RD Congo: M23 igomba gushira ibirwanisho hasi, Urwanda rugatahukana ingabo zarwo zose ziri ku butaka bwa Congo – Amerika

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umujenama mukuru ku bibazo vya Afrika mu bushikiranganji bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bujejwe imigenderanire asaba ko Urwanda ruhagarika imfashanyo ya gisirikare ruha M23 kandi rugatahukana ingabo zarwo zose ziri ku butaka bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo.
Massad Boulos yabibwiye abanyamakuru mu kiganiro yaraye abahaye co kwihweza ivyavuye mu rugendo yari amazemwo imisi mu karere k'ibiyaga binini, ari kumwe n'icegera c'umunyamabanga ajejwe ibibazo vya Afrika, Corina Sanders. Bavuga ko gutsimbataza amahoro mu karere ari ku neza y'impande zose.
Mw'ijambo ryiwe ry'intangamarara y'iki kiganiro, Boulos yamenyesheje ko imwe mu ntego z'urugendo rwabo harimwo ikibazo c'amahoro hamwe n'amasezerano ajanye no kwimba ubutare, ko rero ari ngombwa ko haba ituze kugira ngo ibi bishoboke.
Yabwiye abanyamakuru ko imibonano yagiranye n'abafise uruhara muri iyi ntambara ari yo yatumye umuhari M23 uva mu gisagara ca Walikale wari uherutse kwigarurira.
Yamenyesheje kandi ko umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire, Marco Antonio Rubio, ataco adakora kugira ngo ituze rigaruke mu karere, aho avuga ko "abandanya avugana na Perezida Kagame w'Urwanda na Tshisekedi wa Congo abasaba guhagarika intambara vuba bwango kandi impande zose zikubahiriza ubwigenge n'ubusugire bwa buri gihugu".
Avuga ku twigoro tw'amahoro turongowe n'abategetsi ba Angola na Kenya, yavuze ko ashimira abo bose bagize uruhara mu biganiro gushika ubu, ariko ko bidakwiye.
Ati: "Ubu turafise akaryo tutigeze turonka mu myaka itari mike ko gushika ku mahoro – ndizigiye kubona impande zifisemwo uruhara zitera intambwe zikomeye kugira ngo bishoboke.
"Ndashimangira ko dushaka ko Urwanda ruhagarika imfashanyo yose ya gisirikare ruha M23, rugakura ingabo zarwo zose ku butaka bwa Congo. Ndizigiye ko impande zose zifise uruhara muri ivyo zizotora inzira yo kubikora mu bubangutsi".
Abajijwe ico ubutegetsi bwa Perezida Donald Trump butegura mu gufasha kuzibira igihengeri kivuye kw'itahukanwa ry'ingabo z'Ubumwe bwa Afrika y'Ubuseruko, EAC, n'iz'ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika y'ubumanuko, SADC, Boulos yishuye ati:
"Icipfuzo ca Amerika camye kandi kizokwama gitomoye neza. America ibona ko ari ngombwa ko M23 ishira ibirwanisho hasi, ingabo z'Urwanda nazo zigategerezwa kuva muri Congo.
"Aho niho duhagaze kandi biratomoye. Turabitomora neza kandi tuzobandanya dukora kugira ivyo bishoboke".
Boulos avuga ko inzira yonyene ishoboka kugira ngo ubuseruko bwa RD Congo buronke amahoro ari ibiganiro. Ati: "Ibi ntibishobora gushikwako hakoreshejwe inguvu".
Mu kumwunganira, umupfasoni Sanders nawe yongeyeko at: "Ku bijanye n'umutekano mu buseruko bwa RDC, ico novuga ni uko ubu turiko turashira hamwe imikenyuro yacu kugira ngo turabe ibishobora kwemerwa n'impande zompi, impande zose n'akarere".
Abajijwe ingene Reta Zunze Ubumwe za Amerika zoba ziriko zitegura gufasha Kinshasa kugira ngo irangize intambara, Boulos avuga ko ubu Amerika ikoresha inzira zose za diporomasi n'ubutunzi kugira ngo amahoro aboneke.
Ati: "Nibaza ko ari ku nyungu ya bose gukomeza amahoro no gushigikira inzira y'amahoro kugira ngo umutekano ugaruke mu karere. Iyi ntambara imaze igihe kirekire cane, imyaka irenga 30, ubu hageze ko irangira.
"Rero Amerika irafise uburyo bwinshi cane bushobora gukoreshwa kandi buzokoreshwa, bibaye ngombwa. Twizeye ko tuzoshika ku mahoro arama maze ituze rikagaruka mu karere".

