Jose Mourinho amenyereza Manchester United yemeza ko uwo mugwi ushobora gukina neza gusumba

Ahavuye isanamu, EPA
Umumenyereza wa Manchester United, Jose Mourinho, yavuze ko atari vyiza kubo uwo mugwi udatsinda na rimwe mu nkino zitanu mu mahiganwa yose bamaze imisi bakina.
Mourinho ari mu mazi abira inyuma y'aho United itanguriye ihiganwa nabi ibintu bitari bwigere bishika mu myaka 29.
Imbere y'uko uwo mugwi uhura na Newcastle kuri uyu wa gatandatu yavuze ati:"Turashobora kuvyifatamwo neza gusumba. Kugira bishoboke, dukeneye amanota."
Abajije nimba abona ko inkino zitanu ata ntsinzi aronse atari ibintu vyiza, yishuye ngo:" Ndavyemera."
Uwo munye Portugal yagaragaraye ariko arashwana n'umukinyi wo hagati Paul Pogba mu ndwi iheze, yavuze ko hari "impamvu nyinshi" zatumye badatsinda, ariko yanka kuzisigura.
Manchester United iriko irihweza ingene itokina inkino zitanu zose idatsinze na rumwe ubwa kabiri kuva mu 1999.
Ntibaratsindira ku kibuga cabo ca Old Trafford kuva umusi gugururwa ihiganwa ry'uyu mwaka - ibintu bikaba vyabandanije gutyo gushika kuri uyu wa kabiri aho banganya na Valence 0-0.
Urwo rukino rw'imigwi yabaye iya mbere iwabo rwakurikiye urwo Tottenham yabatsinzemwo, ukunganya na Wolves hamwe n'isezererwa mu gikombe ca Carabao kuri penalite, wewe adafata nko gutsindwa.
Avuga ati:"Gutsindwa rimwe iwacu mu mwaka wose, gutsindwa rimwe gusa mu nkino indwi ziheze."
"Ariko ntituratsindira iwacu mu nkino zitatu ziheze - twanganije gatatu. Sinumva ko twatsinzwe ariko kandi nta munezero w'intsinzi uhari.
"Urumva rero, kuri twebwe turakeneye intsinzi mu rukuni rwo kuri uyu wa gatandatu."










