IKIBIRIRAHO, DR Congo ivuga ko hatangiye iperereza ku gitero cyiciwemo umukozi wa UNICEF i Goma
Karine Buisset, wari umukozi w'ishami rya ONU ryita ku bana (UNICEF), yishwe ku wa gatatu mu gitero mu mujyi wa Goma ugenzurwa n'inyeshyamba za M23 zirwanya ubutegetsi bwa DRC.
Incamake
Indwi ya mbere y'intambara yatwaye imiriyaridi $11.3, nk'uko abategetsi ba gisirikare babibwiye abashingamateka
Leta y'Ubwongereza yasabye ibigo bikomeye by’ikoranabuhanga gushyiraho uburyo bukomeye bwo kugenzura imyaka mu gukumira abana bari munsi ya 13 kuzigeraho.
Ibihugu byinshi ku isi bikomeje kugaragaza impungenge kuebra ingaruka zo gukoresha izi mbuga ku bana.
Imbuga leta y'Ubwongereza yasabye gukaza igenzura zirimo; Facebook, Instagram, Snapchat, TikTok, YouTube, Roblox na X (yahoze ari Twitter).
Inzobere mu buzima bwo mu mutwe zivuga ko bimwe mu bishyirwa kuri izi mbuga bishobora gutera abana ihungabana n'ibindi bibazo bikomeye byo mu mutwe.
Melanie Dawes, umukuru w'ikigo Ofcom cy'Ubwongereza, yavuze ko serivisi nyinshi z'izi mbuga zidashyira umutekano w’abana ku isonga mu mikorere yazo.
Ibigo by’ikoranabuhanga byavuze ko bifite uburyo bwo kurinda abazikoresha.
Kompanyi ya Alphabet Inc ari yo nyiri YouTube ndetse na Google yavuze ko yatunguwe n’icyemezo cy'Ubwongereza, isaba ko hibandwa cyane ku mbuga zishobora guteza ibyago byinshi kurushaho.
Ariko Ubwongereza bushimangira ko ziriya mbuga nkoranyambaga zigomba kongera imbaraga mu gukumira abana bari munsi y'imyaka 13 kuziyandikishaho.
Kugeza ubu, imbuga nyinshi zishingira ku kuba umuntu ubwe yivugira imyaka ye igihe yiyandikishije.
Biriya bigo bya leta y'Ubwongereza bivuga ko ibi byoroshye kubeshya, bityo abana bakiri bato bakabasha kugera kuri izo mbuga zitagenewe imyaka yabo.
Indwi ya mbere y'intambara yatwaye imiriyaridi $11.3, nk'uko abategetsi ba gisirikare babibwiye abashingamateka
Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Amadorari ya Amerika
Abategetsi ba gisirikare ba Amerika babwiye inama nshingamateka ko indwi ya mbere y'intambara ya Amerika-Israel na Irani yatwaye Amerika imiriyaridi 11.3 z'amadolari, nk'uko bivugwa n'igitangazamakuru CBS News gikorana na BBC muri Amerika.
Ico ni igitigiri ufatiye ku rugero rwo hasi kandi ntikirimwo igiciro co kwimura ibikoresho vya gisirikare imbere y'igitero ca mbere co ku wa 28 Ruhuhuma (2).
Umukenguzamateka w'umudemokrate Chris Coons yabwiye abamenyeshamakuru ku musi wa gatatu ati: "Niteze ko igitigiri c'amafaranga yose yakoreshejwe kiri hejuru cane y'ico."
Amavubi y’u Rwanda yagaruye umutoza wayasezeye mu myaka 11 ishize
Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Constantine ni umwe mu batoza b'Abongereza uri mu ba mbere batoje amakipe menshi y'ibihugu
Ishyirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Rwanda ryatangaje
ko ryahaye akazi ko gutoza ikipe y’igihugu umutoza w’Umwongereza
wasezeye kuri aka kazi mu myaka 11 ishize.
Stephen
Constantine yahawe amasezerano y’imyaka ibiri yo gutoza Amavubi n’ikipe
y’igihugu y’abatarengeje imyaka 23, amasezerano ashobora kongerwa "hashingiwe
ku musaruro" nk’uko FERWAFA ibivuga mu itangazo.