Ahavuye isanamu, US Department of State
Kuva usubiye kuvyura intambara mu buseruko bwa Congo mu mpera za 2021, umuhari w'inyeshamba M23, ufashwe mu mugongo n'ingabo z'Urwanda, nk'uko reta ya Congo, ONU, n'ibihugu bitari bike vy'Uburengero bavyemeza, umaze kwigarurira uturere tutari duke tw'intara za Kivu ya Ruguru n'iy'Epfo, harimwo imigwa mikuru y'izi ntara, Goma na Bukavu.
Mu kwezi kwa gatatu uno mwaka wigaruriye igisagara ca Walikale ariko mu nyuma urakivamwo n'imicungararo yaco, aho Boulos yemeza ko Urwanda rwabigizemwo uruhara, ariko bikaba vyakozwe mu ntumbero yo kugira ngo ikompanyi ya Amerika Alphamin yimba ubutare bwa étain ishobore kubandanya ibikorwa.
Agira ati: "Biciye kumbure ku gitsure c'Abanyarwanda, [abarwanyi ba M23] barashoboye kuva i Walikale basubira hirya, kumbure ku birometero birenga ijana mu buseruko amaja i Masisi, kumbure mbere no hirya ya Masisi".
Yerekana ko ugusubira inyuma kwa M23 kwatumye idashobora kubandanya intambara gushika hirya ya Walikale, kuko "nk'uko twese tubizi, intego yari iyo kubandanya gushika i Kisangani", akavuga ko ibi vyari kugira ingaruka mbi, cane cane kuri kompanyi yabo ya Alphamin yari yanugaye igihe M23 yafata Walikale.
Boulos avuga ko bariko bakorana n'impande zompi, agashima umubonano wa mbere wabaye mu ndwi iheze hagati y'ubutegetsi bwa Perezida Felix Tshisekedi n'intumwa za M23.
Ati: "Vyagenze neza cane kandi ivyavuyemwo vyabaye ngirakamaro mu buryo bwose. Iyi ni intambwe ya mbere nziza cane, kandi twiteze kuyikorerako kugira ngo turonke amahoro arama n'umutekano wuzuye muri Congo no mu karere".
FDLR ni ihwa ritegerezwa gukurwa
Urwanda rusanzwe rwiyamiriza ivyo rwagirizwa ko ari rwo rufatiye umuriro inyeshamba za M23, ibi bikaba vyagiye vyemezwa n'amatohoza y'abahinga b'ishirahamwe ONU, rukavuga ko rworwo rugirwako ingaruka z'intambara, ko rero rufata ingingo zo gukingira imbibe zarwo.
Ruvuga ibi rufatiye ku nyeshamba za FDLR zisanzwe zirwanya intwaro ya Perezida Paul Kagame w'Urwanda, akaba yagiriza igisirikare ca Congo gukorana nazo mu ntumbero yo gutera umudugararo igihugu ciwe.
Mu bategetsi yavuganye nabo mu rugendo rwiwe, Boulos yarabonanye na Perezida Kagame, aho avuga ko ikiyago yagiranye nawe hamwe n'abamufasha cabaye kirumara kandi ngirakamaro.
Abajijwe nimba baravuganye ku kibazo ca FDLR, Boulos yishuye ati: "Nta nkeka twaraganiriye kuri FDLR n'ingorane iteje, kandi ni ikibazo nyamukuru c'amasezerano y'amahoro ayo ari yo yose, niko bizokwama kandi niko vyamye.
"Uravye utwigoro twose tw'amahoro, iki ni co kintu nyamukuru ku ruhande rw'Urwanda, kandi ni ikintu gikomeye mu masezerano ayo ari yo yose y'amahoro, canke utwigoro utwo ari two twose tw'amahoro. Turiko turakorana n'impande zompi, kandi nta nkeka iki ni kimwe mu bibazo nyamukuru muri ibi biganiro".
Avuga ko ata gishasha bazanye kuko hari "inyishu zari zisanzwe zarateguwe kandi zumvikanyweko n'impande zompi", kuri iki kibazo, akavuga ko bazobandanya bakorana n'impande zompi kuri iki kibazo, kandi mu ntumbero yo kwubahiriza ubusugire bw'igihugu.
Ati: "Intego yacu ni ugukora ibishoboka vyose kugira ngo hubahirizwe ubwigenge n'ubusugire bw'ibihugu vyose bifise uruhara, si igihugu kimwe canke bibiri gusa – ni ibihugu vyose bibifisemwo uruhara".
Abandanya ati: "Nyamukuru gusumba, buri muntu wese ategerezwa kwumva ko atekaniwe, buri muntu ategerezwa kwiyumvamwo aya masezerano, kandi agategerezwa kwumva ko umutekano wiwe wubahirijwe, ata kintu na kimwe kimugeramiye, caba ic'ukuri canke ico yibaza, canke icomutera ubwoba ico ari co cose muri kazoza.
"Intego ni ugushika ku mahoro yuzuye kandi arama azotuma buri muntu wese yumva ko atekaniwe".













