Menya igituma Ubufaransa busigaranye ikigo kimwe gusa ca gisirikare muri Afrika

Mirage 2000 mu kigo c'Ubufaransa muri Niger.

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, Mamadou Faye
    • Igikorwa, Umunyamakuru - BBC Afrique
    • Yakoze inkuru ari, Dakar

Haraciye imyaka itari mike ibihugu vya Afrika vyiyamiriza ingabo z'Abafaransa ku butaka bwavyo. Ni urugamba rushasha rufitaniye isano n'icuka kibi mu bijanye na poritike hamwe na gisirikare kandi rwagize akamaro cane, kuko mu bihugu vyinshi vyari bitunze ibirindiro vy'igisirikare c'Ubufaransa kuri uno mugabane, hasigaye ico muri Djibouti gusa.

Inyuma yo gutera igikumu ku masezerano yo ku wa 7 Ntwarante (3) uno mwaka yatumye amakaritiye ya Maréchal na Saint-Exupéry, yarimwo ibirindiro bibiri vya gisirikare bifatanye n'ikigo c'ibikoko c'ahitwa Hann i Dakar, ejo ku wa 17 Mukakaro (7) niho ikambi ya Geille de Ouakam ipima ihegitare zitanu yasubizwa abategetsi ba Sénégal.

Mu birori vya gisirikare vyamaze akanya gato, Jenerali Pascal Lanni, komanda w'igisirikare c'Ubufaransa muri Afrika yashikirije ku mugaragaro Jenerali Mbaye Cissé, umukuru w'ibiro bikuru vy'igisirikare ca Senegal, ikimenyetso c'urupfunguruzo rw'ikambi ya gisirikare ya Geille de Ouakam.

Ni co kigo ca nyuma c'igisirikare c'Ubufaransa muri Afrika y'Uburengero cugawe, co kimwe n'ikirindiro ca gisirikare c'Ubufaransa nyene kiri ku kibuga c'indege Léopold Sédar Senghor c'i Dakar, umugwa mukuru.

Kuva muri Nzero (1) 2025, umurwi rusangi wari washizweho n'ibi bihugu bibiri washinze ikirangamisi c'ukungene ingabo z'Ubufaransa zizogenda ziva muri ico gihugu.

Mu rwego rwo gufashanya mu vya gisirikare n'ibihugu bwahoze bukoroniza, Ubufaransa bwari bwashoboye kwubaka ibigo bitari bike vya gisirikare vyari bifise ingabo zari ziteguriye intambara.

Uno musi, ibintu bitari bike vyarahindutse kubera imihari y'abakeneye ubwigenge nyabwo mu bihugu bitari bike vya Afrika y'uburengero.

Niger, kimwe mu bihugu vya Afrika inzego za gisirikare zavyo ziherutse gusenyura ubutegetsi, yari yatanguye ibiganiro vyatumye ingabo z'Ubufaransa ziva ku butaka bwayo. Abasirikare ba nyuma b'Abafaransa bavuye muri ico gihugu muri Kigarama (12) 2023.

Inyuma ya Tchad hamwe na Côte d'Ivoire na vyo vyafashe iyo nzira, Gabon yakoze impinduka ku kigo ca gisirikare c'Ubufaransa cabaye "ikambi rusangi" y'inyigisho za gisirikare.

Ariko none kubera iki Ubufaransa bwari bufise ingabo zabwo mu bihugu bwahoze bukoroniza ?

