IKIBIRIRAHO, DR Congo: Umukuru wa M23 Gen Sultani Makenga 'yarokotse' igitero cya 'drone' cyiciwemo abantu nibura icyenda

Igitero cya 'drone' cyishe uwari umuvugizi wa gisirikare w'umutwe wa AFC/M23, cyiciwemo abantu nibura icyenda ariko gihushaho gato umukuru wayo Gen Sultani Makenga, nkuko ibiro ntaramakuru Reuters bibitangaza.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira na Didier Bikorimana

  1. Gen Sultani Makenga 'yarokotse' igitero cya 'drone' cyiciwemo abantu nibura icyenda

    Sultani Makenga

    Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

    Igitero cy'indege nto y'intambara itajyamo umupilote (drone) cyishe uwari umuvugizi wa gisirikare w'umutwe w'inyeshyamba wa AFC/M23, Lt Col Willy Ngoma, mu rukerera rwo ku wa kabiri, cyiciwemo abantu nibura icyenda ariko gihushaho gato umukuru wa gisirikare w'uwo mutwe, Jenerali (Gen) Sultani Makenga, wahunze nta nkomyi, nkuko abantu bane babibwiye ibiro ntaramakuru Reuters.

    Icyo gitero cyakubise hafi y'i Rubaya, mu burasirazuba bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC), agace k'ingenzi gakungahaye ku mabuye y'agaciro kagenzurwa na M23 mu ntara ya Kivu ya Ruguru ndetse kayinjiriza amafaranga menshi, gacukurwamo hafi 15% bya coltan icuruzwa ku isi, leta ya DRC iherutse gushyira ku rutonde rugufi rw'ibirombe yemereye Amerika muri gahunda y'amasezerano y'ubufatanye ku mabuye y'agaciro.

    BBC News Gahuzamiryango yagerageje kuvugana na M23 hamwe n'ingabo za DRC (FARDC) kuri iki gitero, kugeza ubu ntibirashoboka.

    Urupfu rwa Lt Col Ngoma rwabaye uguhuhura uko ibintu byari bimeze muri iyi ntambara, mu kwica uwo wagaragaraga cyane mu bategetsi bakuru ba M23, mu gihe imirwano yakajije umurego nubwo hari ibikorwa by'abahuza barimo na Qatar byo gutuma agahenge kemeranyijweho n'impande zombi gakurikizwa.

    Byinshi kuri iyi nkuru kanda hano: Sultani Makenga

  2. Zimbabwe yanse imfashanyo ya Amerika kubera impungenge ku makuru isaba yerekeye ibipimo

    Ubuvuzi

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Zimbabwe yanse imfashanyo y’imyaka itanu ya Amerika ijanye n’amagara y’abantu yotumye ironka imiriyoni 367 z’amadorari y’Abanyamerika kubera Washington isaba amakuru y’ibanga akomeye.

    Iyi ngingo yagiye ahabona inyuma y’urwandiko rwa reta rwacorotse rukaja ahabona muri Kigarama (12), rwerekana ko Perezida Emmerson Mnangagwa yumva ko aya masezerano arimwo agahaze.

    Umuvugizi wa reta asigura ko Amerika isaba ko ihabwa ibipimo vy’amaraso kugira ibikoreshe mu bushakashatsi no mu budandaji, ariko akavuga ko itipfuza gusangira ibizova muri ibi bipimo bishobora gufasha mu ncanco n’ubuvuzi muri kazoza.

    Mw’itangazo, Pamela Tremont aserukira Amerika muri Zimbabwe agira ati: "Ubu tugiye gufata iyi ngingo igoye kandi ibabaje yo guhagarika imfashanyo yacu mu vy’amagara y’abantu muri Zimbabawe”.

    Ibiro vy’ubuserukizi bwiwe bivuga ko Amerika yari imaze guha zimbamwe imfashanyo y’imiriyaridi zirenga 1.9 z’amadorari mu myaka 20 iheze.

    Ishirahamwe ry’abaganga muri Zimbabwe risaba ko haba ibindi biganiro kugira ngo haboneke amasezerano ashobora kwizerwa n’impande zompi kugira ngo umugambi wo kurwanya umugera wa SIDA ushobore kubandanya.

    Muri Kigarama, sentare nkuru y’igihugu ya Kenya yarahagaritse vy’agateganyo amasezerano asa n’aya reta yari yasinyiraniye na Amerika inyuma y’uko ishirahamwe ry’abaguzi ryituye ubutungane rivuga ko ritewe impungenge ku mutekano w’amakuru y’amagara y’abanyagihugu ba Kenya.

  3. Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.