Ibinugwanugwa mu mupira w'amaguru ku bakinyi ku wa Kabiri

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukinyi wo hagati wa Arsenal yakiniye n'Ubudagi, Mesut Ozil w'imyaka 30, yavuze ko atazova muri uwo mugwi ku mukopo mu kwezi kwa mbere, ahubwo ko yipfuza kugwanira ikibanza co kuza aratanguzwa mu nkino. (ESPN)
Umugwi Juventus wahaye umukinyi wo hagati wa Arsenal na Pays de Galles, Aaron Ramsey w'imyaka 28, kontara y'imyaka ine, ahembwa amapawundi £138000 ku ndwi. (Tuttosport via Sun)
Umukinyi wo hagati wa Paris St-Germain n'Ubufaransa Adrien Rabiot ntazoja muri Tottenham, mu gihe avuga ko urugero uwo mugwi ugezeko bidakwiranye. Uwo mukinyi w'imyaka 23 yipfuza kuva muri uwo mugwi wabaye uwa mbere mu Bufaransa. (ESPN)
Umukinyi w'imbere wa Manchester United n'Ubwongereza, Marcus Rashford w'imyaka 21, ntiyipfuza kuvugana na Real Madrid mu gihe yipfuza kuguma Old Trafford. (Sun)
Umunyezamu wa Burnley n'Ubwongereza, Tom Heaton w'imyaka 32, yavuze ko abaye arashira ku ruhande umugambi wo kuva muri uwo mugwi, inyuma yaho awukiniye mu batangura ubwa mbere mu myaka 15. (Lancashire Telegraph)
Umugwi wa Chelsea wanse amahera arenga imiliyoni 20 z'amapawundi (£20m) yotanzwe na Bayern Munich ku mukinyi wo ku ruhande aturuka mu Bwongereza, Callum Hudson-Odoi w'imyaka 10. (Sky Sports)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Chelsea yipfuza kuzana umukinyi wo hagati wa Real Madrid na Espagne, Isco w'imyaka 26, ku kibuga Stamford Bridge. (Sun)
Umukinyi wo hagati wa Liverpool, Bobby Adekanye w'imyaka 19, ariko ararondera akazi k'imyaka itanu mu mugwi Lazio. (Corriere dello Sport, via Mirror)
Umumenyereza wa Cardiff City, Neil Warnockariko ararondera kugura mu kwezi kwa Mbere umukinyi wo hagati wa Dundee na Finlande, Glen Kamara w'imyaka 23. (Herald)
Manchester City yarangije gupfundika amasezerano yo kugura umukinyi w'imbere ku ruhande rw'ububamfu, Oscar Tarensi w'imyaka 15, aturuka muri Espagne, agakina mu mugwi Espanyol muri kino gihe.(Sport)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukinyi wo hagati wa Manchester United, Paul Pogba ngo yeretse abo bahura mu rukino urupfasoni ruke igihe yigina ibitsindo, niko umukinyi wo hagati wa kera wa Chelsea, Claude Makelele yavuze. (Mirror)










