Ukraine-Russia: 23 bishwe mu gitero ca misire mu gisagara ca Vinnytsia

Ahavuye isanamu, Reuters
Ibisasu vya misire vyaraye bitewe n’Abarusiya vyaguye mu gisagara kiri kure y’ahabera intambara yo mu buseruko, bihitana abantu n’imiburiburi 23 harimwo abana batatu, nk’uko abategetsi ba Ukraine babivuga.
Abarenga ijana nabo bakomeretse muri ico gitero cabereye mu gisaga ca Vinnytsia kiri mu bumanuko bushika uburengero bw’umugwa mukuru Kyiv, kure cane ya Donbas iberamwo urugamba.
Ibisasu bitatu vya misire vyaguye ku nyubakwa y’ibiro vyongera vyonona n’amazu atuwemwo n’abanyagihugu.
Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine avuga ko iki ari "igitero c’iterabwoba ceruye”.
Ibi bisasu vya misire vyaguye mu gituro c’amamodoka c’iyo nyubakwa y’igorofa icenda, hafi isaha zitanu z’ijoro, nk’uko bitangazwa n’igisata ca Ukraine kijejwe ubutabazi.
Amazu atuwemwo n’abanyagihugu nayo nyene yatewe hagati muri ico gisagara ca Vinnytsia gifise abantu bababa 370.000.
Ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi ntiburagira ico buvuze kuri iki gitero, ariko busanzwe buhakana ivyo gutera abasivire.
Ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Ukraine bivuga ko ibi bisasu vya misire vyaterewe mu bwato bw’intambara buri mu Kiyaga Cirabura (Mer Noire/Black Sea).
Abantu batari bake bahagaritswe inyuma y’iki gitero nk’uko bivugwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati wa Ukraine, aho yongerako y’uko bariko barabazwa n’igipolisi be n’igisata ca Ukraine kijejwe umutekano.
Umutegetsi mukuru wo mu gisata kijejwe ubutabazi yabwiye imboneshakure yo muri ico gihugu ko hari “amahirwe make yo gutora aboba barokotse” muri ico gitero.
Zelensky nawe, mw’itangazo yacishije ku mbuga hwaniro, yanditse ati: "Imisi yose, Uburusiya bwica abasivire, bwica abana ba Ukraine, butera ibisasu vya misire ku nyubakwa z’abasivire, ahantu hatari n’ibirindiro vya gisirikare. None ibi ni ibiki, uretse ko ari igikorwa c’iterabwoba?”.
Avuga ko Uburusiya bwaraye bugandaguye abasivire mu gihe hariko haba inama ku vyaha vyo mu ntambara bikorwa n’Uburusiya ibera mu Buholande.
Ati: "Ubu rero Uburusiya bwerekanye aho buhagaze ku bijanye n’amategeko mpuzamakungu, ku mugabane wa Bulaya, hamwe no ku bantu b’intungane kw’isi yose”.
"Inyuma y’ibi, nta n’umwe yogira amakenga ko hakenewe vuba bwango Sentare idasanzwe ku gitero c’Uburusiya kuri Ukraine”.
Abategetsi ba Ukraine bavuga ko umwe muri aba bana batatu bishwe muri ico gitero yari umukobwa yitwa Liza yari avuye mu myimenyerezo yo kuvuga ari kumwe na nyina igihe iki gitero caba.
Iki gitero cabaye mu gihe abashikiranganji b’Ubumwe bwa Bulaya bajejwe imigenderanire n’abajejwe ubutungane bategerezwa guhurira mu nama i La Haye/ The Hague kugira bige ibijanye n’ivyaha vyo mu ntambara bikorwa n’Uburusiya.
Mw’itangazo basohoye mu nyuma, Ubumwe bwa Bulaya buvuga ko iki ari igitero c’agahomerabunwa kandi ko abasivire ari bo babandanya batikira “kubera Uburusiya bubandanya buhonyanga amategeko mpuzamakungu”.
Umushikiranganji w’imigenderanire wa Ukraine Dmytro Kuleba yagiriza Uburusiya gukora “ikindi caha co mu ntambara” muri kino gitero i Vinnytsia.
Yanditse ati: "Aba Barusiya bakora ivyaha vyo mu ntambara tuzobakurikirana ku maraso yose y’abanya-Ukraine bariko barasesa no ku marira bateye”.
Umuririmvyi wa Ukraine wo mu mudiho wa pop Roxolana yategerezwa kuremesha igiteramo mw’ijoro rya nijoro ku wa kane mu nyubakwa y’ukwidagadura muri ico gisagara, ariko iyi nyubakwa yarasambutswe muri kino gitero.
Yanditse kuri Instagram ko abo bari kumwe bose bakomeretse kandi ko umwe yapfuye.










