Menya igituma Ekleziya Katolika muri Afrika yagararije Vaticano ku kibazo c’abatinganyi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igihe Vaticano yemerera imihezagiro ababana bafise ibitsina bisa hamwe n’abubakanye mu buryo butemewe n’amategeko (abacikiye), yabaye inkuru yavuzwe cane mu binyamakuru vyinshi kw’isi yose.
Ingingo y’imbonekarimwe yatumye abakatolika kw’isi yose bagwa mu gahundwe. Hagati aho, nk’uko Jean-Paul Messina umwigisha wa kaminuza akongera akaba n’umuhinga mu bijanye na kahise k’ukwemera gikristu abivuga, “ku bihweza ibintu n’ibindi, ni ibintu vyari vyitezwe”.
Uno mwigisha wo kw’ishure kaminuza Université Catholique d’Afrique Centrale avuga ko habaye sinode y’imyaka ibiri yaranzwemwo “ukutumvikana gukomeye hagati y’abarongoye Ekleziya mu bihugu vy’Uburengero n’abarongoye Ekleziya muri Afrika, neza na neza biturutse kuri iki kibazo co guha imihezagiro ku bubakanye bafise ibitsina bisa, abahukanye canke abahukanye bagasubira kwubakana n’uwundi”.
Ni ikintu camye gishigikiwe na Papa Fransisko ariko kikarwanywa n’abepiskopi ba Afrika n’ab’ahandi. Ku bwabo, ibihugu vy’Uburengero bishaka guhatira ku Banyafrika kwemera ubutinganyi.
Nkako, kuva atowe ngo arongore Ekleziya Katolika mu 2013, Papa Fransisko yaragerageje kurondera ingene Ekleziya yokwemera abantu bari mu murwi uzwi nka LGBTQ+, bakunze kwitwa abatinganyi, canke abahuza ibitsina kandi bafise ibisa, bitabaye ngombwa kubanza guhindura inyigisho z’ukwemera.
Muri Mukakaro (7) 2013, yari amaze gutangura gukoresha imvugo yoroshe ku batinganyi, aho yavuga ati: "None niba umuntu ari umutinganyi hanyuma akarondera Umukama mu bugwaneza, jewe ndi nde kugira ndamucire urubanza?".
Papa Fransisko ntiyerekwa inenwa rikorerwa abatinganyi.
Haciye imyaka cumi, muri Mukakaro 2023, Papa yateye iyindi ntambwe mu kwugururira imiryango imihezagiro ku babana bafise ibitsina bisa hamwe no ku bahukanye, mw’ikete yandikiye abakardinali bagendera ku mico ya kera (conservateurs).
Aha umuntu yokwibuka ko mu kwezi kwa Munyonyo (11) guheze, Vaticano yari yatanze uburenganzira bwo kubatiza abatemera igitsina bavukanye (transgenres/transgenders) hamwe n’abandi batinganyi muri Ekleziya Katolika. Ico gihe, abarongoye Ekleziya basigura ko abatemera igitsina bavukanye “bashobora kubatizwa, co kimwe n’abandi bakristu, mu gihe ata kintu cotuma haduka ivyago canke impungenge mu bemera".
Ku wa 18 Kigarama (12) 2023, urwandiko "Fiducia supplicans" rwasigura iyi mihezagiro rwasohowe na Vaticano rugaterwako igikumu na Papa, rwaje noneho rutsimbataza umugambi wari umaze igihe kirekire.
"Fiducia supplicans"
Kubwa Vaticano, urwandiko "Fiducia supplicans" ni inyishu ku basaba imihezagiro ku bantu babiri, n’aho boba bubakanye “mu buryo buteye kubiri n’amategeko”.
Uru rwandiko rw’impapuro umunani rurasigura neza ko iyi mihezagiro “idategerezwa gutegurwa n’abarongoye Ekleziya nk’uko bisanzwe mu migirwa ya Ekleziya kugira ngo ntihabe ukuyitiranya n’umuhezagiro nyawo w’Isakaramentu ryo kwubaka rukristu". Bitegerezwa gukorwa "hanze ya Liturujiya".
Umukuru w’igisata kijejwe inyigisho z’ukwemera, Karidinali Victor Ferandez, asobanura ko "inyigisho zijanye n’ukwubaka rukristu zidahinduka kandi ko ino mihezagiro idasigura ko Ekleziya yemeye uno mubano” w’abafise ibitsina bisa.
Ku bwiwe, “imigirwa n’amasengesho bishobora guteza ukuzazanirwa hagati y’umugirwa wo kwubakana rukristu hamwe n’ibiwuvuguruza ntivyemewe”.
"Fiducia supplicans" yibutsa ko, kubw’“inyigisho kama za Katolika”, imibonano mpuzabitsina yonyene yemewe ni hagati y’umugabo n’umugore bubakanye rukristu.
