Niger yafuse amazina y'Ubufaransa mu guha icubahiro intwari za Afrika n'izabo

Djibo Bakary, uwa mbere yabaye umukuru w'igisagara ca Niamey, yagize uruhara rudasanzwe mu kurwanira ukwikukira kw'igihugu ca Niger mu 1960 igihe Charles de Gaulle yari umukuru w'igihugu c'Ubufaransa.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Djibo Bakary, uwa mbere yabaye umukuru w'igisagara ca Niamey, yagize uruhara rudasanzwe mu kurwanira ukwikukira kw'igihugu ca Niger mu 1960 igihe Charles de Gaulle yari umukuru w'igihugu c'Ubufaransa.
    • Umwanditsi, Paul Njie & Lucy Fleming
    • Igikorwa, BBC News

Abategetsi ba gisirikare ba Niger bahinduye amazina y'amabarabara n'ay'ivyibutso vyitirirwa Abafaransa, mu gikorwa co kuvavanura n'igihugu c'Ubufaransa cahoze gitwara Niger mu gihe c'ubukoroni.

Ibarabara ryitiriwe Charles de Gaulle (Avenue Charles de Gaulle) ku mugwa mukuru, Niamey, ubu ryitwa ibarabara ryitiriwe Djibo Bakary (Avenue Djibo Bakary) mu guha icubahiro uno munyaporitike wa Niger yagize uruhara rudasanzwe mu rugamba rwo kwikukira rw'iki gihugu co muri Afrika y'uburengero.

Majoro Koroneli Abdramane Amadou avugira iyi reta ya gisirikare agira ati: "Amabarabara hafi yose...afise amazina ata kindi akora atari ukutwibutsa umubabaro n'agatotezo abantu bacu bagiriwe mu gihe c'amarushwa y'ubukoroni".

Imigenderanire hagati ya Niger n'Ubufaransa hamwe n'izindi ncuti z'Uburengero yaratosekaye kuva Perezida Mohamed Bazoum akombowe mu mwaka uheze.

Nk'uko bimeze ku bindi bihugu bibanyi birongowe n'igisirikare, Mali na Burkina Faso, Niger yarituye Uburusiya ibusaba ubufasha bwa gisirikare mu guhangana n'inyeshamba ziyitirira idini rya Islam zibangamiye akarere - mbere ibi bihugu bitatu vyarishize hamwe bishinga ihuriro vyise Alliance des États du Sahel (Ihuriro ry'Ibihugu vya Sahel).

Ku butegetsi bwa Bazoum, Ubufaransa bwari bufise ingabo zirenga 1500 zari muri Niger mu ntumbero yo gufasha kurwanya imirwi yiyitirira idini rya Islam ifitanye isano n'imihari al-Qaeda na Etat Islamique/Islamic State. Zose zaravanywe muri ico gihugu mu mpera z'umwaka uheze.

Ku wa kabiri, i Niamey haratunganijwe ibirori vyo guhimbaza ihinduka ry'ano mazina atari make, harimwo ibarabara ryahoze ryitirirwa umujenerali w'Umufaransa, hamwe kandi n'intatemwa yubatswe mu ntumbero yo kwibuka abapfiriye mu ntambara ya mbere y'isi yose n'iya kabiri y'isi yose.

Ubu iyi ntatemwa iha icubahiro "abasivire n'abasirikare bose bazize ubukoroni gushika kuri uno musi".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Charles de Gaulle yari umusirikare akongera akaba n'umunyaporitike yashinze reta y'Ubufaransa yo mu buhungiro mu gihe c'intambara ya kabiri y'isi yose igihe ingabo z'Abanazi b'Abadagi bigarurira Ubufaransa. Ni we yabaye umukuru w'icitwa ingabo z'Uburafansa zigenga (Forces françaises libres).

Abanyafrika benshi mu bihugu vyari ku bukoroni bw'Ubufaransa baritanze baja gufasha izi ngabo z'Uburafansa zigenga, nubwo benshi binjijwe mu gisirikare ku nguvu.

Abababa 400.000 bavuye muri Algeria, Maroc, na Tunisia, abandi barenga 70.000 bava muri Senegal no mu bindi bihugu vyo musi y'ubugaragwa bwa Sahara bwari bukoronijwe n'Ubufaransa.

Baragize uruhara mu bitero vy'ingabo z'ibihugu vyari vyishize hamwe mu bumanuko bw'Ubufaransa muri Myandagaro (8) 1944, ibitero vyagize uruhara rudasanzwe mu kwirukana Abanazi muri ako karere.

Mu ntumbero yo gusuzuma kahise kabwo k'ubukoroni, Ubufaransa bwaratanguye guhindura amazina amwe y'amabarabara n'ibibanza vy'amakoraniro buvyitirira intwari za Afrika z'intambara ya kabiri y'isi yose mu myaka ine iheze.

Isanamu y'intwari idasanzwe ya Afrika yarwanije intwaro y'igikenye ya ba kavamahanga Thomas Sankara yasubiriye iy'intwazangabo y'Ubufaransa yagize uruhara mu bukoroni

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Isanamu y'intwari idasanzwe ya Afrika yarwanije intwaro y'igikenye ya ba kavamahanga Thomas Sankara yasubiriye iy'intwazangabo y'Ubufaransa yagize uruhara mu bukoroni

Ikindi kibanza cahinduwe ku mugwa mukuru Niamey ni ibuye ry'icibutso ryari rifise icapa c'intwazangabo y'Ubufaransa yagize uruhara mu bukoloni, Parfait-Louis Monteil.

Yakoze urugendo avuye muri Senegal mu 1890 azunguruka Afrika y'Uburengero, aho yanditse igitabo kuri uru rugendo rwiwe rw'imyaka ibiri.

Ishusho yiwe ubu yasubirijwe n'icapa cerekana umutegetsi wa Burkina Faso yabaye rurangiranwa mu kuzana impinduka zidasanzwe mu gihugu ciwe, Thomas Sankara, intwari idasanzwe ya Afrika, akaba yagandaguwe mu 1987.

Igihe yari ku butegetsi, yashinze poritike yo kwiganzura intwaro y'igikenye ya ba kavamahanga, yarwanije ubwiganze bw'Ubufaransa bwari bwagumanye ikibanza kidasanzwe mu bihugu bwahoze bukoroniza muri Afrika.

Ikindi kibanza gikomeye cahinduwe izina ni ikizwi nka Place de La Francophonie, izina ry'ishirahamwe rihurikiyemwo ibihugu bikoresha ururimi rw'igifaransa i Niamey.

Ubu kigiye kwitwa Place de l'Alliance des Etats du Sahel, ikibanza citiriwe ihuriro rishasha iki gihugu gisangiye na Burkina Faso hamwe na Mali.