''Ni twebwe babiri dushobora guhagarika'' intambara - Tshisekedi abwira Kagame, yishurwa ko ari ''Wewe wenyene''

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Mu nama ya Global Gateway Forum yabereye i Bruxelles mu Bubirigi, Perezida wa Repubulika ya Demokarasi ya Congo (RD Congo), Félix Tshisekedi, yasavye Perezida w'u Rwanda Paul Kagame ko borangiza intambara mu buseruko bwa Congo no kwemera ico yise "amahoro y'intwari."
N'aho mw'ijambo ryiwe yari yibanze ahanini ku migambi y'ibikorwa vy'iterambere n'ubukomezi bw'imigenderanire hagati ya Afrika n'Uburaya, Tshisekedi yacishijemwo yerekeza ijambo kuri mugenziwe w'Urwanda.
"Ndasavye amahoro, ndatanze ukuboko kandi nsaba ko iyo ntambara ihagarara'', niko yavuze hanyuma yongerako ati:
"Uno musi turi muri izo ngorane, kandi ni twebwe babiri twenyene dushobora guhagarika uko kuyangara [kw'intambara]".
Ariko umishikiranganji w'Urwanda ajejwe imigenderanire Olivier Nduhungirehe yaciye yishura ko Tshisekedi yihenda, ko ari ''we wenyene'' ashobora kubihagarika.
Mu butumwa yacishije ku rubuga X, umushikiranganji Nduhungire yavuze ati:
''Oya, murihenda ku murongo wose. Umuntu wenyene ashobora guhagarika uko kuyangara [kw'intambara] ni Perezida Tshisekedi, kandi WE WENYENE''.

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Mw'ijambo ryiwe, umukuru wa Congo yaciye amenyesha ko ahagaritse ibintu vyose vyo gusabira ibihano Urwanda.
Tshisekedi yabaye nk'uwurosha imvugo ugereranije n'iyo yahora akoresha ku Rwanda. N'ejo bundi mw'ijambo yashikirije mu nama ya bose ya ONU i New York mu kwezi kw'icenda guheze yari yavuze ko "Ikintu conyene kihari ni uko, iyo Urwanda rutewe igitsure, ubwo nyene intumwa za M23 zica zitera intambwe mu biganiro''.
Umukuru w'Urwanda Paul Kagame nawe nyene yari muri iyo nama ya Global Gateway Forum. Ariko mw'ijambo we yashikirije imbere y'uko mugenziwe wa Congo avuga, Perezida Kagame nta kijanye n'intambara yo muri Congo yari yacishijemwo.
Ubuseruko bwa RDC bumaze imyaka irenga mirongo itatu buri mu ntambara. Yararushirije gukomera mu ntango z'uyu mwaka igihe umugwi witwaje ibigwanisho wa M23 -bivugwa ko ushigikiwe n'Urwanda- wigarurira ibisagara vya Goma na Bukavu mu ntara za Kivu zompi aho usanzwe ugenzura utundi turere tutari duke.
Tshisekedi yavuze ko amahoro arama azoshoboka gusa igihe Kagame yotanga itegeko ryo guhagarika inrwano kuri M23.
Urwanda rwaciye rutanga inyishu rubicishije ku mushikiranganji warwo ajejwe imigenderanire.
Olivier Nduhungirehe yavuze ko Tshisekedi ari we ashobora guhagarika iyo ntambara abicishije mu nzira nyinshi.
Yavuze ko Tshisekedi ashobora kubikora mu guhagarika ingendo yo guhangana nka gashozantambara no gukangisha gutera Urwanda canke gutera amabombe Kigali, guhagarika gushigikira no gusambura FDLR, mu kwaka ibigwanisho aba Wazalendo no kureka kwikora ku ngabo z'Uburundi n'abacangero, kureka gusukira amabombe ya buri munsi ku bigwati vy'Abanyamurenge.
Nduhungirehe avuga kandi ko umukuru wa Congo ashobora guhagarika iyo ntambara mu kubanza guhagarika ico yise ''inkinamico yo gufata inama mpuzamakungu y'abafatanyabikorwa mw'iterambere nk'iyo ya Global Gateway Forum, kugira ngo ashikirize ibirego n'ibinyoma biteye isoni ku mukuru w'igihugu, imbere yo kuvuga ko ariwe yagabweko intanbara we nyene yateye''.
Congo n'Urwanda bikomeje gutanako uruhara muri iyo ntambara n'ubwo mu kwezi kwa gatandatu vyumvikanye ku masezerano y'amahoro i Washington muri Amerika.
Uruhande rumwe rumwe rwagiriza urundi kurenga kuri ayo masezerano.
Ni mu gihe bivugwa ko intambara zimaze iminsi zasubiye gukara hagati ya M23 n'aba Wazelendo, imigwi yitwaje ibigwanisho ifasha reta ya Congo kugwanya uwo muhari.
M23 na reta ya Congo nabo nyene barumvikanye mu kwezi kw'indwi uyu mwaka ku mahame yo kurangiza intambara ariko n'ubu baguma bagirizanya kuyarengako.
Muri iyi ndwi intumwa z'izo mpande zibiri zarasubiye i Doha muri Qatar -igihugu kizihuza - kubandanya ibiganiro vyo kurangiza intambara.