Umuhezagiro ku bacikiye canke ku bafise ibitsina bisa ntushobora na gato kwitiranywa n’isakaramentu ry’ukwubaka rukristu hagati y’umugabo n’umugore.
Ariko, Vaticano iraha uburenganzira abapatiri kwihitiramwo bo nyene ingingo, bihweje ikibazo ca buri muntu kandi “ntibategerezwa gukumira canke kuzibira abantu bashaka kwiyegereza Ekleziya uko bazoba bameze kwose mu gihe bazoba bashaka gusaba ubufasha bw’Imana biciye ku muhezagiro usanzwe”.
"Fiducia supplicans" ni urwandiko rudatomoye rutatevye guteza impari mu banywanyi ba katolika, bituma abarongoye Ekleziya Katolika muri Afrika baryiyamiriza.
Umuhezagiro ucanishamwo

Ahavuye isanamu, Getty Images
Aho gutanga umuco ku bijanye n’umugirwa w’imihezagiro muri Ekleziya Katolika, "Fiducia supplicans" ahubwo yatumye abepiskopi batari bake bayirwanya bikomeye, cane cane muri Afrika.
Abepiskopi ba Afrika hafi bose barayiyamirije n’uburakari butari busanzwe bumenyerewe muri bo. Muri Malawi, Nigeria, mu Rwanda, muri Zambia, Repubulika ya Demokarasi ya Congo (RDC), eka n'ahandi henshi barwamiriye kure.
Mu rwandiko rwasohowe ku wa 23 Kigarama, Inama y’igihugu y’Abepiskopi muri Congo (CENCO) yaravuze yeruye iti "oya ku mihezagiro iyo ari yo yose ku bubakanye bafise ibitsina bisa ".
Muri urwo rwandiko nyene, CENCO yategetse abapatiri, abamenyeshamana hamwe n’abigisha ijambo ry’Imana “kudahirahira ngo bahe umuhezagiro ku bagabo n’abagore babanye bafise ibitsina bisa, canke abantu bubakanye ariko bakaba baracikiye".
Kubw’abarongoye Ekleziya muri Congo, uno muhezagiro ushobora guteza umuvurungano ugasanga witiranijwe n’isakaramentu ry’ukwubaka rukristu.
Ku bw’abepiskopi bakuru n’abasenyeri ba Côte d'Ivoire, urwandiko "Fiducia supplicans" rwateje "umwiheburo mu bantu b’Imana".
Mu rwandiko rwateweko igikumu na Musenyeri Marcellin Yao Kouadio, umukuru w’inama y’abepiskopi ba Côte d'Ivoire(CECCI), ku wa 27 Kigarama, bongeye gushimangira "kwubahiriza indangagaciro y’umuryango, y’isakaramentu ryo kwubaka rukristu hagati y’umugabo n’umugore, nk’uko Imana yabishatse kuva ikirema umuntu".
Ni yo mpamvu Musenyeri Marcellin Yao Kouadio yasavye "abapatiri kwirinda guha imihezagiro ababana bafise ibitsina bisa hamwe n’abacikiye".
Eka n’inama y’Abepiskopi ba Cameroun vyagenze uko nyene. Umukuru wayo, Musenyeri Andrew Fuanya Nkea abona ko ubutinganyi ari "ingendo mbi ibangamiye cane kiremwamuntu. Kubera ata gaciro na kamwe ka kiremwamuntu ishingiyeko, ni ugutesha agaciro urukundo, kurenga ku kizira".
Mu gushimangira ko "batemera ubutinganyi hamwe n’abubakana bafise ibitsina bisa", Abepiskopi ba Cameroun "babuza ku mugaragaro imihezagiro iyo ari yo yose y’ababanye bafise ibitsina bisa muri Ekleziya ya Cameroun.".
Muri Sénégal, ni Musenyeri mukuru wa Dakar, Benjamin Ndiaye, yavugiye bagenziwe. Mw’itangazo, abasenyeri ba Sénégal bavuga ko badacira "urubanza abantu" ariko "biyamiriza ingendo iyo ari yo yose yo kurondera kwemera ubutinganyi buteye kubiri n’indangagaciro kama zacu, ndetse n’ukwemera rukristu kwacu".
Prof Jean-Paul MESSINA asigura izi ngendo zo kwiyamiriza Vaticano afatiye ku mvo zibiri z’ukungene ubutinganyi bufatwa muri Afrika.
Ku bwiwe, abantu bumva ko muri Afrika, "ubutinganyi bufitaniye isano n’ubutegetsi kandi ko ku barondera ubutegetsi n’abo babahagararira ubutinganyi ari umugirwa usanzwe".
Uno muhinga w’ivy’amadini yongerako y’uko mu vy’ukuri, ubutinganyi atari “uburyo mpuzabitsina bwemewe kandi bumenyerewe” mu mico yacu hafi yose nk’uko bimeze mu bihugu vy’uburengero.
Muri Afrika, "ubutinganyi bufatwa kandi bubonwa nk’uburyo bwu gukora ubupfumu".
