Nyuma yo gutsinda Newcastle, Jose Mourinho yavuze ko ashoboye "guhangana n'abamwibasira"

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umutoza Jose Mourinho w'ikipe ya Manchester United yavuze ko yemeza ko hari "ububisha bwinshi" mu mupira w'amaguru ariko ashimangira ko ashoboye "guhangana n'abamwibasira."
Alexis Sanchez ni we watsinze igitego cy'intsinzi ku munota wa 90 ubwo ikipe ye - yari yabanjwe ibitego 2-0 na Newcastle - yigaranzuraga Newcastle, umukino ukarangira ku ntsinzi ya Manchester United y'ibitego 3-2.
Ni umukino warangije imikino ine Manchester United yari imaze idatsinda.
Amakuru yakomeje guhwihwiswa ajyanye n'ejo hazaza ha Mourinho muri iyi kipe, ariko mbere y'uwo mukino ubuyobozi bw'ikipe bwari bwavuze ko bucyimushyigikiye.
Mourinho w'imyaka 55 y'amavuko yabwiye televiziyo BT Sport ati:
"Ni bwo bwa mbere mbonye kwibasira umuntu. Nshoboye guhangana nabyo."
"Nshoboye kubana nabyo. Bamwe mu bahungu [abakinnyi], nubwo atari bo mugabo uri kwibasirwa, ntabwo bashoboye guhangana nabyo neza."
"Marcus Rashford yari ababaye mu kibuga, Scott McTominay yari afite ubwoba mu kibuga. Ndetse n'abakinnyi bakuze bakora amakosa atari asanzwe."
Habayeho kumuvugiriza induru ubwo Newcastle - itaratsinda umukino n'umwe muri shampiyona y'uyu mwaka - yarangizaga igice cya mbere ari yo ihagaze neza, ku bitego 2-0 yinjije mu minota 10 ya mbere y'umukino.
Ku wa gatanu, Mourinho uri ku gitutu cyuko ari bwo bwa mbere Manchester United itangiye shampiyona nabi cyane mu myaka 29 ishize, yemeye ko iyi kipe itari gukina neza bihagije.
Ndetse ku wa gatanu hari amakuru yavugaga ko ashobora kwirukanwa hatitawe kuko yakwitwara mu mukino wamuhuje na Newcastle - nubwo bwose ishami ry'imikino rya BBC ryumva ko ubuyobozi bw'ikipe bucyimushyigikiye.










