Manchester United na Chelsea batsinzwe mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza

Alli appeared to be fouled by Antonio Valencia with the score at 2-0 in the first half

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Vyabonetse ko Alli yakiniwe nabi na Antonio Valencia mu gihe ibitego vyari bimaze kuba 2-0 mu gice ca mbere

Umumenyereza Mauricio Pochettino abakinyi biwe ba Tottenham ku rukino bagize, inyuma y'aho Christian Eriksen kw'isegunda ya 11 urukino rutanguye, aho baciyebatsinda Manchester United ibitego 2-0 ku kibuga ca Wembley.

Wari umusi imigwi ikomakomeye itsindwa, aho Chelsea ifise igikombe co mu mwaka uheze yatsinzwe 3-0 na Bournemouth, intsinzi umumenyereza w'uwo mugwi Eddie Howe yavuze ko ari yo nziza cane mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza.

Ibitsindo vyo gice ca kabiri vya Callum Wilson, Junior Stanislas na Nathan Ake vyabahaye intsinzi ya mbere Bournemouth batari ku kibuga cabo mu nkino indwi, bukaba bwari bubaye ubwa mbere uwo mugwi utsindwa gutyo.

Bournemouth bamaze mu cicaro ca mbere imyaka itatu, baratsinze Chelsea na Manchester United mu mwaka wa 2015-2016, Liverpool na Leicester City mu mwaka wa 2016-2017, hamwe rero na Arsenal mu ntango z'uku kwezi.

Ku kibuga ca Wembley, umunya Danmark Ericksen yateye umupira uvuye kwa Harry na Dele Alli aca atsinda igitego kiri muri bitatu vyihuse kwinjira mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza.

Manchester United biyinjije igitego kigira kabiri ku munota wa 28.

"Urashobora gutahukana intsinzi mu gihe waje witeguriye urugamba. Vyabaye vyiza kuba twatanguye neza," ni ko Pochettino yavuze.

Umumenyereza wa Manchester United Jose Mourinho yasiguye ko ico gitego ca mbere "gitangaje" anongerako ko:"igitego ca kabiri kiravuna intege. "Kugira umugwi utahukane itsinzi ukenera gutsinza no kuzibira - uyu musi nta co twakoze."

Uko gutsindwa guhagaritse umuvuduko wa Manchester United yari imaze gustinda mu nkino umunani yikurikiranya mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza no kwongereza amanota abatandukanya na City gushika kuri 15.

Eriksen returned to the side after injury and needed just 11 seconds to find the net

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Christian Eriksen yatsinze igitego ca mbere inyuma y'amasegunda 11 gusa urukino rutanguye

Umukinyi Alexis Sanchez aherutse kuja muri Manchester United ava muri Arsenal nta co yashoboye kubamarira.

Ntiyigeze atera mw'igoli kandi yakoze ku mupira incuro zibiri gusa yegereye igoli.

Mourinho lost Marouane Fellaini to injury seven minutes after sending him on

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Marouane Fellaini yavuye mu kibuga inyuma y'imitota indwi gusa yinjiye mu kibuga
Eriksen dictated and offered Tottenham moments of calm in an otherwise frenzied encounter. His accuracy in possession, his weight of pass and desire to constantly make things happen proved telling throughout. Only Kieran Tripper touched the ball more of all the players on the pitch and Eriksen mixed passes with crossing as his eight crosses was a game high.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Eriksen yakiniye neza cane umugwi wiwe wa Tottenham

Manchester United izokina na Huddersfield ku musi wa gatandatu isaha 15:00 GMT hanyuma Tottenham na yo ihure na Liverpool ku musi w'Imana isaha 16:30

Callum Wilson

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Callum Wilson amaze gutsinda ibitego umunani mu nkino undwi za Bournemouth
Chelsea

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Uwahoze akinira Arsenal Olivier Giroud na n'umukinyi w'inyuma Emerson Palmieri yahora muri Roma Roma yaguzwe amapawundi imiliyoni 17.6 berekanywe ku mugaragaro mu gihe c'akaruhuko

Bournemouth izosubira gukina itariki zitatu z'ukwa kabiri mu rukino ruzobera ku kibuga cayo aho bazohura na Stoke (15:00GMT).

Bishoboka ko Olivier Giroud na Emerson Palmieri bazokina urukino rwabo rwa mbere mu mugwi Chelsea ku wa mbere itariki 5 ukwezi kwa kabiri (20:00GMT ), aho uwo mugwi umenyerezwa na Conte bazohura na Watford ku kibuga ca Vicarage Road.

Uko inkino zo kuri uyu wa gatatu zagenze

  • Chelsea0 -3 Bournemouth
  • Everton2 -1 Leicester
  • Newcastle 1 - 1 Burnley
  • Southampton 1 -1 Brighton
  • Man City 3 -0 West Brom
  • Stoke 0-0 Watford
  • Tottenham 2-0 Man Utd