Igisirikare ca DR Congo gitegeka FDLR gushira ibirwanisho hasi, yanse naho hakoreshwe inguvu

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igisirikare ca Repubulika ya Demokarasi ya Congo (FARDC) gitera akamo inyeshamba z'umuhari urwanya ubutegetsi bw'Urwanda, FDLR, kwishikana no gushira ibirwanisho hasi ata gisabwe, banse naho bavyakwe ku nguvu.
Mw'itangazo yasohoye ku mugoroba wo ku wa gatanu, Jenerali Majoro Sylvain Ekenge avugira FARDC, ahamagarira inyeshamba zose z'uno muhari, "gushira ibirwanisho hasi zikishikana ku bategetsi ba Congo canke ba MONUSCO, kugira ngo zitahukanwe mu gihugu cazo c'amamuko, Urwanda".
Ni inyuma y'uko mu ntango z'uku kwezi kwa Gitugutu (10), Urwanda na DR Congo vyiyemeje gukora 'ibikorwa bifadika' vyo gutuza burundu umuhari FDLR, nk'uko bitegekanywa n'amasezerano y'amahoro yateweko igikumu ku wa 27 Ruheshi (6) uno mwaka, mu mugambi w'amahoro uhagarariwe na Amerika.
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zirashima aka kamo, zikavuga ko ari intambwe ikomeye mu gushira mu ngiro Amasezerano y'Amahoro ya Washington.
BBC yasavye umuvugizi wa FDLR Curé Ngoma kugira ico avuga kuri iri tegeko ryahawe umuhari wiwe, ariko gushika ubu ntaco arayibwira.
FARDC isaba kandi abanyagihugu ba Congo bafitaniye ubucuti n'izi nyeshamba zirwanya ubutegetsi bwa Kigali kwitandukanya nazo no kuzihimiriza ko zokwishikana ataco zisavye.
Iri tangazo rigira riti: "Ari nka hamwe zitokwumva aka kamo canke zikanka gushira mu ngiro ivyo zisabwa, FARDC, yisunzwe ibiri mu masezerano ya Washington, izobaka ibirwanisho ku gahato canke ikoresheje inguvu".
FARDC yibutsa kandi ingabo zayo zose ko bibujijwe gukorana, mu buryo ubwo ari bwo bwose, n'inyeshamba za FDLR.
"Uwo wese azorenga kuri iri tegeko ryamaho ashobora guhanwa bikomeye", nk'uko biri muri iri tangazo rya Jenerali Ekenge.
Rirangiza ritera akamo abarwanyi ba FDLR kworohereza umugambi w'amahoro ubandanya bakishikana hatarinze kuba induru canke ngo amaraso abanze guseseka.
Ku ruhande rwiwe, umujenama mukuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu karere k'Abarabu hamwe na Afrika, Massad Boulos, yishimiye iyi ntambwe ra reta ya DRC.
Mw'itangazo rigufi yacishije ku rubuga rwa X, yagize ati: "Turashima akamo ka Repubulika ya Demokarasi ya Congo gasaba ko imirwi yose y'inyeshamba za FDLR ishira ibirwanisho hasi ikishikana, hakurikijwe Amasezerano y'Amahoro ya Washington, ashimangirwa n'icemezo co ku wa 1 Gitugutu (10) co gukora ibikorwa bifadika mu ntumbero yo gushira mu ngiro aya masezerano.
"Iyi ni intambwe ikomeye mu gushira mu ngiro ayo masezerano, ikazokworohereza itahukanwa ryazo, kugarukana ubutegetsi bw'igihugu no gutsimbataza ituze mu karere k'ibiyaga binini".
Si bwo bwa mbere reta ya DR Congo ifata ingamba zo kwikurako FDLR harimwo n'ibitero kuri uno muhari, ariko bikaba ivy'ubusa.
Muri Nyakanga (9) umwaka uheze wa 2024, igisirikare ca DR Congo carakoze ibitero ku nyeshamba za FDLR hafi y'igisagara ca Sake no kw'ikambi y'impunzi yari hafi y'umugwa mukuru w'intara ya Kivu ya Ruguru, Goma, utarafatwa n'inyeshamba za M23.
Haciye imisi, umuvugizi wa reta ya DR Congo Patrick Muyaya yabwiye BBC ko reta y'iki gihugu yari yiteguye kurandura umuhari FDLR, mu ntumbero yo gukuraho ivyitwazo vyose bitangwa na reta y'Urwanda mu kuvogera ubutaka bw'igihugu ciwe.
Urwanda rwagiriza igisirikare ca Congo ko gikorana na FDLR, ivyo reta ya Kinshasa ihakana, ikagiriza ahubwo Urwanda ko rufata uno muhari nk'icitwazo co kuvogera ubutaka bwayo ruciye ku muhari M23 umaze kwigarurira uturere tutari duke tw'intara za Kivu ya Ruguru n'iy'Epfo, harimwo n'imigwa mikuru yazo, Goma na Bukavu.
Ku ruhande rwayo, Kinshasa yagiriza Urwanda ko ari rwo rufatiye umuriro inyeshamba za M23 ariko na rwo nyene rukabihakana, rukavuga ahubwo ko rworwo rufata ingingo zo kwikingira ibitero vya FDLR hamwe n'ingaruka z'intambara zibera mu buseruko bwa DR Congo.
Hagati aho, abahinga b'ishirahamwe ONU n'ibihugu bitari bike vy'Uburengero, bemeza ko Kigali ari yo ifashe mu mugongo M23, mu kuyiha uburyo n'ingabo, Kinshasa nayo igaha indaro FDLR mbere igakorana nayo.
Gushika ubu, utwigoro twose two gutuza uno muhari ntaco turashikako, nubwo hari abatari bake mu barwanyi bawo bamaze kwicwa canke gutahukanwa mu Rwanda, harimwo mbere n'abakuru ba gisirikare bayo, nka Général de Brigade Ezechiel Gakwerere yahawe reta y'Urwanda n'umuhari M23 mu kwa gatatu inyuma y'uko mu kwa mbere ufashe igisagara ca Goma.
Mu masezerano y'amahoro yateweko igikumu ku wa 27 Ruheshi (6) uno mwaka i Washington hagati ya DR Congo n'Urwanda, biyemeje kurandurana n'imizi umuhari FDLR umaze imyaka irenga 25 ukorera mu buseruko bwa DR Congo, hamwe no guhagarika ubufasha bwose bwa reta kuri uwo muhari n'iyindi mirwi ifitanye isano na wo.
Hagati aho, mu ntango z'uku kwezi, umurwi rusangi ujejwe kugenzura ishirwa mu ngiro ry'ayo masezerano, mu nama yawo i Washington, wemeye ko hakiri ingorane mw'ishirwa mu ngiro ryayo.
Mw'iyo nama, baganiriye ku bikorwa nyavyo mu gushira mu ngiro aya masezerano, harimwo ukurandurana n'imizi umuhari FDLR n'imirwi ifitaniye isano na wo.
Kigali ivuga ko uno muhari uteje impungenge umutekano wayo, ari co gituma ifata "ingingo zo gukingira" ubutaka bwayo.













