'Perezida Tshisekedi ntazi jenoside ico ari co' - umushikiranganji Nduhungirehe
Umushikiranganji w'u Rwanda ajejwe ububanyi n'amahanga yasubije ku majambo umukuru w'igihugu wa Repubulika ya Demokarasi ya Congo yavugiye mu nama ya bose y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Muri iryo jambo perezida Felix Tshisekedi yongeye kugaruka ku ntambara ingabo za leta yiwe zirwana n'inyeshamba z'umutwe wa M23 mu burasirazuba bwa Congo.
Tshisekedi yatangaje ko ibiriko bikorerwa abanyagihugu muri Kivu y'Amaj'epfo n'iy'Amajyaruguru, ari, mu majambo yiwe, Jenoside.
Umushikiranganji Olivier Nduhungirehe, mu kiganiro yahaye BBC, yavuze ko perezida Tshisekedi 'atazi jenoside.'
Prezida Tshisekedi kandi yagirije u Rwanda kutubahiriza icemezo ca ONU n'amasezerano yasinyiwe i Washington, arubwiriza gukura abasirikare barwo ku butaka bwa Congo, no guhagarika guha infashanyo M23.
Ariko Olivier Nduhungirehe avuga ko n'ubwo asaba ivyo, agikomeza gukorana n' umutwe wa FDLR yari yasabwe kubanza kuwukuraho, gutyo Urwanda rukabona gukura nabwo ingingo z'ubwirinzi yashizeho kubera uwo mutwe. Amusaba gusubira gusoma neza amasezerano ya Washington.