Tchad yahagaritse amasezerano ya gisirikare n'Ubufaransa

Ubufaransa bufise ingabo zababa 1000 muri Tchad

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ubufaransa bufise ingabo zababa 1000 muri Tchad
    • Umwanditsi, Paul Njie
    • Igikorwa, BBC News

Tchad ivuga ko yahagaritse amasezerano ifitaniye n'Ubufaransa mu bijanye no kwivuna abansi, ibituma haba ibibazo ku bijanye n’itituka ry'ikibanza c'iki gihugu mu karere ka Sahel muri Afrika karangwamwo intambara.

Umushikiranganji wa Tchad ajejwe imigenderanire Abderaman Koulamallah avuga ko hageze ko iki gihugu "gihagararira ubwigenge bwaco koko".

Koulamallah atangaje ibi haciye amasaha makeya gusa mugenzi we w'Ubufaransa, Jean-Noel Barrot, abonanye n'umukuru w'igihugu wa Tchad, Mahamat Deby.

Tchad ni incuti kirumara mu rugamba rw'ibihugu vy'uburengero rwo kurwanya inyeshamba ziyitirira idini rya Islam mu karere ka Sahel ko mu burengero bwa Afrika.

Ariko imbere y'amatora y'umukuru w'igihugu yo mu kwa gatanu, abategetsi ba Tchad bategetse ko ingabo za Amerika zivanwa muri iki gihugu, ikimenyetso c'uko iki gihugu cari citeguriye kwitandukanya n'incuti zaco z'Uburengero.

Muri kino gihe, Ubufaransa bufise ingabo zababa 1000 muri Tchad aho zafasha igisirikare c'iki gihugu mu bijanye n'igendereza n'uburyo mu bigo vyazo, harimwo no ku mugwa mukuru N’Djamena.

Ubufaransa, igihugu cahoze kirongoye Tchad mu gihe c'ubukoloni, bwari bwateye igikumu ku masezerano yasubiwemwo mu vya gisirikare n'umutekano.

Tchad kibaye ikindi gihugu mu bihugu vya Afrika yo hagati n'iy'uburengero bihagaritse amasezerano vyari bifitaniye n'Ubufaransa mu vyo umutekano.

Haciye imyaka mike Mali, Niger, na Burkina Faso bihagaritse amasezerano vyari bifitaniye n'Ubufaransa n'ibindi bihugu vy'Uburengero, bica vyitura Uburusiya kugira ngo bifatanye.

Ariko Koulamallah yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko ingingo ya Tchad idasigura ko ihagaritse "ubucuti n'Ubufaransa, nk'uko vyagenze kuri Niger canke ahandi".

Mu bindi yavuze ejo ku wa kane, Koulamallah yamenyesheje ko Ubufaransa ari "incuti kirumara", ariko ko ari ngombwa ko Tchad "itunganya ubucuti ifitaniye n'ibihugu ku neza y'igihugu".

Abategetsi b'iki gihugu bashimangira ko iyi ngingo ata ngaruka izogira ku bucuti Tchad ifitaniye n'Ubufaransa mu bindi bisata.