Barcelone yatahukanye igikombe muri Espagne

Ahavuye isanamu, Getty Images
Barcelone yatsindiye igikombe c'ihiganwa ryo mu Bwongereza mu rukino rwiza cane ariko barakeneye guhindura vyinshi nibaba bashaka guhiganwa n'iyindi migwi y'ibihangange yo ku mugabane wa Buraya.
Muri urwo rukino Barecelone yatsinzemwo ibitego 4-2, Lionel Messi yinjijemwo 3, habonetsemwo intsinzi igira indwi mu myaka cumi, aho bahejeje barusha Athletico Madrid amanota 11 mu gihe hagisigaye inkino zitatu.
Uwo mugwi umenyerezwa na Valverde urangije ihiganwa udatsinzwe na rimwe, ukaba watwaye igikombe c'umwami utsinze Seville ibitego 5-0.
Ariko haracari agahaze, nko mugusezererwa mu nkino z'igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo na AS Roma aho mu rukino rwa mbere Barcelone yari yatsinze ibitego 4-1.
Bwabaye ubwa gatatu Uwo mugwi usezererwa muri izo nkino ugeze mu gice ca kane gishira ica nyuma.






