'Urwanda rurategeka rukwongera rukagenzura abagwanyi ba M23' - UN

Ahavuye isanamu, AFP
Urwanda ni rwo rwategeka rukwongera rukagenzura abagwanyi ba M23 igihe bagenda bigarurira ubuseruko bwa Republika ya Demokrasi ya Congo, bongereza igihagararo ca poritike bongera bafata uturere tugwiriyemwo amabuye y'agaciro, nk'uko bivugwa n'icegeranyo c'ibanga c'umugwi w'abahinga ba Onu.
Ico cegeranyo, itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters ryabonye kopi yaco, kirerekana ido n'ido ry'ingene Urwanda rwagiye ruha inyigisho abagwanyi bashasha ba M23 hamwe n'ibikoresho vya gisirikare; kikavuga ko Urwanda rwakoresheje - cane cane "ubuhinga bwo mu rwego rwo hejuru bufise ubushobozi bwo kuburizamwo ibitero vyo mu kirere" - guha abagwanyi "intambwe ikomeye mu buhinga" ku ngabo za Congo zari zisugerejwe.
Ico cegeranyo carahawe komite ijejwe gufata ibihano kuri Congo mu kanama ka Onu kajewe umutekano kw'isi, mu ntango z'ukwezi kwa Rusama(5), kikaba kigiye gushirwa ahabona vuba, nk'uko bivugwa n'abadiplomate.
M23 yagiye itera intambwe mu buseruko bwa Congo, irigarurira ibisagara binini vyo muri ako karere, Goma na Bukavu, mu kwezi kwa Nzero(1) na Ruhuhuma(2). Congo, Onu n'ibihugu bikomeye vya Buraya bivuga ko Urwanda rufata mu mugongo M23 mu kuyirungikira abasirikare n'ibigwanisho.
Icegeranyo c'abahinga ba Onu kivuga ko imfashanyo y'igisirikare c'Urwanda kuri M23 "mu ntango" itari ifise intumbero yo kwivuna abagwanyi ba FDLR, kikavuga ko Urwanda ahubwo rwari rurajwe ishinga no "kwigarurira utundi turere".
Kuri uyu wa gatatu, Yolande Makolo, umuvugizi wa reta y'Urwanda, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters ko ico cegeranyo "kinyuranye n'aho Urwanda ruhagaze ku kibazo c'umutekano kijanye n'abagwanyi ba FDLR n'imigwi bakorana, bisaba ko haba ingingo zo kwikingira ku rubibe."
Ubutegetsi bwa prezida wa Amerika Donald Trump buriko buragerageza gushika ku masezerano hagati y'Urwanda na Congo, ashobora gutuma amamiriyaridi y'amadorari y'abagwizatunga b'i buraya azanwa muri ako karere gafise ubukungu bwa Tantalum, Inzahabu, Colbalt, Copper, Lithium hamwe n'ayandi mabuye y'agaciro.
Ku musi wa Gatanu, abashikiranganji b'imigenderanire b'Urwanda na Congo barashize umukono ku masezerano y'amahoro i Washington, baranabonana na Trump, yagabishije "ibihano ruhasha, ku butunzi hamwe n'ibindi" mu gihe hogira uwurenga kuri ayo masezerano.
Qatar iriko iragirisha ibiganiro bibangabanganywe n'ivyo hagati y'intumwa za Congo na M23.
Makolo avuga ko Urwanda rwiyemeje gushira mu bikorwa ayo masezerano yashiriweko umukono i Washington, harimwo kurandurana n'imizi FDLR "bizotuma Urwanda rukuraho ingino rwafashe zo kwikingira."
Ico cegeranyo ca Onu kivuga ko Urwanda rwakiriye abarongoye abagwanyi harimwo M23 mw'ikambi y'inyigisho za gisirikare ya Gabiro, rwongera rukoresha ibigo vy'inyigisho za gisirikare vya Nasho na Gako mu kwigisha abagwanyi bashasha ba M23.
Urwanda kandi "rwarongereje ku rugero rwo hejuru" igitigiri c'abasirikare baco mu buseruko bwa Congo imbere y'uko M23 ibandanya gufata utundi turere, nk'uko bivugwa n'abo bahinga, aho bavuga "igitigiri c'ibihumbi bitandatu" c'abasirikare b'Urwanda bari mu ntara za Kivu ya Ruguru n'iyo Epfo.
Abahinga ba Onu bagiriza kandi Urwanda "kurenga imbona nkubone kandi rwisubiriza" kw'itegeko ribuza kwinjiza ibigwanisho, banavuga ko misire yarashe ku bakozi ba Onu mu kwezi kwa Nzero - ihitana umwe, ikomeretsa bane - bisa n'uko yarashwe iva ku kirindiro c'ingabo z'Urwanda.
Abasirikare b'Urwanda boba bagereranywa ko bari hagati ya 1000 na 1500 bari bakirwanira mu turere M23 yigaruriye igihe iki cegeranyo candikwa, kandi "ibihumbi n'ibihumbi" baracari ku rubibe biteguriye kwinjira muri Congo, nk'uko ico cegeranyo kibivuga, kivuga ku matohoza yo gushika itariki 20 z'ukwezi kwa Ndamukiza(4).













