Manchester United na Chelsea batsinzwe mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umumenyereza Mauricio Pochettino abakinyi biwe ba Tottenham ku rukino bagize, inyuma y'aho Christian Eriksen kw'isegunda ya 11 urukino rutanguye, aho baciyebatsinda Manchester United ibitego 2-0 ku kibuga ca Wembley.
Wari umusi imigwi ikomakomeye itsindwa, aho Chelsea ifise igikombe co mu mwaka uheze yatsinzwe 3-0 na Bournemouth, intsinzi umumenyereza w'uwo mugwi Eddie Howe yavuze ko ari yo nziza cane mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza.
Ibitsindo vyo gice ca kabiri vya Callum Wilson, Junior Stanislas na Nathan Ake vyabahaye intsinzi ya mbere Bournemouth batari ku kibuga cabo mu nkino indwi, bukaba bwari bubaye ubwa mbere uwo mugwi utsindwa gutyo.
Bournemouth bamaze mu cicaro ca mbere imyaka itatu, baratsinze Chelsea na Manchester United mu mwaka wa 2015-2016, Liverpool na Leicester City mu mwaka wa 2016-2017, hamwe rero na Arsenal mu ntango z'uku kwezi.
Ku kibuga ca Wembley, umunya Danmark Ericksen yateye umupira uvuye kwa Harry na Dele Alli aca atsinda igitego kiri muri bitatu vyihuse kwinjira mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza.
Manchester United biyinjije igitego kigira kabiri ku munota wa 28.
"Urashobora gutahukana intsinzi mu gihe waje witeguriye urugamba. Vyabaye vyiza kuba twatanguye neza," ni ko Pochettino yavuze.
Umumenyereza wa Manchester United Jose Mourinho yasiguye ko ico gitego ca mbere "gitangaje" anongerako ko:"igitego ca kabiri kiravuna intege. "Kugira umugwi utahukane itsinzi ukenera gutsinza no kuzibira - uyu musi nta co twakoze."
Uko gutsindwa guhagaritse umuvuduko wa Manchester United yari imaze gustinda mu nkino umunani yikurikiranya mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza no kwongereza amanota abatandukanya na City gushika kuri 15.

Ahavuye isanamu, Reuters
Umukinyi Alexis Sanchez aherutse kuja muri Manchester United ava muri Arsenal nta co yashoboye kubamarira.
Ntiyigeze atera mw'igoli kandi yakoze ku mupira incuro zibiri gusa yegereye igoli.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ahavuye isanamu, Getty Images
Manchester United izokina na Huddersfield ku musi wa gatandatu isaha 15:00 GMT hanyuma Tottenham na yo ihure na Liverpool ku musi w'Imana isaha 16:30

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ahavuye isanamu, AFP
Bournemouth izosubira gukina itariki zitatu z'ukwa kabiri mu rukino ruzobera ku kibuga cayo aho bazohura na Stoke (15:00GMT).
Bishoboka ko Olivier Giroud na Emerson Palmieri bazokina urukino rwabo rwa mbere mu mugwi Chelsea ku wa mbere itariki 5 ukwezi kwa kabiri (20:00GMT ), aho uwo mugwi umenyerezwa na Conte bazohura na Watford ku kibuga ca Vicarage Road.
Uko inkino zo kuri uyu wa gatatu zagenze
- Chelsea0 -3 Bournemouth
- Everton2 -1 Leicester
- Newcastle 1 - 1 Burnley
- Southampton 1 -1 Brighton
- Man City 3 -0 West Brom
- Stoke 0-0 Watford
- Tottenham 2-0 Man Utd