Inama zitandukanye z’abepiskopi nyafrika zagumye mu nzira yo guharanira imico kama ishira imbere umuhezagiro wo kwubaka rukristu mu ntumbero yo kurondoka, nk’uko bivugwa na Léopold Sédar Edong, umwigisha akongera akaba n’umushakashatsi ku mico n’amadini.
Hampande y’uko kwubahiriza umugirwa w’ukwubakana rukristu nk’uko biri mu bitabo vyeranda, abepiskopi ba Afrika kandi bagendera ku muco nyafrika. Dr Léopold Sédar Edong yongerako y’uko abapatiri ba Afrika bafise "inshingano zibiri imbere ya Kristu hamwe n’imbere n’abakurambere, imbere y’isi ya Afrika". Ibi ni vyo bisigura igarariza ryabo.
Kugarukana ituze…
Inyuma y’icuka kibi catewe n’urwo rwandiko rwo ku wa 18 Kigarama, Vaticano yagerageje ku wa 04 Nzero (1) 2024 guhumuriza abepiskopi katolika bo mu bihugu bimwe bimwe banse kwemera umuhezagiro w’ababana bafise ibitsina bisa.
Abarongoye icicaro gikuru ca Ekleziya (Vaticano) bavuze ko bipfuza gutanga umuco kuri Fiducia Supplicans banasaba kandi ko uru rwandiko rwosomwa neza kandi mu bwitonzi.
Vaticano yavuze iti : "Nimba hariho amategeko ahana umuntu yiyemeje ko ari uri umutinganyi akamuhanisha umunyororo, rimwe na rimwe iyicarubozo, eka mbere n’urupfu, ibi bica vyerekana ko gutanga umuhezagiro kwoba ari ukutiyubara".
Hagati aho, icicaro gikuru ca Ekleziya ntikirota giheba uno mugambi wo guhezagira ababana bafise ibitsina bisa hamwe n’abacikiye.
Mu rwandiko rwunganira rukongera rugasigura Fiducia Supplicans, Vaticano iremera ko mu “bihugu bitandukanye, harimwo ibibazo bikomeye vy’akaranga, eka mbere n’ivy’amategeko, bikeneye ko abungere bafata umwanya hamwe n’imikenyuro vy’igihe kirekire". Mu yandi majambo, uno mugirwa wo guhezagira aba bantu uzogenda ukorwa buke buke kandi ufatiye ku bihe.
N’aho uno muco watanzwe, abepiskopi ba Afrika ntibiteguriye guha “imihezagiro” ababanye bafise ibitsina bisa nk’uko bisabwa na Papa. Ku bwa Prof Messina, Papa ari ku rubuga nk’umwungere mu gihe muri Afrika turi ku “rubuga rw’uruvangatirane rw’imibereho, imico n’ubwungere".
Ukwicamwo kubiri?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Muri Ekleziya Katolika, ntibabibona kumwe. Ku ruhande rumwe, hari abagendera ku mico ya kera baterekwa ivyo guhezagira abacikiye, ku rundi ruhande naho hakaba abashaka ko ibintu bihinduka basaba ko Ekleziya ijana n’ibihe ikemera umuryango w’abatinganyi (LGBTQ).
Ku bwa Dr Edong, uku kutumvikana mu bijanye n’ukwemera vyerekana ko hamaze kuba "ugucanamwo gushingiye ku marangamutima" n’ubwo ata gutandukana kurabaho ku mugaragaro.
Kugira ngo bave muri uku kutumvikana, Prof Messina atanga iciyumviro c’uko hoba sinodi yoba irongowe na Papa kugira ngo bace irya n’ino iki kibazo c’ubutinganyi muri Ekleziya hanyuma impari zikavaho. Ibi vyokorwa bazi neza ko “mu mico ikibazo c’ubutinganyi hamwe n’ababana bafise ibitsina bisa ari ikintu kitemewe muri Afrika".
Benshi mu bihweza ibintu n’ibindi babona ko Ekleziya Katolika iri mu mayira abiri. Nk’uko inama z’abepiskopi nyinshi zavyibukije, abakristu benshi ntibabona iyo baja n’iyo bava kandi bafise impungenge.
Muri Gitugutu (10) 2022, Afrika yari ifise imiriyoni 256 z’abakatolika, ni ukuvuga hafi 18% z’abanyagihugu bose b’uno mugabane nk’uko vyerekanwa n’ibiharuro vya Vaticano. Gushika mu 2050, ibihugu bitatu vya Afrika bizoba biharurwa mu bihugu vya mbere vya Katolika kw’isi.
Hagati aho, n’aho Afrika ifatwa ko ari yo "kazoza ka Ekleziya Katolika", ishobora gutakaza abanywanyi kubera ukwiyongera kw’amashengero y’igiporoti ashingiye kw’ivugabutumwa hamwe n’ayandi avugwa ko ari ay’urukiza.










