Uko inkino za UEFA zagenze: Liverpool 3-2 PSG, Barcelona 4-0 PSV Eindhoven Messi aho Messi yatsinze ibitego 3, Inter Milan 2-1 Tottenham Hotspur

Ahavuye isanamu, Getty Images
Roberto Firmino yatsinze igitego mu minota ya nyuma ca Liverpool, cahaye intsinzi uwo mugwi kuri Paris St-Germain yo mu Bufaransa mu rukino rwa mbere rwo mw'itsinda C rw'imigwi yabaye iya mbere iwabo i Buraya.
Urwu rukino rwabereye ku kibuga ca Anfield.
Firmino ntiyatanguye urukino kuko atari ameze neza kubera igikomere co ku jisho, akaba yakomerekeye mu rukino batsinzemwo Tottenham ibitego 2-1 ku musi wa gatandatu mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza.
Ariko yinjiye ku munota wa 72, aca afasha uwo mugwi umenyerezwa na Jurgen Klopp kuronka intsinzi bari batanguye kwihebura inyuma y'aho umufaransa Kylian Mpappe atsindiye igitego co kunganya ca PSG.
Daniel Sturridge yakinye mu kibanza ca Firmino mu gice ca mbere, ni we yatsinze igitego ca mbere akoresheje umutwe ku mupira uvuye kwa Andrew Robertson ku munota wa 30.
James Milner ni we yinjije igitego kigira kabiri ateye penalite, inyuma y'aho Georgino Wijnaldum akiniwe nabi imbere y'igoli.
Thomas Meunier ni we yagomboye igitego ca mbere ca PSG imbere y'akaruhuko, ku munota wa 40, ariko inyuma yo gushobora kuzibira Neymar na Mbappe umwanya munini, Liverpool yari ifise icizere co gutsinda.
Mohamed Salah yateye umupira mw'igoli ariko umuhagarikizi yanse ico gitego kubera ikosa ryakozwe imbere y'uko cinjira.

Ahavuye isanamu, AFP
Abo bkinyi bamenyerezwa na Klopp bumiwe igihe Mbappe yabacika atsinda igitego umunyegoli Alisson mu gihe urukino rwari rusigaje iminota indwi gusa.
Ariko Firmino ni we yabaye yabaye incungu mu gutsinda ikindi gitego, atuma Liverpool itangurana intsinzi mu nkino z'imigwi yabaye iya mbere i Buraya. Yinjije umunyegoli Alphonse Areola umupira w'inguvu ku munota wa 90+1.

Uko inkino zose zagenze ku musi wa kabiri itariki 18 ukwezi kw'icenda mu 2018
- Barcelona 4-0 PSV Eindhoven
- Inter Milan 2-1 Tottenham
- Club Brugge 0-1 Borussia Dortmund
- Monaco 1-2 Atletico Madrid
- Red Star Belgrade 0-0 Napoli
- Liverpool 3-2 Paris Saint Germain
- Schalke 1-1 FC Porto
- Galatasaray 3-0 Lokomotiv Moscow


Ahavuye isanamu, Getty Images
Urukino ruzokurikira mu migwi yabaye iya mbere iwabo i Buraya Liverpool izoja gukina na Naples mu Butaliyano itariki 3 z'ukwezi kwa cumi.
Naples yanganije 0-0 na Red Star Belgrade mu rundi rukino rwo mw'itsinda rya C.
Messi ntamenyerwa: : Barcelona 4-0 PSV.

Ahavuye isanamu, EPA
Mu rundi rukino, Lionel Messi yatsinze ibitego bitatu ku ncuro ya 48, afasha Barcelone kunyagira umugwi wa mbere wo muri Holande PSV Eindhoven mu rukino rwabo rwa mbere mu migwi yabaye iya mbere iwabo i Buraya ibitego 4-0.
Ibitego vya Messi vyinsjiye ku minota ya 31, 77 na 87.
Uwo mukinyi rurangiranwa yatsinze igitego ca mbere inyuma y'aho Suarez atereye umupira ugwa ku mwamba w'igoli.
Ousmane Dembele na we yacenze abakinyi b'inyuma babiri aca yinjiza igitego ca kabiri ca Barca.
Messi yatsinze igitego kigira gatatu ahawe umupira na Rakitic imbere y'uko umukinyi w'inyuma wa Barcelone Samuel Umtiti yirukaniwe mu kibuga ahawe ikarata zibiri z'umuhondo ku munota wa 79.
Mu gihe bariko barakina bari icumi, Barca yatsinze ikindi gitego ca kane aho Suarez yahaye umupira mwiza Messi, na we aca arawongeranya udahagaze ariko ku metero 15 uvuye kw'igoli.
Inter Milan yatangaje Tottenhamku kibuga ca San Siro
Muri urwo rukino rundi rwo mw'itsinda rya B, Inter Milan yari yarushijwe ariko iza kugombora inatahukana intsinzi y'ibitego 2-1 ku kibuga ca San Siro