Amamuko y'ibigo vya gisirikare vy'Ubufaransa muri Afrika

Ingabo z'Abafaransa zari zajanywe i Timbuktu ku wa 28 Nzero 2013, kugira ngo zibohoze iki gisagara co mu buraruko bwa Mali, zariko zija ku kibuga c'indege ca Timbuktu ku wa 30 Nzero kugira ngo zurire indege izisubiza ku kigo cazo ca Abidjan.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ingabo z'Abafaransa zari zajanywe i Timbuktu ku wa 28 Nzero 2013, kugira ngo zibohoze iki gisagara co mu buraruko bwa Mali, zariko zija ku kibuga c'indege ca Timbuktu ku wa 30 Nzero kugira ngo zurire indege izisubiza ku kigo cazo ca Abidjan.
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Tony Chafer, umwigisha wa kaminuza mu vyigwa bijanye na Afrika n'Ubufaransa kuri ya Portsmouth mu Bwongereza, arasigura imvo n'imvano y'ibigo vya gisirikare vy'Ubufaransa muri Afrika.

Asigura ati : "Ubufaransa bwarateye igikumu ku masezerano yo gufashanya mu vy'imico, ubuhinga n'igisirikare hamwe n'amasezerano ajanye no kwivuna abansi n'ibihugu bitari bike bwahoze bukoroniza, igihe vyaronka intahe yo kwikukira mu1960.

"Hejuru y'ivyo, abajenama ba gisirikare bararungitswe muri Afrika gukorana n'intwaro nshasha z'ibihugu vyari bihejeje kuronka ubwigenge. Amasezerano y'ukwivuna abansi yasobanura ingene ibikorwa vy'igisirikare c'Ubufaransa vyategerezwa gukorwa muri Afrika inyuma y'ubukoloni.

"Muri ano masezerano yo kwivuna abansi no gufashanya mu vyagisirikare bwagiriraniye n'ibi bihugu bwahoze bukoroniza, aho ingabo zishika 10.000 zari mu birindiro canke zikora ibikorwa vya gisirikare muri ivyo bihugu mu myaka yakurikiye ubwigenge bwavyo, Ubufaransa bwarakoze ibitero byo gufasha nibura 30 kuri uno mugabane hagati ya 1964 na 1995".

Ku bwa Chafer, Ubufaransa bwabandanije na "poritike yo gusubirira, aho gukorana n'ingabo za Afrika mu karere zakoreramwo inyuma y'ubukoloni".

None ni ibihe bihugu vya Afrika bifise ibigo vy'igisirikare c'Ubufaransa, ku mvo izahe?

Ibi bigo vya gisirikare ni ivyahe?

Ingabo z'Ubufaransa zariko zitegura ngo zije ku rugamba ku kigo cazo i Niamey, hari ku wa 13 Rusama 2023

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ingabo z'Ubufaransa zariko zitegura ngo zije ku rugamba ku kigo cazo i Niamey, hari ku wa 13 Rusama 2023

Ku gitigiri kingana hafi 10.000 vy'ingabo bwahoranye muri Afrika yo musi y'ubugaragwa bwa Sahara, Ubufaransa bwari bufise ibigo vya gisirikare muri Djibouti, Côte d'Ivoire, Sénégal, Gabon na Tchad.

Djibouti :

Ingabo z'Ubufaransa ziri muri iki gihugu kuva cikukira, ku gitigiri hafi c'1500, ni co gihugu ca Afrika gifise ingabo nyinshi z'Ubufaransa. Mu masezerano yateweko igikumu muri Ruheshi (6) 1977, amasezerano mashasha yo kwivuna abansi yatanguye gushirwa mu ngiro mu 2014, arasigura neza ibisabwa kugira ngo zigume muri Djibouti.

Côte d'Ivoire :

Mu 2012, ubucuti bwa hafi cane bwo kuva kera hagati y'Ubufaransa na Côte d'Ivoire bwatumye haba amasezerano yo gufashanya mu vyo kwivuna abansi hagati y'ibi bihugu bibiri. Ni ho ku wa 1 Nzero (1) 2015, ingabo z'Ubufaransa ziri muri Côte d'Ivoire zabaye kimwe mu bigo vyegereye cane umwansi muri Afrika.

