'Abanyafrika n'ukubafata ukwabo ku kibazo c'abahuza ibitsina bafise ibisa' - Papa Fransisko

Papa Fransisko

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Papa Fransisko amaze kugira ingendo nyinshi muri Afrika kuva ashikiriye ayo mabanga mu 2013

Papa Fransisko avuga ko abasenyeri bo muri Afrika "bofatwa ku buryo bwihariye" uravye uko biyamiriza ingingo yiwe yo kurekurira imihezagiro abubakana bafise ibitsina bisa.

Ariko agumana icizere ko buhoro buhoro bose bazogenda barahumirizwa n'ubutumwa bw'ishengero.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru co mu Butaliyano, Papa yavuze ko abarongoye ishengero muri Afrika n'abayoboke babo babona abahuza ibitsina bafise ibisa, ufatiye ku karanga kabo, ko ari "ikintu kibi cane".

Avuga ko inyandiko nshasha yo mu kwezi guheze Fiducia Supplicants, yari ifise intumbero "yo guhuriza hamwe atari iyo gucanishamwo".

Papa Francois yavuze ko adatewe umutima uhagaze n'uko abakigendera mu nzira za kera bokwitandukanya n'ishengero Katolika kubera iyo mpinduka, akemeza ko ivyo bivugwa n''akagwi gatoya'.

Igihe Vaticano yemerera imihezagiro ababana bafise ibitsina bisa hamwe n’abubakanye mu buryo butemewe n’amategeko (abacikiye), yabaye inkuru yavuzwe cane mu binyamakuru vyinshi kw’isi yose.

Ingingo y’imbonekarimwe yatumye abakatolika kw’isi yose bagwa mu gahundwe. Hagati aho, nk’uko Jean-Paul Messina umwigisha wa kaminuza akongera akaba n’umuhinga mu bijanye na kahise k’ukwemera gikristu abivuga, “ku bihweza ibintu n’ibindi, ni ibintu vyari vyitezwe”.

Uno mwigisha wo kw’ishure kaminuza Université Catholique d’Afrique Centrale avuga ko habaye sinode y’imyaka ibiri yaranzwemwo “ukutumvikana gukomeye hagati y’abarongoye Ekleziya mu bihugu vy’Uburengero n’abarongoye Ekleziya muri Afrika, neza na neza biturutse kuri iki kibazo co guha imihezagiro abubakanye bafise ibitsina bisa, abahukanye canke abahukanye bagasubira kwubakana n’uwundi”.

Ni ikintu camye gishigikiwe na Papa Fransisko ariko kikarwanywa n’abepiskopi ba Afrika n’abo ahandi. Ku bwabo, ibihugu vy’Uburengero bishaka guhatira ku Banyafrika kwemera ubutinganyi.

"Fiducia supplicans"

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Kubwa Vaticano, urwandiko "Fiducia supplicans" ni inyishu ku basaba imihezagiro ku bantu babiri, n’aho boba bubakanye “mu buryo buteye kubiri n’amategeko”.

Uru rwandiko rw’impapuro umunani rurasigura neza ko iyi mihezagiro “idategerezwa gutegurwa n’abarongoye Ekleziya nk’uko bisanzwe mu migirwa ya Ekleziya kugira ngo ntihabe ukuyitiranya n’umuhezagiro nyawo w’Isakaramentu ryo kwubaka rukristu". Bitegerezwa gukorwa "hanze ya Liturujiya".

Umukuru w’igisata kijejwe inyigisho z’ukwemera, Karidinali Victor Ferandez, asobanura ko "inyigisho zijanye n’ukwubaka rukristu zidahinduka kandi ko ino mihezagiro idasigura ko Ekleziya yemeye uno mubano” w’abafise ibitsina bisa.

Ku bwiwe, “imigirwa n’amasengesho bishobora guteza ukuzazanirwa hagati y’umugirwa wo kwubakana rukristu hamwe n’ibiwuvuguruza ntivyemewe”.

"Fiducia supplicans" yibutsa ko, kubw’“inyigisho kama za Katolika”, imibonano mpuzabitsina yonyene yemewe ni hagati y’umugabo n’umugore bubakanye rukristu.

Umuhezagiro ku bacikiye canke ku bafise ibitsina bisa ntushobora na gato kwitiranywa n’isakaramentu ry’ukwubaka rukristu hagati y’umugabo n’umugore.

Ariko, Vaticano iraha uburenganzira abapatiri kwihitiramwo bo nyene ingingo, bihweje ikibazo ca buri muntu kandi “ntibategerezwa gukumira canke kuzibira abantu bashaka kwiyegereza Ekleziya uko bazoba bameze kwose mu gihe bazoba bashaka gusaba ubufasha bw’Imana biciye ku muhezagiro usanzwe”.

"Fiducia supplicans" ni urwandiko rudatomoye rutatevye guteza impari mu banywanyi ba katolika, bituma abarongoye Ekleziya Katolika muri Afrika barwiyamiriza.