Real Madrid niwo mugwi w'umupira w'amaguru utunze cane kurusha iyindi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umugwi Real Madrid wagiye hejuru ku rutonde rw'imigwi 20 ya mbere itunze cane mu mupira w'amaguru, iba ikuye mw'ico kibanza Manchester United ifise umwimbu w'amahera imiliyoni 750.9 y'ama euro.
Man Utd yasubiye hasi mu kibanza ca gatatu mu gihe Barcelone yatumye imigwi yo muri Espagne ija mu bibanza vya mbere na kabiri kuva mu 2014-15, nkuko bivugwa na Deloitte.
Hihwejwe ivyegeranyo vyo mu 2017-18, amahera y'iyo migwi 20 yariyongeye ku bice 6% agera ku miliyaridi 8.3 z'ama euro, ubwa mbere mu mateka.
Ni ubwa mbere kandi imigwi itandatu ya Premier League ija mu migwi 10 ya mbere.
Imigwi 10 ya mbere ya Buraya itunze kurusha iyindi

Ingene urutonde rwakozwe
Muri urwo rutonde, rubaye urwa 22 nka mwenurwo, hihwejwe umwimbu w'igihugu kimwe kimwe ata gushiramwo amadeni y'umugwi.
Umwanya uri hagati y'imigwi ibiri ya mbere n'iyikurikira ni munini cane, hagacamwo amahera imiliyoni 60.5 z'ama euro.
Real Madrid yatsinze ubugira gatatu yikurikiranya ihiganwa rya Champions League, yikuye Liverpool 3-1 i Kiev mu kwezi kwa Gatanu kurangiye.
Ivyo vyatumye umwimbu w'aba Los Blancos wiyongera, uwo mugwi ukaba ugiye mu kibanza ca mbere c'urutonde rwa Deloitte incuro 12.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umwimbu w'uyo mugwi wiyongeye imiliyoni 54.8 z'ama euro.
Imigwi 20 ya mbere.

Iyo migwi yose ukwo ari 20, myinshi muriyo iri mu migwi itanu ya mbere mu mahiganwa ya Buraya ikinamwo.










