Jose Mourinho umumenyereza wa Manchester United yipfuza kurangiza amasezerano bafitaniye n'uwo mugwi

Mourinho w'imyaka 55, afitaniye amasezerano na Man Utd azorangira mu 2020

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mourinho w'imyaka 55, afitaniye amasezerano na Man Utd azorangira mu 2020

.Jose Mourinho avuga ko 'anezerejwe' no kuba muri Manchester United kandi ko yipfuza ko amasezerano afitaniye n'uwo mugwi 'arangira' inyuma y'inkuru zivuga ko ashaka gusubira muri Real Madrid.

Inkuru zivuga ko uwo mugwi ukomeye wo mw'ihiganwa ryo muri Espagne ushaka ko uwo mumenyereza wo muri Portugal yogasubirayo gusubirira Julen Lopetegui ubu ari mu mazi abira.

Ariko mumenyereza w'imyaka 55, afitaniye amasezerano na Man Utd azorangira mu 2020, yavuze "Aha ndanezerewe.

"Ibintu vyose niyumvira muri kino gihe ni Manchester United."

Jose Mourinho

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mourinho yaratwaye igikombe c'ihiganwa ryo muri Espagne amenyereza Real Madrid

Mu ntango z'uku kwezi, akazi ka Mourinho karagiyemwo amadidane igihe ikinyamakuru kimwe candika ko ashobora kwirukanwa bataravye n'ivyavuye mu rukino rwabahuje na Newcastle.

Ariko United bamaze gutsindwa 2-0, barashoboye gutsinda Magpies ibitego 3-2, Alexis Sanchez akaba ari we yatsinze igitego ca nyuma n'umutwe ku munora wa nyuma w'urukino ku kibuga ca Old Trafford.

N'aho yagenywe kuba umumenyereza wa Real Madrid mu ci, akazi ka Lopetegui karageramiwe kubera uwo mugwi umaze gutsindwa incuro zine mu nkino zitanu ziheruka.

Cristiano Ronaldo and Jose Mourinho

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Cristiano Ronaldo na Jose Mourinho bari kumwe muri Real Madrid

Imbere y'uko haba urukino rubahuza na Juventus ku wa kabiri, Mourinho yabajijwe nimba ashobora gusubira muri Real, aho yatsindiye igikombe ca Espagne hamwe n'ico umwami hagati ya 2010 na 2013.

Mourinho yongeyeko ati:"Ndipfuza kubona amasezerano yanje arangiye ku musi wa nyuma w'ayo kandi nipfuza kuguma ngaha n'inyuma y'uko ayo masezerano arangiye."