Inyuma y'aho ubutumwa bw'urugamba rwataziriwe Licorne burangiriye ku wa 26 Nzero 2015, rwarimwo ingabo nibura 950, zagumye muri ico gihugu kugira ngo zifashe mu bikorwa vyo kwivuna umwansi muri ako karere gafatwa nka kamwe mu turere kirumara mu vyo kwivuna umwansi k'Ubufaransa, nk'uko biri mu gitabo cerekeye umutekano n'ukwivuna abansi co mu 2013.

Côte d'Ivoire na yo nyene ntiyasigaye inyuma mu bihugu vyashatse ko ingabo z'Ubufaransa zibuvira ku butaka bwavyo.

Nkako, biciye mu mwumvikano, igikorwa co gutahukana ingabo z'Ubufaransa catanguye mu 2023 cagiye kurangira ku wa 20 Ruhuhuma (2) 2025, igihe ikigo ca gisirikare ca Port-Bouët casubizwa abagetetsi ba Côte d'Ivoire.

Inyuma y'imyaka mirongo camaze gicumbikiye batayo (bataillon) ya 43 y'ingabo zirwanira mu mazi (43e BIMA), iki kigo cahavuye citwa Ikambi ya Thomas d'Aquin Ouattara, mu guha iteka umukuru w'ibiro bikuru vy'igisirikare ca Côte d'Ivoire wa mbere.

Gabon :

Mu gihe ziri muri iki gihugu kuva cikukiye mu 1960 biciye mu masezerano yo kwivuna abansi yateweko igikumu muri Myandagaro (8) uwo mwaka nyene, ingabo z'Ubufaransa muri Gabon zagiye kwitwa ingabo z'Ubufaransa ziri muri Gabon mu rwego rwo gufashanya kuva ku wa 1 Nyakanga (9) 2014 , zikaba zashika 350.

Ziri kumwe n'iza Dakar, ziri mu zigize ibigo nyamukuru bijejwe gutsimbataza ubucuti mu vyo kwivuna abansi (ikizwi nka pôle opérationnel de coopération, POC) ku rwego rw'akarere ka Afrika y'uburengero na Afrika yo hagati.

Nk'uko biri ku rubuga ngurukanabumenyi rw'ubushikiranganji bw'Ubufaransa bujejwe kwivuna abansi, izi ngabo z'Ubufaransa muri Gabon zigizwe n'intwazangabo, ibatayo ya 6 y'abasirikare barwanira ku butaka ( 6e Bataillon d'Infanterie de Marine canke 6e BIMA) iri mw'ikambi yitiriwe Charles De Gaulle ku mugwa mukuru Libreville, hamwe n'umurwi w'abasirikare barwanira mu kirere uri ku kigo ca gisirikare Guy Pidoux.

Hariho kandi n'ishure ry'inyigisho zigenewe intwazangabo za gisirikare, rizwi nka Ecole d'administration des forces de défense de Libreville (EAFDL), ryuguruwe muri Mukakaro 2024, hamwe kandi n'irindi ryimirije kwugururwa rijejwe gukingira ibidukikije, izwi nka Académie de protection de l'environnement et des ressources naturelles (APERN), rizokwigisha ingabo zizoba zijejwe kurwanya uruhigi rw'inyamaswa no kwimba inzahabu mu buryo butemewe n'amategeko.

Sénégal :

Ku gitigiri cababa 400, ingabo z'Ubufaransa muri Sénégal (EFS) ziswe gutyo kuva mu 2011, zijejwe kwigisha ingabo z'ibihugu vy'akarere. Aho zisanzwe zicumbikiwe mw'ikambi yitiriwe Koroneli Frédéric Geille i Ouakam no mw'ikambi contre-amiral Protet ku kivuko ca gisirikare ca Dakar, ingabo z'Ubufaransa muri Sénégal zari zifise ikirindiro ku kibuga c'indege ca gisirikare Léopold Sédar Senghor c'i Dakar.

