaha
Imikino ya nyuma (finals) iteganyijwe i Kigali mu Rwanda muri Gicurasi(5).
Izindi nkuru wasoma:
Trump avuga ko Amerika yunguka 'amafaranga menshi' iyo ibiciro by'igitoro bizamutse

Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Donald Trump, aganira n'abanyamakuru muri Maryland ninjoro Donald Trump yanditse ku mbuga nkoranyambaga avuga ko Amerika izungukira mu izamuka ry’ibiciro by’igitoro ku isi.
Ibi Trump yabivuze mu gihe itangazo ry’umuyobozi w’ikirenga ryatangazwaga na Irani,
Yanditse ku rubuga rwe nkoraranyambaga rwa Truth Social ati: "Leta Zunze Ubumwe za Amerika ni yo ikora igitoro cyinshi ku Isi, ku buryo iyo ibiciro by'igitoro bizamutse, tubona amafaranga menshi."
"Ariko, ikintu cy'ingenzi cyane kuri njye, nka Perezida, ni ukubuza Irani, Ingoma mbi, kugira intwaro za nikleyeri,gusenya u Burasirazuba bwo Hagati ndetse n'Isi yose. Sinzigera ndeka ko ibyo bibaho!"
Ivy'akakanya, Khamenei: Irani 'izihorera' abaturage baguye mu ntambara
Mojtaba Khamenei avuga ko Irani itazigera ishidikanya "guhorera amaraso y'Abanya-Irani" bishwe.
Irani ivuga ko ishuri ryarashweho ibisasu bya misile bya Amerika, ariko Amerika yahakanye uruhare rwayo muri byo, ikavuga ko iri gukora iperereza ku byavuzwe kuri icyo gitero.
Abantu 168 , barimo abana bagera ku 110 bahitanywe n'igitero cyagabwe ku kigo cy'amashuri cya Minab muri iran ubwo Amerika yagabaga ibitero muri Iran.
Izindi nkuru wosoma:
Ivy'akakanya, Iran ikwiye gukomeza kwibasira inzira y'umuhora wa Homuz - Khamenei
Itangazo ry’Umuyobozi Mukuru mushya wa Irani, Mojtaba Khamenei, ririmo gusomwa kuri televiziyo y’igihugu. Ni ryo tangazo rya mbere twumvise rivuye ku muyobozi mushya, nyuma yo gutorwa ngo asimbure se, Ayatollah Ali Khamenei.
Ubutumwa bw'umuyobozi mushya wa Irani Mojtaba Khamenei burimo gusomwa n'umunyamakuru kuri televiziyo ya leta ya Irani.
Khamenei aravuga ko "uburyo bwo guhagarika inzira y’umuhora wa Harmuz" bukwiye gukoreshwa na Irani.
Yanavuze ko Irani ifite politiki y' "ubucuti" n'ibihugu by'abaturanyi, ariko abagira inama yo gufunga ibirindiro by'Abanyamerika, avuga ko Irani izakomeza kubigabaho ibitero
Izindi nkuru wasoma:
Ivy'akakanya, Israel: Abantu 179 bakomeretse mu masaha 24 ashize
Minisiteri y’Ubuzima ya Israel yavuze mu itangazo ryayo riheruka ko abantu 179 bakomeretse muri icyo gihugu mu masaha 24 ashize kubera ibitero byaIrani.
Nk’uko iyi raporo ibivuga, kuva intambara ya Israel, Amerika na Iran yatangira, abantu 2.745 bakomeretse muri Israel, muri bo 85 baracyari mu bitaro.
Izindi nkuru wosoma:
Ivy'akakanya, Ubutumwa bwa mbere bw'Umuyobozi w'Ikirenga mushya wa Irani bugiye gutangwa vuba - televiziyo ya leta
Televiziyo ya leta ya Irani ivuga ko ubutumwa bwa mbere bw'Umuyobozi w'Ikirenga mushya Mojtaba Khamenei bugiye gutangazwa vuba.
Mu nyandiko yashyizwe kuri Telegram, igira iti: “Ubu butumwa bw’ingamba, bwasohotse mu bice birindwi by’ingenzi, burimo ingingo zihariye zirebana n’umuyobozi w’impinduramatwara wishwe, uruhare n’inshingano z’abaturage, ingabo, inzego z’ubuyobozi n’urugamba rwo kurwanya ihohoterwa n’ibihugu byo mu karere no guhangana n’abanzi.”
Ntabwo biramenyekana niba ubu butumwa buri muri videwo cyangwa nk'inyandiko - cyangwa igihe butangwazwa.
Izindi nkuru wosoma:
Video: Reba uko ubwato bwangiritse ku nkombe za Iraq nyuma y'ibitero bya Iran
Insiguro ya video, Reba uko ubwato bwa gisirikare bwangijwe mu mazi muri Iraq Izindi nkuru wosoma:
UK: Imbuga nkoranyambaga zasabwe gukaza ingamba zikumira abana bari munsi y'imyaka 13

Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Abadepite b'Ubwongereza bamaze imyaka basaba leta guhatira imbuga nkoranyambaga gukaza ingamba zibuza abana kuzigeraho Leta y'Ubwongereza yasabye ibigo bikomeye by’ikoranabuhanga gushyiraho uburyo bukomeye bwo kugenzura imyaka mu gukumira abana bari munsi ya 13 kuzigeraho.
Ibihugu byinshi ku isi bikomeje kugaragaza impungenge kuebra ingaruka zo gukoresha izi mbuga ku bana.
Imbuga leta y'Ubwongereza yasabye gukaza igenzura zirimo; Facebook, Instagram, Snapchat, TikTok, YouTube, Roblox na X (yahoze ari Twitter).
Ibigo bishinzwe kugenzura amakuru n'itumanaho bya leta y'Ubwongereza byavuze ko izi mbuga zigomba kurushaho gukora kugira ngo zirinde abana bato kuzigeraho.
Inzobere mu buzima bwo mu mutwe zivuga ko bimwe mu bishyirwa kuri izi mbuga bishobora gutera abana ihungabana n'ibindi bibazo bikomeye byo mu mutwe.
Melanie Dawes, umukuru w'ikigo Ofcom cy'Ubwongereza, yavuze ko serivisi nyinshi z'izi mbuga zidashyira umutekano w’abana ku isonga mu mikorere yazo.
Ibigo by’ikoranabuhanga byavuze ko bifite uburyo bwo kurinda abazikoresha.
Kompanyi ya Alphabet Inc ari yo nyiri YouTube ndetse na Google yavuze ko yatunguwe n’icyemezo cy'Ubwongereza, isaba ko hibandwa cyane ku mbuga zishobora guteza ibyago byinshi kurushaho.
Ariko Ubwongereza bushimangira ko ziriya mbuga nkoranyambaga zigomba kongera imbaraga mu gukumira abana bari munsi y'imyaka 13 kuziyandikishaho.
Kugeza ubu, imbuga nyinshi zishingira ku kuba umuntu ubwe yivugira imyaka ye igihe yiyandikishije.
Biriya bigo bya leta y'Ubwongereza bivuga ko ibi byoroshye kubeshya, bityo abana bakiri bato bakabasha kugera kuri izo mbuga zitagenewe imyaka yabo.
Indi nkuru wasoma:
Indwi ya mbere y'intambara yatwaye imiriyaridi $11.3, nk'uko abategetsi ba gisirikare babibwiye abashingamateka

Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Amadorari ya Amerika Abategetsi ba gisirikare ba Amerika babwiye inama nshingamateka ko indwi ya mbere y'intambara ya Amerika-Israel na Irani yatwaye Amerika imiriyaridi 11.3 z'amadolari, nk'uko bivugwa n'igitangazamakuru CBS News gikorana na BBC muri Amerika.
Ico ni igitigiri ufatiye ku rugero rwo hasi kandi ntikirimwo igiciro co kwimura ibikoresho vya gisirikare imbere y'igitero ca mbere co ku wa 28 Ruhuhuma (2).
Umukenguzamateka w'umudemokrate Chris Coons yabwiye abamenyeshamakuru ku musi wa gatatu ati: "Niteze ko igitigiri c'amafaranga yose yakoreshejwe kiri hejuru cane y'ico."
Izindi nkuru wosoma:
Amavubi y’u Rwanda yagaruye umutoza wayasezeye mu myaka 11 ishize

Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Constantine ni umwe mu batoza b'Abongereza uri mu ba mbere batoje amakipe menshi y'ibihugu Ishyirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Rwanda ryatangaje ko ryahaye akazi ko gutoza ikipe y’igihugu umutoza w’Umwongereza wasezeye kuri aka kazi mu myaka 11 ishize.
Stephen Constantine yahawe amasezerano y’imyaka ibiri yo gutoza Amavubi n’ikipe y’igihugu y’abatarengeje imyaka 23, amasezerano ashobora kongerwa "hashingiwe ku musaruro" nk’uko FERWAFA ibivuga mu itangazo.
Ikipe y’u Rwanda y’umupira w’amaguru imaze imyaka myinshi inanirwa guha umusaruro abakunzi bayo bifuza.
FERWAFA yatangaje ko ishyirwaho rya Constantine rijyanye no gushaka "kugera ku ntsinzi ku rwego mpuzamahanga" muri Afurika no ku isi.
Constantine w'imyaka 63, yatoje Amavubi mu gihe cy’umwaka umwe (2014-2015), mu mikino yatoje iyi kipe nta n’umwe yatsinzwe.
Ku gihe cye, Amavubi yavuye ku mwanya wa 134 ku rutonde ngarukakwezi rwa FIFA agera ku wa mwanya 68 ku isi, umwe mu myanya myiza Amavubi yagezeho mu mateka yayo.
Igihe Constantine yatozaga Amavubi iyi kipe yabonye ticket yo gukina icyiciro cya nyuma cy’imikino y’igikombe cya Afurika ariko ihita ifatirwa ibihano ikurwamo kubera gukinisha umukinnyi Daddy Birori wari ufite ibyangombwa bimuranga birimo uburiganya, nk’uko byatangajwe n’impuzamashyirahamwe y’umupira w’amaguru muri Afurika CAF.

Ahavuye isanamu, FERWAFA
Insiguro y'isanamu, Imikino Constantine yatoje Amavubi mu mezi yakoze ako kazi yose yarayitsinze Constantine, wahembwaga 11,000$ ku kwezi nk’uko byatangajwe n’umuvugizi wa FARWAFA icyo gihe, yahise asezera ku kazi ke avuga ko yabonye akeza kurushaho mu Buhinde.
Kugeza mu mpera z’umwaka ushize, Constantine yari umutoza w’ikipe y’igihugu ya Pakistan.
Nyuma yo gutoza amakipe y’ibihugu birimo Ubuhinde, Malawi, Sudan, afatwa nk’umwe mu bongereza batoje amakipe menshi y’ibihugu by'amahanga.
Izindi nkuru wasoma:
Haramaze kuba ibitero 16 ku bwato kuva intambara itanguye muri Iran – UKMTO