FERWAFA yatangaje ko ishyirwaho rya Constantine rijyanye
no gushaka "kugera ku ntsinzi ku rwego mpuzamahanga" muri Afurika no ku isi.
Constantine w'imyaka 63, yatoje Amavubi mu gihe cy’umwaka umwe (2014-2015), mu mikino yatoje iyi kipe
nta n’umwe yatsinzwe.
Ku gihe
cye, Amavubi yavuye ku mwanya wa 134 ku rutonde ngarukakwezi rwa FIFA agera ku
wa mwanya 68 ku isi, umwe mu myanya myiza Amavubi yagezeho mu mateka yayo.
Insiguro y'isanamu, Imikino Constantine yatoje Amavubi mu mezi yakoze ako kazi yose yarayitsinze
Constantine, wahembwaga 11,000$ ku kwezi nk’uko byatangajwe n’umuvugizi wa FARWAFA icyo gihe, yahise asezera ku kazi ke avuga ko yabonye akeza kurushaho mu Buhinde.
Kugeza mu mpera z’umwaka ushize, Constantine yari umutoza w’ikipe y’igihugu ya Pakistan.
Nyuma yo gutoza amakipe y’ibihugu birimo Ubuhinde, Malawi, Sudan, afatwa nk’umwe mu bongereza batoje amakipe menshi y’ibihugu by'amahanga.
Kuva intambara ya Amerika-Israel na Irani itanguye itariki 28 z'ukwezi kwa kabiri 2026, ubwato 16 buramaze guterwa ibisasu mu kigobe c’Abarabu, mu muhora wa Hormuz no mu kigobe ca Oman, nk'uko amakuru mashasha y'ico kigo abivuga.
Ikigo UKMTO kivuga kandi ko hamaze gutangwa raporo zine zivuga ibikorwa biteye amakenga vyabaye muri ako karere.
Ivyononekaye hirya no hino mu Buseruko bwo Hagati inyuma y’ibitero vyabaye mw’ijoro
Ubu turashobora kubasangiza amwe mu mafoto yafashwe mu karere k'uburasirazuba bwo hagati, inyuma y'ibitero vyabaye muri ako karere mw'ijoro ryakeye.
Insiguro y'isanamu, Haravugwa ibitero ku mato tandi atatu yikorera igitoro mu Kigobe
Insiguro ya video, Ubwato bw'igitoro buriko burasha inyuma y'igitero mu Kigobe
Ahavuye isanamu, AFP
Insiguro y'isanamu, Igisasu co mu bwoko bwa roketi, bivugwa ko catewe n’umugwi w’abarwanyi ba Hezbollah bashigikiwe na Iran, caguye hafi y’igisagara ca Kfar Yona, hagati muri Israel
Ahavuye isanamu, AFP
Insiguro y'isanamu, Igitero ca Israel mw'ijoro ryakeye ku nkengera y'ibahari hagati mu gisagara ca Beirut cahitanye n'imiburiburi abantu umunani, nk'uko bivugwa n'umumenyeshamakuru wacu
Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Umwotsi wabonetse hejuru y'umurwa mukuru wa Bahrain, Manama, muri iki gitondo inyuma y'igitero c'indege zitajamwo abadereva za Irani
Havuzwe ibindi bitero vya iran muri Irak, Bahrain, no muri Oman
Insiguro y'isanamu, Iyi foto yafashwe muri iki gitondo yerekana umuriro ubandanya kwaka ku bibanza vy'ububiko bw'igitoro ku kibuga c'indege ca Bahrain, inyuma y'ibitero vy'indege zitajamwo abadereva za Irani mw'ijoro ryakeye
Ibitero vya Irani bikibandanya vyatumye haduka umuriro hirya no hino muri ako
karere.
Ubwato bubiri bwaturiwe hafi y’ikivuko
ca Basra co mu bumanuko bwa Iraki, bituma ibikorwa vy’igitoro vy’ico
gihugu bihagarara. Benshi mu bakozi bo muri ubwo bwato bararokowe ariko
umwe arapfa.
Muri Oman, abakozi bazimya umuriro baracariko barakora
kugira ngo bazimye umuriro wadutse ku bubiko bw'igitoro , kubera igitero c’ejo
ku kivuko ca Salalah. Ubu Oman yategetse ko ubwato buva ku kibanza gisohoreramwo
igitoro nk’ukwirinda.
Biragaragara ko Irani ifise umugambi wo gutera akajagari
k’ubutunzi kazomara igihe kirekire.
Igisirikare caco na co nyene caragabishije ko amabanki y’abo mu burengero bw'isi ubu ari yo bazoterako ibisasu, inyuma y'aho hari ibanki imwe
yo muri Irani iterewe.
Amabanki mpuzamakungu amaze igihe afunga ibiro vyayo vyo
mu vyo mu kigobe c’abarabu nka HSBC muri Qatar, Citi na Standard
Chartered i Dubai, akabwira abakozi bazo ngo bagume muhira.
Nkuko twabitangaje mbere, ibiciro
by’ibikomoka kuri peteroli byongeye kuzamuka, bikaba byari bisanzwe byarazamutse
muri iyi ntambara y’Amerika-Israel na Irani.
Ariko ku wa gatatu ubwo yagezaga
ijambo ku bamushyigikiye muri leta ya Kentucky, Perezida w’Amerika
Donald Trump yavuze ko icyemezo cyo ku wa gatatu cy’ibihugu 32 cyo gusohora ibikomoka
kuri peteroli byari byarazigamye, “kizagabanya cyane ibiciro by’ibikomoka kuri
peteroli”.
Mbere yaho kuri uwo
munsi, ubwo yasuraga ibikorwa by’ubucuruzi mu mujyi wa Cincinnati,
muri leta ya Ohio, Trump yise ihindagurika ry’ibiciro by’ibikomoka kuri peteroli
“ibintu bibaho mu ntambara”.
Yagize ati: “Ibiciro
birimo kugabanuka cyane.”
“Ibikomoka kuri peteroli
bizagabanuka. Ibyo ni ibintu bibaho mu ntambara. Ni nkaho ushobora no kubihanura
[kubiteganya]. Navuga ko byazamutse gacye ugereranyije n’uko twabitekerezaga. Bizagabanuka
kurusha ibyo twe, [ibyo] umuntu wese ashobora kwiyumvisha”.
Nyuma yaho, yavuze ko
Amerika izasuzuma ishishikaye cyane umuhora wa Hormuz, yongeraho ati: “Imihora
imeze neza cyane. Twamenaguye amato yabo yose. [Irani] Bafite misile zimwe na
zimwe, ariko si nyinshi cyane”.
Imyuzure n'inkangu byishe abantu barenga 60 mu majyepfo ya Ethiopia
Ahavuye isanamu, South Ethiopia Regional State Office Of The President
Insiguro y'isanamu, Abategetsi bashishikarije abatuye mu duce tw'amanegeka gufata ingamba zo kwirinda
Abantu barenga 60 bishwe
n’imyuzure n’inkangu (ihirima ry’ubutaka) byatewe n’imvura nyinshi yaguye mu
karere ka Gamo Zone mu majyepfo ya Ethiopia, nkuko abategetsi baho babivuze.
Abategetsi bashishikarije abatuye mu duce tw’amanegeka gufata ingamba zo
kwirinda.
Mu minsi ya vuba aha ishize, imvura nyinshi yateje imyuzure henshi muri Afurika y’uburasirazuba.
Abantu barenga 40 barapfuye muri Kenya ihana imbibi na
Ethiopia.
Ibigo by’iteganyagihe bivuga
ko imiyaga ikomeye irimo kurushaho kugira imbaraga muri aka karere, ku ruhande rumwe bitewe n’ihindagurika
ry’ikirere.
Guverineri wa leta y’akarere
k’amajyepfo ka Ethiopia yihanganishije imiryango yabuze ababo.
Mu itangazo yasohoye
ku rubuga nkoranyambaga rwa Facebook ku mugoroba wo ku wa kabiri, ubwo abapfuye bari bakiri 30, Guverineri Tilahun Kebede yagize ati:
“Mu izina ryanjye
bwite no mu zina rya leta [guverinoma] y’akarere, mbabajwe cyane n’urupfu rw’abantu
30 bitewe n’inkangu n’imyuzure mu misozi miremire ya Gamo Zone kubera imvura
nyinshi.”
Abategetsi bavuze ko
ibyo byago byakurikiye imvura nyinshi yari imaze igihe igwa mu turere dukikije
ako karere.
Umuhungu wa Robert Mugabe yatunguranye mu rukiko muri Afurika y’Epfo
Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Bellarmine Mugabe ari mu rukiko muri Afurika y'Epfo mu kwezi gushize aho afunze by'agateganyo
Umwana w’umuhererezi w’uwahoze ari perezida
wa Zimbawe ufungiye muri Afurika y’Epfo yatunguye urukiko ku wa gatatu
yisubiraho ku busabe bwe bwo gufungurwa by’agateganyo.
Mu rukiko ku wa gatatu, Bellarmine yari
yaje kuburana ku busabe bwe bwo kurekurwa by’agateganyo, yaratunguranye areka
ubwo busabe ahubwo yemera kwinjira byo kumvikana n’abashinjacyaha.
Bellamine Mugabe w’imyaka 28 arareganwa n’umurinzi
bwite we. Urubanza rwe rurimo gukurikiranwa na benshi muri Afurika y’Epfo na
Zimbabwe. Ruzakomeza mu cyumweru gitaha.
Kugeza ubu, uyu muhungu muto wa Robert
Mugabe wategetse Zimbabwe imyaka 37, ntabwo aremera cyangwa ngo ahakane ibyaha
aregwa.
We na bakuru be babiri na nyina Grace
Mugabe ahanini baba muri Afurika y’Epfo kuva se yavanwa ku butegetsi mu 2017
agapfa imyaka ibiri nyuma yaho.
Ahavuye isanamu, Gallo Images/Getty Images
Insiguro y'isanamu, Bellarmine (iburyo) mu ifoto n'ababyeyi be yo mu 2011 barimo kwizihiza isabukuru y'imyaka 87 ya se Robert Mugabe
Bellarmine na bakuru be, mu mezi ashize byatangajwe ko birukanwe muri ‘apartment’ ihenze cyane babagamo mu gace gakize ka Sandton i Johannesburg nyuma y’uko abaturanyi binubiraga urusaku batezaga.
Abashingamateka baritoye ku bwinshi, aho ryemejwe na 135 muri bo, ntawarihakanye, nayo batatu ntaco barivuzeko.
Iryo tegeko ryashigikiwe na reta yinjiye ku butegetsi mu
2024 irongowe na Perezida Bassirou
Diomaye Faye hamwe n’umushikiranganji wa mbere Ousmane Sonko.
Sénégal yari isanzwe ifise itegeko ryashizweho kuva mu 1966
rihana ivyo ryita “ibikorwa bihushanye n’akaranga”, rigahana uwabigize gushika
ku myaka itanu y’ugupfungwa hamwe n’ihadabu rishika ku mafaranga agera ku
miriyoni 1.5 z’amafaranga ya CFA.
FBI yaburiye ko Iran ishobora kugaba igitero California muri Amerika
Ahavuye isanamu, Alamy
Insiguro y'isanamu, Drones z'intambara
Ibiro bishinzwe iperereza imbere muri Amerika - FBI - byakoze inyandiko iburira ko Iran ishobora kugaba igitero gitunguranye muri leta ya California nk’uko CBS - ikorana na BBC muri Amerika - ibitangaza.
Abashinzwe iperereza mu nzego z’umutekano za Amerika na California babwiye CBS ko nta gihamya cyangwa amakuru yihariye agaragaza ko icyo igitero cyegereje. Bavuga ko iyo nyandiko ishingiye ku makuru yatanzwe mbere y’uko amakimbirane na Iran arushaho gukaza umurego.
Guverineri wa California Gavin Newsom yanditse ku rubuga X ati:
“Nubwo nta makuru dufite agaragaza ko hari igitero cyegereje muri iki gihe, twiteguye guhangana n’ikibazo cyose cyabaho kuri leta yacu.”
Abajijwe kuri aya makuru ari ku kibuga cy’indege cya gisirikare Joint Base Andrews, Perezida wa Amerika Donald Trump yagize ati: "Birimo gukorwaho iperereza, ariko muri iki gihe hari ibintu byinshi birimo bityo icyo dukora ni ukubyakira uko bije".
Igiciro c'igitoro ca Brent cashitse ku madolari 100 ku
kagunguru kamwe k'ibitoro bitunganyije caduze ku bice 9 kw'ijana kuri uuyu musi wa kane muri Aziya.
Ibiciro vy'igitoro ntivyagabanutse, n'inyuma y'aho ibihugu
vyinshi, harimwo Amerika n'Ubwongereza, bimenyesheje ko bizoshira kw’isoko igitoro cinshi cari mu bubiko.
Igihugu ca Iran naco, carabandanije gutera ubwoba ubwato buca
mu muhora wa Hormuz, ahaca icagatanu c’igitoro gikoreshwa kw’isi .
Igitoro kigurishwa muri Amerika caduze ku bice 9%, kigera ku
madolari 95.27.
Ku wa mbere, igiciro c’igitoro cari carenze amadolari 110 ku
kagunguru, kandi kuva ico gihe cagiye kirahindagurika cane.
Kinshasa ntiyahakanye cyangwa ngo yemere ko ari yo yagabye igitero cyiciwemo umukozi wa UNICEF i Goma
Ahavuye isanamu, UNICEF
Insiguro y'isanamu, UNICEF ivuga ko Karine Buisset yari umuntu witangaga cyane mu gufasha abana n’imiryango yagizweho ingaruka n’intambara n’amakuba
Leta ya
Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC) yihanganishije umuryango w’Umufaransakazi
wiciwe mu gitero cy’indege nto itajyamo umupilote (drone) mu mujyi wa Goma mu gitondo
cyo ku wa gatatu, yihanganisha n’abakora ubutabazi, ivuga ko hatangiye iperereza
kugira ngo hamenyekane uko byagenze.
Karine
Buisset, wari umukozi w’ishami ry’Umuryango w’Abibumbye ryita ku bana (UNICEF),
yiciwe muri icyo gitero muri uwo mujyi ugenzurwa n’inyeshyamba za M23 zirwanya
ubutegetsi bwa DRC. Abandi bantu nibura babiri na bo biciwe muri icyo gitero.
M23 ishinja
ingabo za DRC (FARDC) kuba ari zo zagabye icyo gitero zirenze ku gahenge
kemeranyijweho hagati y’impande zombi, ikavuga ko ishingiye ku kwegerana kw’ahantu
cyarashe n’urugo rw'uwahoze ari Perezida wa DRC Joseph Kabila hamwe n’umukuru w’ihuriro AFC/M23 Corneille Nangaa, bigaragara ko ari bo cyari kigambiriye.
Mu itangazo
ryayo, leta ya DRC ntiyahakanye cyangwa ngo yemere ko ari yo yagabye icyo
gitero, ivuga ko yanamenye ko cyangirikiyemo n’ibintu byinshi.
Perezida w’Ubufaransa
Emmanuel Macron yihanganishije umuryango
wa Buisset, inshuti ze, n’abo bakoranye, avuga ko Ubufaransa bwifatanyije na bo,
ndetse asaba ko amategeko mpuzamahanga arengera ikiremwamuntu yubahirizwa, no
kurinda abakozi bakorera i Goma mu “kurokora ubuzima”.
Stéphane Dujarric de la Rivière, Umufaransa
uvugira umunyamabanga mukuru wa ONU (UN), yavuze ko abakora ubutabazi batagomba na
rimwe kuraswaho.
Amerika na yo yihanganishije umuryango wa Buisset n’abo bakoranye, isaba
impande zose “kubahiriza kurinda UN n’abakozi bakora ubutabazi”.
Itangazo ku
rubuga nkoranyambaga X ry’ibiro by’Amerika byita ku bibazo by’Afurika rigira
riti: “Ibitero mu bice bituwemo n’amasivile ntibyakwihanganirwa. Leta Zunze
Ubumwe [z’Amerika] ziteze ko impande zose ziri mu ntambara zubahiriza ibyo
ziyemeje.”