Zari zifise kandi n'ikigo c'itumatumanako ry'ubuhinga buhanitse cegukira ibiro bijejwe itumatumanako rya girisikare, ikizwi nka Direction interarmées des réseaux d'infrastructure et des systèmes d'information (DIRISI), mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Ubufaransa, kikaba kiri ahitwa Rufisque.

Ku wa 28 Munyonyo (11) 2024, imisi mike imbere y'ihimbazwa ry'isabukuru yagira 80 y'igandagurwa ry'abakozi ba Sénégal bishwe ku wa 1 Kigarama (12) 1944 ahitwa Thiaroye, Perezida Bassirou Diomaye Faye, nk'umutumire w'imboneshakure y'Ubufaransa, yarasiguye ukungene bitabereye kubona Ubufaransa bufise ingabo muri Afrika nk'umugabane wigenga.

"Mwebwe nk'Abafaransa, mwoba mwiteguriye kutubona igihe kimwe mu gihugu canyu, dufise ibimodoka ntamenwa n'abasirikare ba Sénégal? Ibintu bihindutse gatoya, ndazi mwovyakira nabi cane ari nka hamwe hogira ikindi gisirikare, Ubushinwa, Uburusiya, Sénégal, canke ikindi gihugu ico ari co cose cogira ikigo ca gisirikare mu Bufaransa", niko yavuze mu kwishura umunyamakuru yari amubajije ico avuga ku ngabo z'Ubufaransa 350 zari zikiri muri Sénégal.

Hagati aho, uno mukuru w'igihugu ca Sénégal yavuze ko ata kiringo ntarengwa cari cashinzwe kugira ngo ingabo z'Ubufaransa zindi zibe zavuye mu gihugu.

Ati : "Nta kindi kiringo ntarengwa kirashingwa kandi naho coshingwa, bizomenyeshwa abategetsi b'Ubufaransa imbere y'uko bibwirwa abandi bose kandi hakurikijwe ikirangamisi kizoshirwaho".

Inyuma y'ikirangamisi categuwe n'umurwi rusangi hagati y'Ubufaransa na Sénégal, ingabo z'Ubufaransa zashikirije ku mugagarago urupfunguruza rw'ikigo cazo ca mbere kinini muri Sénégal ejo ku wa 17 mukakaro 2025.

Tchad :

Mw'itangazo ryasohowe ku wa 28 Munyonyo 2024 inyuma y'urugendo rw'umushikiranganji w'Ubufaransa ajejwe imigenderaire, Jean-Noël Barrot, ku mugwa mukuru Ndjamena, Tchad yatangaje "ingingo yayo yo guhagarika amasezerano yo gufashanya mu vyo kwivuna abansi yateweko igikumu n'Ubufaransa agasubirwamwo ku wa 5 Nyakanga 2019, yari afise intego yo gutsimbataza ugufashanya mu vy'umutekano no kwivuna abansi hagati y'ibi bihugu bibiri".

Ingabo z'Ubufaransa muri Tchad (EFT), hafi igihumbi, zifise igikorwa co gukingira inyungu z'Ubufaransa n'abanyagihugu babwo baba muri ico gihugu. Zarafasha kandi ingabo za Tchad mu vy'uburyo n'igendereza, nk'uko biri mu masezerano yo gufashanya yateweko igikumu n'ibi bihugu vyompi.

Mu 2013, ingabo zari mu rugamba rwiswe Épervier (twogereranya na Agaca) zashika hafi 950 zari ku bigo bibiri nyamukuru, ikigo 172 c'ingabo zirwanira mu kirere i Ndjamena hamwe n'ikigo citiriwe Kapiteni Croci kiri ahitwa Abéché, mu buseruko bwa Tchad.

I Faya, mu buraruko bw'igihugu hari umurwi w'ingabo 50. Mu 2014, urugamba rwitiriwe Barkhane rwasubiriwe n'ibikorwa vyiswe Épervier na Serval mu ntumbero yo gushigikira ibihugu vy'incuti biri mu karere ka Sahel.

Hagati aho, ku wa 28 Munyonyo 2024, ata muntu n'umwe yari avyiteze, Jenerali Mahamat Idriss Déby, umukuru w'igihugu ca Tchad, yatangaje ihagarikwa ry'amasezerano yo gufashanya mu vyo kwivuna abansi Tchad yari ifitaniye n'Ubufaransa, ivyatumye hafatwa ingingo yo gutahukana vuba ingabo z'Ubufaransa zari ku butaka bw'igihugu ciwe.

Ku wa 30 Nzero 2025, Ubufaransa bwasubije abategetsi ba Tchad ikigo ca nyuma ntayegayezwa c'ingabo zirwanira mu kirere ca Adji Kosseï.

Ubutumwa bw'ingabo z'Ubufaransa ziri muri Afrika

Ingabo z'Ubufaransa ziri kumwe n'iza Senegal zari mu myimenyerezo ya gisirikare mu gihe umushikiranganji wa mbere w'Ubufaransa yari mu rugendo i Dakar, ku wa 18 Munyonyo 2019.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ingabo z'Ubufaransa ziri kumwe n'iza Senegal zari mu myimenyerezo ya gisirikare mu gihe umushikiranganji wa mbere w'Ubufaransa yari mu rugendo i Dakar, ku wa 18 Munyonyo 2019.

"Ni vyo ko kuva igihe ibihugu vya Afrika vyaronka intahe y'ukwikura (…) ingabo z'Ubufaransa zari muri Afrika mu ntumbero yo gukomeza no gukingira intwaro zimwe zimwe", nk'uko bivugwa na Dr Bakary Sambe, arongoye ikigo Timbuktu Institute.

Ariko uno musi muri Gabon, "ubutumwa nyamukuru bw'ingabo z'Ubufaransa muri Gabon ni ukwigisha ingabo z'ibihugu vy'incuti vyo mw'ishirahamwe ry'ubutunzi ry'ibihugu vya Afrika yo hagati CEEAC mu ntumbero yo kuzitegura kugira ngo zirungikwe mu butumwa. Bwaba ubwo hanze yavyo canke muri vyo", nk'uko tubisoma kuri urwo rubuga ngurukanabumenyi bw'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Ubufaransa.

Iri soko nyene rivuga ko izi ngabo zitanga inyigisho mu ntumbero yo gutsimbataza ubushobozi bw'ingabo z'ibihugu vy'incuti, cane cane mu rugamba rwo kurwanya imirwi y'iterabwoba, kugenzura imbibe zo ku butaka no mu mazi, ubutumwa bwo kubungabunga amahoro, no gutegura intwazangabo mu bijanye no kurongora urugamba, igendereza n'ibindi.

"Ugufashanya mu bijanye n'ibikorwa vya gisirikare kuri mu mugambi wo gukomeza ubushobozi mu bikorwa vyo kubungabunga amahoro muri Afrika (RECAMP), kugira ngo Ubumwe bwa Afrika (AU) n'amashirahamwe y'akarere ashobore kugira ingabo ziteguye, zifise inyigisho zihagije kandi zishobora kurungikwa vuba: Ingabo za Afrika zimeze magabo [Force Africaine en Attente (FAA)]" nk'uko biri kuri uru rubuga.

Muri Sénégal, abarongoye ingabo z'Ubufaransa bari kumwe n'ubuserukizi bw'Ubufaransa muri ico gihugu, bahagararira ishirwa mu ngiro ry'amasezerano y'ubucuti, bakarangura n'ibikorwa vyo gufashanya mu vya gisirikare, biciye mu nyigisho n'imyimenyerezo mu karere zijejwe mu bihugu 15 bigize ishirahamwe CEDEAO no muri Mauritania.

Dr Bakary Sambe, arongoye ikigo Timbuktu Institute i Dakar agira ati :"Igisirikare c'Ubufaransa muri Sahel no muri Afrika y'uburengero kiriyo kubera vyari nkenerwa kubera ubucuti kama bwo kuva muri kahise, nk'akarere kahoze kabwegukira mu gihe c'Ubukoloni.

"Ikibanza c'Ubufaransa muri Afrika camye gishingiye ku nkingi zitatu: ubucuti bwo kuvukanisha incabwenge, ifaranga rya CFA hamwe n'ingabo zabwo zirungikwa ku mugabane.

Iyi nkingi ya nyuma yatumye habaho ugushigikira intwaro zigenzi zabwo, gutegura no gukingira inyungu z'Ubufaransa, n'ubushobozi bw'igisirikare bwo gutabara vuba na vuba", bivugwa na Bruno Charbonneau, umwigisha kw'ishure rya gisirikare Collège militaire royal de Saint-Jean akaba arongoye n'ikigo Centre FrancoPaix de la Chaire Raoul-Dandurand.

"Ingabo z'Ubufaransa muri Afrika zatumye kandi Ubufaransa bufata iya mbere mu bikorwa vyo gutorera umuti amatati mu bihugu vya Afrika bikoresha ururimi rw'igifaransa, cane cane mu Nama nkuru ya ONU ijejwe amahoro kw'isi",nk'uko Charbonneau abisigura.

Umusirikare wo mu ngabo za Barkhane muri kajugujugu hafi y'ikigo ca gisirikare ca Ouallam, ku wa 15 Mukakaro 2022

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umusirikare wo mu ngabo za Barkhane muri kajugujugu hafi y'ikigo ca gisirikare ca Ouallam, ku wa 15 Mukakaro 2022

Inyiyerekano yo kwiyamiriza ingabo z'Ubufaransa

Iyi myiyerekano yariko ibera imbere y'ikigo c'ingabo z'Ubufaransa n'iza Niger zirwanira mu kirere i Niamey.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Iyi myiyerekano yariko ibera imbere y'ikigo c'ingabo z'Ubufaransa n'iza Niger zirwanira mu kirere i Niamey.

"Mwa ngabo z'Ubufaransa. Tuvireho..." Alpha Blondy, umuririmvyi wo muri Côte d'Ivoire mu mudiho wa reggae, ni we yuguruye imyiyerekano yasaba ko ingabo z'Ubufaransa ziva muri Afrika mu myaka ya 1990.

Mu rukurikirane rw'indirimbo ziwe (album) yise Yitzhak Rabin yasohoye mu 1998, uno munyamuziki yasaba igisirikare c'Ubufaransa kuva kuri uno mugabane. Uru ruririmbo rwabaye intango y'ibihe bishasha vyo guharanira ubwigenge.

Dr Sambe ati : "Igihe hatangura intambara yo kurwanya iterabwoba mu rugamba rwiswe Serval, hanyuma hakaza urwitwa Barkhane bisabwe n'iki igihugu, ingabo z'Ubufaransa zategerezwa gufasha.

"Ariko, mu gihe intumbero nyamukuru yari iyo gutuza imirwi y'iterabwoba, vyagiye kugaragara ko ahubwo iyi mirwi yiyongereye. Rero, zarananiwe".

Dr Sambe abandanya ati : "Inzira ya gisirikare yarerekanye ubushobozi buke bwazo , ibihugu bitari bike bitangura kugira amakenga ku kamaro k'izi ngabo kuba ziri mu karere, ari naho haca hatangura urukurikirane rw'amajambo n'ivyiyumviro bimwe bimwe vyo kuzirwanya, mbere vyasa n'ivyerekana ko kuba ziri ngaho yari amayeri yo gukwegakwega iterabwoba, canke n'imiburiburi kuritsimbataza ukuntu kuri uno mugabane.

"Kubera ukwiyongera kw'incabwenge zifise ubukomezi, abategetsi ba Afrika bakiri bato. B'incabwenge, ariko kandi no kubera urwaruka rudakeneye kubona izi ngabo, nibaza ko ibi vyose bifatanye bituma ingabo mvamakungu uno musi, muri iki gihe c'uguharanira ubwigenge, zifatwa ko ari ikintu co muri kahise.

"Kandi twagiye tubona ko buhoro buhoro, haba muri Mali zariyamirijwe, muri Burkina Faso uko nyene, ariko kandi n'uno musi muri Niger aho babona ko ahubwo harengeranye ko izi ngabo zivanwaho canke naho zikagabanywa".

Ubwo Afrika irashobora gufata mu minwe ikibazo c'umutekano Abafaransa bamaze kugenda ?

Ingabo z'Ubufaransa ku kigo c'ingabo zirwanira mu kirere gisirikare ziriko zikwega ikibombe kiraswa n'indege itajamwo umudereva

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ingabo z'Ubufaransa ku kigo c'ingabo zirwanira mu kirere gisirikare ziriko zikwega ikibombe kiraswa n'indege itajamwo umudereva

Tony Chafer yibutsa ati : "Si abasirikare b'Ubufaransa bonyene bava mu bihugu vya Sahel, ariko kandi hariho na MINUSMA iriko irava muri Mali. Reta ya Mali yitabaje umurwi w'Abarusiya wa Wagner kugira ngo uze kuyifasha guhangana n'umutekano muke ubandanya wiyongera mu gihugu".

"Hagati aho, mu gihe ata ngabo z'Ubufaransa n'iza ONU zikiri mu gihugu, nta n'umwe amenya ibiriko birakorwa n'ingabo za Mali n'incuti zazo za Wagner.

"Bigenda bigaragara ko umutekano w'igihugu ubandanya uba mubi cane kandi ko n'ibikorwa vy'ihonyangwa ry'agateka ka muntu vyiyongereye kuva Barkhane ihagaze n'ingabo za ONU zigatangura kugabanywa".

Ku bwa Chafer , "uruhara nyamukuru rwa Wagner mu gihugu si urwo gutsimbataza umutekano w'abanyagihugu, ahubwo ni urwo gushigikira ubutegetsi bwa gisirikare bwa Mali – mu yandi majambo, iri muri ico gihugu mu ntumbero yo gutsimbataza umutekano w'ubutegetsi, ntiriyo kugira ngo ikingire umutekano w'abanyagihugu".

"Nimba koko imyaka cumi y'urugamba rwa Serval (2013-23), rwakurikiwe n'urwa Barkhane (2014-22), itashoboye kugarukana umutekano mu gihugu, mbere ahubwo ikaba yatumye umutekano urushirizaho kuba mubi, twovuga ko ingabo za Barkhane n'iza ONU zabaye izo gukangira gusa ku mirwi y'inyeshamba ukuntu.

"Ibi bikorwa vyo gukangira ntibikiriho kandi hari vyinshi vyerekana ko umutekano muri Mali no mu karere kose muri rusangi wabaye mubi cane nk'inkurikizi".

Tony Chafer abona ko ingabo z'Ubufaransa n'iza ONU zimaze kugenda "intambara hagati y'ingabo za Mali n'inyeshamba ishobora kwunyura indyane n'imirwi igendera ku vyiyumviro vya Isilamu mu gihugu, aho imirwi ifitaniye isano na Al-Qaïda hamwe na Reta ya Kisilamu igenzura uturere tutari duto.

Arangiza agira ati : "Vyongeye, icuka kibi kimaze amezi ciyongera hagati y'urunani rw'imihari y'inyeshamba ruzwi nka CMA (Coordination des mouvements de l'Azawad) mu buraruko bw'igihugu n'abategetsi ba gisirikare, ibituma haba ubwoba ko amasezerano y'amahoro ya Alger ashobora gupfa hanyuma hagasubira kwaduka intambara zatanguye mu 2012".

Ni izihe nzira zindi ku bihugu vya Afrika ?