Ahavuye isanamu, Royal Thai Navy
Insiguro y'isanamu, Ubwato bwo muri Thailand bwatewe ku wa gatatu Ubundi bwato butatu butwara ibidandazwa bwaratewe mw'ijoro ryakeye, nk'uko bivugwa n'ikigo c’Ubwongereza kijejwe urudandazwa rwo mu mazi (UKMTO).
Kuva intambara ya Amerika-Israel na Irani itanguye itariki 28 z'ukwezi kwa kabiri 2026, ubwato 16 buramaze guterwa ibisasu mu kigobe c’Abarabu, mu muhora wa Hormuz no mu kigobe ca Oman, nk'uko amakuru mashasha y'ico kigo abivuga.
Ikigo UKMTO kivuga kandi ko hamaze gutangwa raporo zine zivuga ibikorwa biteye amakenga vyabaye muri ako karere.
Izindi nkuru wosoma:
Ivyononekaye hirya no hino mu Buseruko bwo Hagati inyuma y’ibitero vyabaye mw’ijoro
Ubu turashobora kubasangiza amwe mu mafoto yafashwe mu karere k'uburasirazuba bwo hagati, inyuma y'ibitero vyabaye muri ako karere mw'ijoro ryakeye.

Insiguro y'isanamu, Haravugwa ibitero ku mato tandi atatu yikorera igitoro mu Kigobe Insiguro ya video, Ubwato bw'igitoro buriko burasha inyuma y'igitero mu Kigobe 
Ahavuye isanamu, AFP
Insiguro y'isanamu, Igisasu co mu bwoko bwa roketi, bivugwa ko catewe n’umugwi w’abarwanyi ba Hezbollah bashigikiwe na Iran, caguye hafi y’igisagara ca Kfar Yona, hagati muri Israel 
Ahavuye isanamu, AFP
Insiguro y'isanamu, Igitero ca Israel mw'ijoro ryakeye ku nkengera y'ibahari hagati mu gisagara ca Beirut cahitanye n'imiburiburi abantu umunani, nk'uko bivugwa n'umumenyeshamakuru wacu 
Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Umwotsi wabonetse hejuru y'umurwa mukuru wa Bahrain, Manama, muri iki gitondo inyuma y'igitero c'indege zitajamwo abadereva za Irani Izindi nkuru wosoma:
Havuzwe ibindi bitero vya iran muri Irak, Bahrain, no muri Oman

Insiguro y'isanamu, Iyi foto yafashwe muri iki gitondo yerekana umuriro ubandanya kwaka ku bibanza vy'ububiko bw'igitoro ku kibuga c'indege ca Bahrain, inyuma y'ibitero vy'indege zitajamwo abadereva za Irani mw'ijoro ryakeye Ibitero vya Irani bikibandanya vyatumye haduka umuriro hirya no hino muri ako karere.
Ubwato bubiri bwaturiwe hafi y’ikivuko ca Basra co mu bumanuko bwa Iraki, bituma ibikorwa vy’igitoro vy’ico gihugu bihagarara. Benshi mu bakozi bo muri ubwo bwato bararokowe ariko umwe arapfa.
Muri Bahrain, hari umuriro munini inyuma y’aho Irani itereye ububiko bw’ibitoro bw’ikibuga c’indege mpuzamakungu. Umwotsi waeri mwinshi cane ku buryo abategetsi bariko barahimiriza abantu kuguma bugaye amadirisha yabo.
Muri Oman, abakozi bazimya umuriro baracariko barakora kugira ngo bazimye umuriro wadutse ku bubiko bw'igitoro , kubera igitero c’ejo ku kivuko ca Salalah. Ubu Oman yategetse ko ubwato buva ku kibanza gisohoreramwo igitoro nk’ukwirinda.
Biragaragara ko Irani ifise umugambi wo gutera akajagari k’ubutunzi kazomara igihe kirekire.
Igisirikare caco na co nyene caragabishije ko amabanki y’abo mu burengero bw'isi ubu ari yo bazoterako ibisasu, inyuma y'aho hari ibanki imwe yo muri Irani iterewe.
Amabanki mpuzamakungu amaze igihe afunga ibiro vyayo vyo mu vyo mu kigobe c’abarabu nka HSBC muri Qatar, Citi na Standard Chartered i Dubai, akabwira abakozi bazo ngo bagume muhira.
Izindi nkuru wosoma:
Trump avuga ko ibiciro bya peteroli bizagabanuka 'kurusha ibyo umuntu wese ashobora kwiyumvisha'

