Katolika mu Rwanda yitandukanije n’ibisabwa na Papa kuko bivuguruza ‘itegeko ry’Imana n’umuco wacu’

Umupatiri mu misa gatolika

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abepiskopi bo mu Rwanda bamenyesha ko uru rwandiko rwa Vaticano rutaje “guhindura inyigisho za Ekleziya zijanye n’umuhezagiro w’Isakaramentu ryo kwubaka rukristu" (Ifito yo mu bubiko)

Abakuru b'Ekleziya Katolika mu Rwanda bamenyesha ko Ekleziya idashobora "guha umuhezagiro umubano w'ababana basangiye igitsina kuko vyoba bivuguruza itegeko ry’Imana n’umuco" Nyarwanda, nk’uko biri mw’itangazo ryaraye risohowe n’abepiskopi katolika muri iki gihugu.

Iri tangazo rivuga riti: "Kubana kw’abantu bahuje igitsina biteye kubiri rwose n’amategeko y’Imana n’umuco wacu".

Ni inyuma y’aho ku wa 18 Kigarama (12) mu rwandiko ruzwi nka Fiducia supplicans (Ukwizera kwambaza Imana), Papa yemereye abapatiri guha umuhezagiro ababana basangiye igitsina, bamwe bakaba babonye ko ari intambwe ikomeye kuri aba bantu bazwi nka LGBT, bo muri Ekleziya Katolika.

Mw’iri tangazo, Abepiskopi bo mu Rwanda bamenyesha ko uru rwandiko rwa Vaticano rutaje "guhindura inyigisho za Ekleziya zijanye n’umuhezagiro w’Isakaramentu ryo kwubaka rukristu", aho bibutsa ko uno ari umuhezagiro “ugenewe umugabo n’umugore bahujwe n’urukundo ruzira gutandukana kandi rugamije kuvyara”.

Rivuga riti: "Kuba umuhezagiro wohabwa ababana basangiye igitsina vyoteza umuvurungano kw’isakaramentu ryo kwabirana".

Aba bepiskopi bemeza ko Fiducia supplicans yateje impari n’impungenge, bagasaba "abasaserdoti, abihebeye Imana n’abandi bakristu bafatanije ubutumwa kuba hafi no guherekeza urwaruka rwacu n’ingo z’abubakanye, dukomeza guha agaciro isakaramentu ryo kwubaka rukristu n’ubudahangarwa bwaryo bweranda".

BBC Gahuza iracagerageza kurondera Kardinali Antoni Kambanda arongoye Inama y’Abepiskopi Katolika mu Rwanda kugira ngo atange umuco nimba biyamiriza ino ngingo ya Papa Francis nk’uko vyagenze kw’ishengero rya Anglican.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Hagati aho, mu gihe na bagenzi babo bo muri Kenya bashimangira ko "uru rwandiko rutaje guhindura mu buryo ubwo ari bwo bwose Ukwabirana nk’Isakaramentu muri Ekleziya, umubano w’akaramata hagati y’umugabo n’umugore", basigura ko rwemera ko “umuntu uwo ari we wese, bataravye imibereho yiwe n’ukwemera kwiwe, afise uburenganzira bwo guhabwa imihezagiro”.

Mw’itangazo ry’Inama y’Abepiskopi Katolika ba Kenya aho basobanura ic'ari co umuhezagiro, bavuga bati: “Ekleziya ntiyima umuhezagiro umuntu awurondeye mu kuri n’ukwemera. Uno muhezagiro ushobora guhabwa no ku batari Abakatolika, canke no ku batari Abakristu barondera koko umuhezagiro w’Imana”.

Nabo nyene baremeza ko "ababanye basangiye igitsina ata kibanza bafise mu mico" ya Kenya, bagasaba ko abantu botahura ko imihezagiro ari "ikimenyetso co kwiyegereza Imana no kugendera mw’ishaka ryayo twicishije bugufi, twemera ko turi abanyavyaha kandi dukeneye guhinduka no gukizwa".

Inama y’Abepiskopi mu Rwanda ibona ko, kubera impari n’impungenge zitewe n’uru rwandiko Fiducia supplicans, "hakenewe inyigisho zimbitse zofasha kurusha kwumva neza impuhwe z’Imana zigamije gukiza, agaciro k’isakramentu ry’ukwabirana n’ubwoko bw’imihezagiro itangwa".