Ahavuye isanamu, Reuters
Tottenham yinjije igitego ku munota wa 53 cinjijwe na Christian Eriksen, baca barijajara.
Mu nyuma Inter Milan yabivyukiranije ku bitsindo vya Mauro Icardi na Matias Vecino ku munota wa 85 na 90+2.
Tottenham nta mahirwe ifise mu Butaliyano kuko bamaze gutsindirayo urukino rumwe gusa mu nkino 10 bamaze gukinirayo n'imigwi yo mu Butaliyano muri iyi misi ya vuba.
Muri izo nkino, banganije incuro zine batsindwa incuro zitanu.
Christian Eriksen wa Tottenham amaze gutsinda ibitego bitatu mu nkino zitanu za vuba z'imigwi yabaye iya mbere iwabo i Buraya, igitego kimwe kuruta ivyo yatsinze mu nkino 24 yari amaze gukina mu nkino mwene izo imbere y'aho.
Ku ruhande rwa Harry Kane, ibintu ntivyifashe neza. Yavuye mu kibuga ata mu pira n'umwe ateye mw'igoli, incuro ya kabiri kuva inkno z'umwaka uheze zirangiye mu rukino yakinye iminota 45 irenga. Ni na ko vyamugendeye mu rukino bakinye na Man City mu kwezi kwa kane mu 2018.
Ubu bubaye ubwa mbere Tottenham intsindwa inkino zitatu yikurikiranya bariko baramenyerezwa na Mauricio Pochettino , n'incuro ya mbere kuva ku rukino rwo mu 2014 igihe bamenyerezwa na Tim Sherwood.
Diego Costa yafashije Atletico gutsinda

Ahavuye isanamu, Reuters
Atletico Madrid na yo yivyikiranije Monaco mu kubatsinda ibitego 2-1 mu rukino rwa mbere rwo mw'itsinda A mw'ihiganwa ry'imigwi yabaye iya mbere iwabo i Buraya.
Samuel Grandsir ni we yatanguye kwinjiza.
Diego Costa yatsinze ahawe umupira na Antoine Griezmann, Jose Gimenez na we atsinda igitego n'umutwe umupira uvuye muri korone utewe na Koke.
Ariko Atletico umumenyereza wabo Diego Simeone yari yicaye mu barorerezi, yahatswe gutsindwa mu minota ya nyuma aho Kamil Glik yaronka akaryo ko gutsinda ariko aca ata umupira hanze n'umutwe.
Uwo munya Argentine, Simeone yariko ararangiza igihano c'inkino umunani yahagaritswemwo bivuye ku makosa yakoze ku rukino rwabahuje na Arsenal mu gice ca kabiri gishira ica nyuma ca Europa League mu mwaka uheze.
Atletico - ikibuga cabo ca Wanda Metropolitano ari co kizakira inkino za nyuma muri uyu mwaka, bariko baragerageza kudakora nko mu mwaka uheze, aho bavuye mw'ihiganwa bakiri mu matsinda.
Mu rundi rukino rw'itsinda rya A, Borussia Dortmund batsinze Clup Brugge 1-0 catsinzwe na Christian Pulsic yariko yigina imyaka 20 y'amavuka.
Umunyegoli wa FC Porto Iker Casillas na we yabaye umukinyi wa mbere akinye inkino 20 z'imigwi yabaye iyambere iwabo i Buraya, aho yari mu rukino rwaheze banganijemwo na Schalke 1-1.
Mu rundi rukino rwo muri iryo tsinda Galatasaray yatsinze Lokomotiv Moscou 3-0.
Woba ugira ube umwaka wa Messi na Barcelona?

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Barcelona batsinze inkino 25 kuri 27 z'imigwi yabaye iya mbere iwabo i Buraya bakinyiye ku kibuga cabo ca Nou Camp, izo zindi nkino zibiri zikaba zarangiye banganije. Ubwa nyuma bahatsindiwe hari mu kwezi kwa gatanu mu 2013 n'umugwi wa Bayern Munich 3-0
- PSV Eindhoven ntibaratsinda urukino na rumwe mu nkino icenda bamaze gukina mu misi ya vuba mu nkino z'imigwi yabaye iya mbere iwabo i Buraya (Banganije 4, batsindwa 5).
- Messi amaze gutsinda ibitego imigwi 30 itandukanye mu nkino z'imigwi yabaye iya mbere iwabo i Buraya - Raul (33) na Cristiano Ronaldo (32) ni bo bamaze gutsinda ibitego imigwi myinshi kumusumvya.
- Messi amaze gutsinda ibitego bitatu mu rukino rumwe incuro nyinshi gusumba abandi muri kahise k'inkino z'imigwi yabaye iya mbere iwabo i Buraya (8). Amaze gutsindira Barcelone ibitego bitatu mu rukino rumwe incuro 42 , Argentine na yo incuro 6.