Ahavuye isanamu, Reuters
Nkuko twabitangaje mbere, ibiciro by’ibikomoka kuri peteroli byongeye kuzamuka, bikaba byari bisanzwe byarazamutse muri iyi ntambara y’Amerika-Israel na Irani.
Ariko ku wa gatatu ubwo yagezaga ijambo ku bamushyigikiye muri leta ya Kentucky, Perezida w’Amerika Donald Trump yavuze ko icyemezo cyo ku wa gatatu cy’ibihugu 32 cyo gusohora ibikomoka kuri peteroli byari byarazigamye, “kizagabanya cyane ibiciro by’ibikomoka kuri peteroli”.
Mbere yaho kuri uwo munsi, ubwo yasuraga ibikorwa by’ubucuruzi mu mujyi wa Cincinnati, muri leta ya Ohio, Trump yise ihindagurika ry’ibiciro by’ibikomoka kuri peteroli “ibintu bibaho mu ntambara”.
Yagize ati: “Ibiciro birimo kugabanuka cyane.”
“Ibikomoka kuri peteroli bizagabanuka. Ibyo ni ibintu bibaho mu ntambara. Ni nkaho ushobora no kubihanura [kubiteganya]. Navuga ko byazamutse gacye ugereranyije n’uko twabitekerezaga. Bizagabanuka kurusha ibyo twe, [ibyo] umuntu wese ashobora kwiyumvisha”.
Nyuma yaho, yavuze ko Amerika izasuzuma ishishikaye cyane umuhora wa Hormuz, yongeraho ati: “Imihora imeze neza cyane. Twamenaguye amato yabo yose. [Irani] Bafite misile zimwe na zimwe, ariko si nyinshi cyane”.
Izindi nkuru wasoma:
Imyuzure n'inkangu byishe abantu barenga 60 mu majyepfo ya Ethiopia

Ahavuye isanamu, South Ethiopia Regional State Office Of The President
Insiguro y'isanamu, Abategetsi bashishikarije abatuye mu duce tw'amanegeka gufata ingamba zo kwirinda Abantu barenga 60 bishwe n’imyuzure n’inkangu (ihirima ry’ubutaka) byatewe n’imvura nyinshi yaguye mu karere ka Gamo Zone mu majyepfo ya Ethiopia, nkuko abategetsi baho babivuze.
Abategetsi batangaje ko benshi muri abo bantu bapfiriye mu turere tw’imisozi miremire, aho ubutaka bw'imisozi ihanamye bwatose kubera amazi bugahirima nyuma y’imvura nyinshi yari imaze iminsi igwa. Abandi barenga 90 baburiwe irengero.
Abategetsi bashishikarije abatuye mu duce tw’amanegeka gufata ingamba zo kwirinda.
Mu minsi ya vuba aha ishize, imvura nyinshi yateje imyuzure henshi muri Afurika y’uburasirazuba. Abantu barenga 40 barapfuye muri Kenya ihana imbibi na Ethiopia.
Ibigo by’iteganyagihe bivuga ko imiyaga ikomeye irimo kurushaho kugira imbaraga muri aka karere, ku ruhande rumwe bitewe n’ihindagurika ry’ikirere.
Guverineri wa leta y’akarere k’amajyepfo ka Ethiopia yihanganishije imiryango yabuze ababo.
Mu itangazo yasohoye ku rubuga nkoranyambaga rwa Facebook ku mugoroba wo ku wa kabiri, ubwo abapfuye bari bakiri 30, Guverineri Tilahun Kebede yagize ati:
“Mu izina ryanjye bwite no mu zina rya leta [guverinoma] y’akarere, mbabajwe cyane n’urupfu rw’abantu 30 bitewe n’inkangu n’imyuzure mu misozi miremire ya Gamo Zone kubera imvura nyinshi.”
Abategetsi bavuze ko ibyo byago byakurikiye imvura nyinshi yari imaze igihe igwa mu turere dukikije ako karere.
Izindi nkuru wasoma:
Umuhungu wa Robert Mugabe yatunguranye mu rukiko muri Afurika y’Epfo

Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Bellarmine Mugabe ari mu rukiko muri Afurika y'Epfo mu kwezi gushize aho afunze by'agateganyo Umwana w’umuhererezi w’uwahoze ari perezida wa Zimbawe ufungiye muri Afurika y’Epfo yatunguye urukiko ku wa gatatu yisubiraho ku busabe bwe bwo gufungurwa by’agateganyo.
Bellarmine Mugabe afunze akekwaho ibyaha birimo kugerageza kwica nyuma y’uko umusore w’imyaka 23 arashwe agakomereka mu rugo Bellarmine abamo i Johannesburg.
Mu rukiko ku wa gatatu, Bellarmine yari yaje kuburana ku busabe bwe bwo kurekurwa by’agateganyo, yaratunguranye areka ubwo busabe ahubwo yemera kwinjira byo kumvikana n’abashinjacyaha.
Bellamine Mugabe w’imyaka 28 arareganwa n’umurinzi bwite we. Urubanza rwe rurimo gukurikiranwa na benshi muri Afurika y’Epfo na Zimbabwe. Ruzakomeza mu cyumweru gitaha.
Kugeza ubu, uyu muhungu muto wa Robert Mugabe wategetse Zimbabwe imyaka 37, ntabwo aremera cyangwa ngo ahakane ibyaha aregwa.
We na bakuru be babiri na nyina Grace Mugabe ahanini baba muri Afurika y’Epfo kuva se yavanwa ku butegetsi mu 2017 agapfa imyaka ibiri nyuma yaho.

Ahavuye isanamu, Gallo Images/Getty Images
Insiguro y'isanamu, Bellarmine (iburyo) mu ifoto n'ababyeyi be yo mu 2011 barimo kwizihiza isabukuru y'imyaka 87 ya se Robert Mugabe Bellarmine na bakuru be, mu mezi ashize byatangajwe ko birukanwe muri ‘apartment’ ihenze cyane babagamo mu gace gakize ka Sandton i Johannesburg nyuma y’uko abaturanyi binubiraga urusaku batezaga.
Vuba aha, abo bavandimwe bagiye bagirana ibibazo byinshi n’amategeko.
Mu 2024 Bellarmine yarafunzwe ashinjwa gukubita umupolisi mu mujyi wa Beitbridge muri Zimbabwe hafi y’umupaka wa Afurika y’Epfo.
Izindi nkuru wasoma:
Senegal: Abashingamateka bemeje itegeko rishasha rikuvye kabiri ibihano k'ubutinganyi

Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Inama nshingamateka yo muri Senegal Inama nshingamateka ya Senegal yemeje itegeko rishasha ryongereza ibihano ku bantu bagira imibonano mpuzabitsina basangiye ibitsina kandi rigahana n’abashigikira canke bateza imbere mweniyo mibonano.
Abashingamateka baritoye ku bwinshi, aho ryemejwe na 135 muri bo, ntawarihakanye, nayo batatu ntaco barivuzeko.
Iryo tegeko ryashigikiwe na reta yinjiye ku butegetsi mu 2024 irongowe na Perezida Bassirou Diomaye Faye hamwe n’umushikiranganji wa mbere Ousmane Sonko.
Sénégal yari isanzwe ifise itegeko ryashizweho kuva mu 1966 rihana ivyo ryita “ibikorwa bihushanye n’akaranga”, rigahana uwabigize gushika ku myaka itanu y’ugupfungwa hamwe n’ihadabu rishika ku mafaranga agera ku miriyoni 1.5 z’amafaranga ya CFA.
Muri iryo tegeko rishasha, abazokwagirwa n'icaha co guhuza igitsina n’uwo bagisangiye bashobora gupfungwa imyaka 10 hamwe n'ihadabu y'imiliyoni 10 z'amafaranga ya CFA.
Iryo tegeko kandi rihana umuntu wese ateza imbere canke atanga imfashanyo kuri abo bahuza ibitsina babisangiye, haba mu buryo bw’amahera canke ubundi buryo, kandi rivuga ko abacamanza badashobora kugabanya ibihano ngo bimanuke munsi y’ivyo iryo tegeko rivuga.
Iryo tegeko rije mu gihe mu bice bimwe bimwe vya Afrika y'uburengero hari amategeko akomeye arwanya abahuza ibitsina babisangiye.
Muri Uganda, itegeko risa n’iryo, ryemejwe mu 2023, rishiraho bimwe mu bihano bikaze kuruta ibindi vyose kw’isi ku bijanye n’abahuza ibitsina babisangiye, harimwo ugupfungwa ubuzima bwose, rimwe na rimwe mbere umuntu ashobora guhanishwa igihano c’urupfu.
Izindi nkuru wosoma :
FBI yaburiye ko Iran ishobora kugaba igitero California muri Amerika

Ahavuye isanamu, Alamy
Insiguro y'isanamu, Drones z'intambara Ibiro bishinzwe iperereza imbere muri Amerika - FBI - byakoze inyandiko iburira ko Iran ishobora kugaba igitero gitunguranye muri leta ya California nk’uko CBS - ikorana na BBC muri Amerika - ibitangaza.
Abashinzwe iperereza mu nzego z’umutekano za Amerika na California babwiye CBS ko nta gihamya cyangwa amakuru yihariye agaragaza ko icyo igitero cyegereje. Bavuga ko iyo nyandiko ishingiye ku makuru yatanzwe mbere y’uko amakimbirane na Iran arushaho gukaza umurego.
Guverineri wa California Gavin Newsom yanditse ku rubuga X ati: “Nubwo nta makuru dufite agaragaza ko hari igitero cyegereje muri iki gihe, twiteguye guhangana n’ikibazo cyose cyabaho kuri leta yacu.”
Abajijwe kuri aya makuru ari ku kibuga cy’indege cya gisirikare Joint Base Andrews, Perezida wa Amerika Donald Trump yagize ati: "Birimo gukorwaho iperereza, ariko muri iki gihe hari ibintu byinshi birimo bityo icyo dukora ni ukubyakira uko bije".
Indi nkuru wasoma:
Igiciro c’igitoro cashitse ku madolari 100 ku kagunguru

Ahavuye isanamu, AFP
Insiguro y'isanamu, Ifoto yerekana ipompo y'igitoro Igiciro c'igitoro ca Brent cashitse ku madolari 100 ku kagunguru kamwe k'ibitoro bitunganyije caduze ku bice 9 kw'ijana kuri uuyu musi wa kane muri Aziya.
Ibiciro vy'igitoro ntivyagabanutse, n'inyuma y'aho ibihugu vyinshi, harimwo Amerika n'Ubwongereza, bimenyesheje ko bizoshira kw’isoko igitoro cinshi cari mu bubiko.
Igihugu ca Iran naco, carabandanije gutera ubwoba ubwato buca mu muhora wa Hormuz, ahaca icagatanu c’igitoro gikoreshwa kw’isi .
Igitoro kigurishwa muri Amerika caduze ku bice 9%, kigera ku madolari 95.27.
Ku wa mbere, igiciro c’igitoro cari carenze amadolari 110 ku kagunguru, kandi kuva ico gihe cagiye kirahindagurika cane.
Izindi nkuru wosoma:
