Umuhari AFC/M23 wagiriza ingabo za SADC kugira uruhara mu bitero i Goma

Ingabo za SADC n'umuhari M23 bariko barashira umukono ku masezerano yo kworohereza izo ngabo kuva i Goma

Ahavuye isanamu, M23

Insiguro y'isanamu, Ingabo za SADC n'umuhari M23 bariko barashira umukono ku masezerano yo kworohereza izo ngabo kuva i Goma

Mw'itangazo ry'umuhari AFC/M23, wagiriza ingabo za SADC kugira uruhara mu bitero i Goma bari kumwe na FARDC, FDLR na Wazalendo

Uwo muhari uvuga ko ingabo za SADC ziri mu butumwa bwa SAMIDRC zagize uruhara rutaziguye mu bitero biherutse kuba mu gisagara ca Goma ku musi wa gatanu itariki 11 z'uku kwezi, ko rero zisabwe kuva muri Congo.

Iryo tangazo rigira riti:"Kubera ivyo bitero, AFC/M23 itegetse ko ingabo ziri mu butumwa bwa SAMIRDC zikura meza ubwo nyene.

"Ivyo bitero biteye kubiri n'amasezerano twagiraniye na SADC no gutevya igikorwa co gusanura ikibuga c'indege ca Goma.

"Bitumye kandi dusaba ko, mu buryo bwihuse, ko ingabo za FARDC ziri mu birindiro vya MONUSCO zishikana ku muhari wacu.

Gushika ubu yaba SAMIRDC, MONUSCO na reta ya Congo ntaco baravuga kuri iryo tangazo.

BBC Gahuzamiryango yagerageje kubarongera ariko nta co barashikiriza.

Ku musi wa Gatanu mw'ijoro buca ari ku musi wa Gatandatu, amasase menshi n'amabombe vyarumvikanye cane mu gisagara ca Goma, mu ntara ya Kivu ya Ruguru.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umuhari AFC/M23 ugenzura ico gisagara, wamenyesheje kw'iradiyo y'igihugu RTNC ikorera mu gisagara ca Goma ko ibirindiro vyawo vyari vyatewe n'urunani rw'aba FARDC-Wazalendo-FDLR.

Mw'itangazo ryo kuri uyu wa 12 Ndamukiza(4), uwo muhari uvuga ko ingabo za SADC zagize uruhara muri ivyo bitero.

Bivugwa ko ibitero vyari bikaze gusumba ahandi mu makaritiye yatewe ari Keshero na Lac-vert.

Igisagara ca Goma, umugwa mukuru w'intara ya Kivu ya Ruguru uri mu minwe y'abagwanyi ba M23 bashigikiwe n'Urwanda kuva mu kwezi kwa mbere uyu mwaka.

Hagati aho, ivyo bibaye mu gihe intumwa za reta ya Republika ya Demokrasi ya Congo n'umuhari wa AFC/M23 ziza zaramaze gushika i Doha muri Qatar mu biganiro vy'amahoro.

Gushika ubu ivyo biganiro biriko bibera mu mwiherero nta ngere.

Reta ya Congo yari yanse kuganira imbona nkubone n'abagwanyi ba M23 ivuga ko ishaka kuganira n'Urwanda kuko ari rwo rwayiteye, ngo kuko ari rwo rufashe mu mugongo uwo muhari.

Urwanda ntirwigeze ruhakana canke ngo rwemeze ko rufasha M23.

Ariko na rwo rwagiriza Congo gukorana n'umuhari FDLR wagirizwa kugira jenoside yo mu Rwanda yo mu 1994.