Umunya Norvège Ole Gunnar Solskjaer agiye kuba umumenyereza mfatakibanza wa United

Ahavuye isanamu, Reuters
Umugwi wa Manchester United witezwe kugena Ole Gunnar Solskjaer ka mumenyereza mfatakibanza kuri uno wa Gatatu.
Uwo mugwi wa Premier League watangaje iyo nkuru utabishaka ku rubuga rwayo ku munsi wa Kabiri ku mugoraba, munyuma uca uyikurako.
Solskjaer w'imyaka 45, yinjirije Manchester United ibitsindo 126 mu mahiganwa 11 akina i Old Trafford.
Uwo mugabo yahora akinira umugwi w'igihugu ca Norvège agiye gusubirira Jose Mourinho, yirukanywe ku munsi wa kabiri, akaba azofashwa n'uwigeze kuba umumenyereza wa kabiri w'uwo mugwi Mike Phelan.
Solskjaer yarasanzwe amenyereza umugwi Molde wo muri Norvège, ariko ihiganwa ryabo ryo mu 2018 ryararangiye kubera kwinjira mu gihe c'imbeho nyinshi, irindi rikazotangura mu kwezi kwa Gatatu.
Ku munsi wa kabiri United yashize akanya gato ku mbuga yayo videwo y'umukinyi Solskjaer yinjiza igitsindo catumye Manchester United itwara igikombe ca Champions League mu 1999, yahuye na Bayern Munich.
Kuri iyo videwo hari handitse: "Solskjaer abaye umumenyereza wacu mfatakibanza, amahiganwa 20 atwaye igikombe kivuye kw'ico gitsindo yinjije i Camp Nou..."
Umushikiranganji wa mbere wa Norvège, Erna Solberg yarakeje igena rya Solskjaer ku mbuga hwaniro, yandika ati: "Umunsi uhambaye ku mupira w'amaguru muri Norvège. Ugire amahirwe mu kugenzura aba Red Devils." Munyuma yahavuye ahanagura ubwo butumwa.
Urukino rwa mbere Solskjaer azokinisha ka mumenyereza wa United ruzobahuza na Cardiff City ku munsi wa Gatandatu - warasubijwe mu mahiganwa yo hasi uvuye muri Premier League mu 2014, yaramaze amezi umunani amenyereza umugwi w'aba Bluebirds.
Ari mu kiringo ca kabiri amenyereza umugwi Molde, akaba aheruka gushira igikumu ku yandi masezerano mu ntango za kuno kwezi.
United iya gatandatu muri Premier League, izoraba ko yogena umumenyereza nyezina mu mpera z'ihiganwa ry'uno mwaka.