Umukoroneli w'umufaransa Faivre ashikirije ikimenyetso c'urupfunguruza rw'ikambi ya Barkhane intwazangabo ya Mali mu birori vyo gushikiriza iki kigo igisirikare ca Mali i Timbuktu ku wa 14 Kigarama 2021

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umukoroneli w'umufaransa Faivre ashikirije ikimenyetso c'urupfunguruza rw'ikambi ya Barkhane intwazangabo ya Mali mu birori vyo gushikiriza iki kigo igisirikare ca Mali i Timbuktu ku wa 14 Kigarama 2021

Muri ibi bihe bishasha vy'impungenge n'uruhagarara birangwa kw'isi, Afrika irakeneye kwicara igasubira kwiyumvira kuri kazoza kayo. Niko Dr Bakary Sambe avyiyumvira.

Ati : "Nibaza ko ibihugu vya Afrika vyohindura ingendo. Twarabonye ko kuzana ingabo mvamakungu ku kibazo c'umutekano w'igihugu cigenga ataco bimaze. Birangira habaye ukuziyamiriza, ariko kandi bikarangira ataco zishitseko, cane cane muri Sahel yo hagati mu rwego rwo kurwanya iterabwoba".

Ku bwa Dr Sambe, mu gihe kwitabaza imirwi yo kwirwanira canke ya gisirikare nka Wagner ataco vyamaze mu rugamba rwo kurwanya iterabwoba, ibitero vy'iterabwoba ahubwo bikiyongera muri Mali, aho umwaka wa 2022 wabaye uw'akaga kadasanzwe mu bijanye n'ibitero vy'iterabwoba, ni ngombwa ko haba ugushira inguvu hamwe.

"Nibaza ko nitwabona ko kwitabaza ingabo z'ibihugu rutura vy'uburengero ata karusho bizana, co kimwe n'imirwi yo kwirwanira, eka mbere n'imirwi ya gisirikare nka Wagner, nta kindi kizoba gisigaye atari ugushira inguvu hamwe, tugasubira ku mikenyuro yamye ivugwa kuva kera, zaba ingabo za CEDEAO, iz'Ubumwe bwa Afrika, ingabo z'uturere dutandukanye ziteguye guhamagarwa igihe cose[Forces en attente, Standby Forces], n'izindi".

Uno mwigisha wa kaminuza akaba n'umushakashatsi abona ko "uno musi hageze gushira hamwe ubuhinga n'ubushobozi mu bijanye no kwivuna abansi, ariko kandi tugatera intambwe yo gushira hamwe izo ngabo zikaba iza Afrika yose, hamwe no gukorana ku rwego rw'akarere ka CEDEAO, naho ku rwego rw'Ubumwe bwa Afrika, hagashingwa izi ngabo za Afrika zivugwa kuva kera ko zikirindiriwe".

"Ni igihe co gushira hamwe ubumenyi n'uburyo. Ni igihe kandi co gukorana hagati y'uturere, kuko ikibazo nk'ica Boko Haram ntigishobora kurwanywa n'ibihugu vya CEDEAO vyonyene canke ibihugu vya Afrika yo hagati vyonyene. Ni ngombwa ko, dufatiye ku kungene ibibazo bigenda biva mu bihugu bija mu bindi, haba ugushira hamwe izi nguvu".

"Kubera urwaruka rufise inguvu rugenda rwiyongera hamwe n'urugamba rwo guharanira ubwigenge, muri kino gihe Afrika nayo ikaba iriko irondera kurwiza incuti kandi zitandukanye, ibi bikaba ari ikibazo gikomeye ku Bufaransa, ni ngombwa ko, uko jewe ndabibona, busubiramwo ukungene bukorana na Afrika. Muri make, nta yindi nzira n'imwe bufise bwo kwivana muri ibi bibazo atari ukwitunganya gushasha, bugahindura ingendo", niko Dr Sambe arangiza avuga.