Jose Mourinho umumenyereza wa Manchester United yipfuza kurangiza amasezerano bafitaniye n'uwo mugwi

Ahavuye isanamu, Getty Images
.Jose Mourinho avuga ko 'anezerejwe' no kuba muri Manchester United kandi ko yipfuza ko amasezerano afitaniye n'uwo mugwi 'arangira' inyuma y'inkuru zivuga ko ashaka gusubira muri Real Madrid.
Inkuru zivuga ko uwo mugwi ukomeye wo mw'ihiganwa ryo muri Espagne ushaka ko uwo mumenyereza wo muri Portugal yogasubirayo gusubirira Julen Lopetegui ubu ari mu mazi abira.
Ariko mumenyereza w'imyaka 55, afitaniye amasezerano na Man Utd azorangira mu 2020, yavuze "Aha ndanezerewe.
"Ibintu vyose niyumvira muri kino gihe ni Manchester United."

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu ntango z'uku kwezi, akazi ka Mourinho karagiyemwo amadidane igihe ikinyamakuru kimwe candika ko ashobora kwirukanwa bataravye n'ivyavuye mu rukino rwabahuje na Newcastle.
Ariko United bamaze gutsindwa 2-0, barashoboye gutsinda Magpies ibitego 3-2, Alexis Sanchez akaba ari we yatsinze igitego ca nyuma n'umutwe ku munora wa nyuma w'urukino ku kibuga ca Old Trafford.
N'aho yagenywe kuba umumenyereza wa Real Madrid mu ci, akazi ka Lopetegui karageramiwe kubera uwo mugwi umaze gutsindwa incuro zine mu nkino zitanu ziheruka.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Imbere y'uko haba urukino rubahuza na Juventus ku wa kabiri, Mourinho yabajijwe nimba ashobora gusubira muri Real, aho yatsindiye igikombe ca Espagne hamwe n'ico umwami hagati ya 2010 na 2013.
Mourinho yongeyeko ati:"Ndipfuza kubona amasezerano yanje arangiye ku musi wa nyuma w'ayo kandi nipfuza kuguma ngaha n'inyuma y'uko ayo masezerano arangiye."










