'Vyiza n'uko twobanza kwumvikana nk'abanye Congo, imbere yo kuvugana ivy'ubutare'- Mgr D. Nshole

Abakuru 2 ba Ekleziya Katolika muri DR Congo mu makanzu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abakuru 2 ba Ekleziya Katolika muri Congo, iburyo musenyeri mukuru Donatien Nshole

Ku itariki icenda z'uku kwezi hitezwe ibiganiro hagati ya leta ya DR Congo n'umuhari M23, ibiganiro bazohuzwamwo n'abategetsi ba Qatar mu muji wa Doha.

Ibi biganiro vyitezwe mu gihe abayobozi b'amadini, Inama y'Abepiskopi Katolika muri Congo (CENCO) n'Ishengero rya Kristo muri Congo (ECC), na bo bari mu mibonano bizeye ko izotuma habaho ibiganiro mu karere.

Ni mu gihe kandi umujanama mukuru wa Perezida wa leta zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump kuri Afrika, Massad Boulos, ari i Kinshasa kuganira na Perezida Félix Tshisekedi. Massad Boulos, yumvikanye kuri video mw'ijambo yashikirije abanyamakuru avuga ko yaganiriye na perezida Tshisekedi 'ku mubano ushingiye ku bucuruzi' hagati y'ibihugu vyompi, ariko ngo uwo mubano ukaba utoshoboka ata mahoro.

Musenyeri mukuru wa Ekleziya Katolika muri D R Congo, mu kiganiro yahaye BBC ari Washington muri Leta zunze Ubumwe za Amerika, yasobanuye impamvu bamaze iminsi bazunguruka mu mpande zitandukanye z'isi kubonana n'abategetsi b'ibihugu.

Donatien Nshole, avuga ko abo bakuru b'amadini bariko baravugana n'amakungu, aho bahereye mu karere mu buseruko bwa Afrika, mu nyuma baca mu Bufaransa kubonana na perezida Emmanuel Macron, ubu naho bakaba barindiriye kubonana n'abategetsi ba leta zunze Ubumwe za Amerika, ndetse n'umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU i New York.

Musenyeri mukuru Domatien Nshole, yavuze ko bagiye gusigura ingene indyane ziri mu buseruko bwa Congo zifashe, bagasaba amakungu gushigikira utwigoro tw'amahoro.

Abo bakuru b'amadini avuga ko bizeye neza ko hazoteba hakaba ibiganiro mu karere, ko intambara atari wo muti kuko n'ubundi haciye imyaka myinshi izo ntambara zihari ariko ataco zashitseko.

Ibiganiro vyimirije i Doha muri Qatar kuwa gatatu w'indwi iza, bizokwibanda ku bibazo nyamukuru birimwo ko:

  • abarwanyi ba M23 bava mu turere bigaruriye
  • gusubiza mu buzima busanzwe abarwanyi b'uwo mutwe
  • n'ibibazo vy'umutekano muri rusange mu burasirazuba bwa Congo.

Ibi bizoba bibaye ibiganiro vya mbere bitunganijwe amaso mu yandi hagati y'impande zompi kuva M23 ifashe mu buryo bwihuse imiji ibiri minini yo mu burasirazuba bwa DRC mu ntango z'uyu mwaka.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

N'ubwo Leta n'abo bitwaje ibirwanisho bimirije guhura, ikibazo c'umutekano wa Congo gishamikiye kandi ku nyungu z'abo hanze nabo bakigizemwo uruhara, harimwo ibihugu vy'akarere, kandi gifatiye ku butunzi bw'amabuye y'agaciro burangwa muri ico gihugu.

Abajijwe ku muti abo bakuru b'amashengero babona urama cotoregwa, Musenyeri D. Nshole yavuze ko umuti ari ukuganira hagati y'abanye Congo ubwabo bakabanza kwiyunga, gutyo bakagira inguvu zo 'kuganira n'ababanyi'.

Ikindi ngo n'uko botez'imbere urudandazwa rukozwe mu mahoro, kugirago ubutare bwa Congo bwungukire Congo n'ibindi bihugu.

Nayo ku kibazo c'uko intumwa ya perezida wa Leta zunze Ubumwe za Amerika kuri Afrika, Massad Boulos, muri kino gihe ari muri Congo yoba yashitse ku mwumvikano na perezida Tshisekedi wo kugurana ubutare bwa nkenerwa n'umwumvikano ku mutekano ndetse n'inzira yo gushika ku mahoro, Musenyeri Nshole yavuze ko icoba ciza ari uko borindira abanye Congo ubwabo bakabanza kuganira no kwumvikana hagati yabo, imbere yo kwumvikana uko ubutare bwokoreshwa, ndetse n'abo bokorana nabo, harimwo na Leta zunze Ubumwe za Amerika.

Avuga ko muri kino gihe bigoye cane uravye uko ibintu vyifashe, kuko abanye Congo benshi bashobora kwibaza ko ubutare bushobora gukoreshwa mu gukingira ubutegetsi.

Imbere y'izo ngendo mu bihugu vy'amahanga harimwo no mu karere, musenyeri mukuru wa Ekleziya Katolika yabwiye BBC ko abo bakuru b'amadini babanje kugendera umugwi M23 mu muji Goma, bakababwira impungenge abanyaguhugu bafise ko igihugu gishobora kwicamwo ibice.

Yemeza ko M23 yabijeje ko atari wo mugambi ifise, gutyo akaba yizeye ko hashobora kuboneka umuti w'amahoro udaciye mu ntambara.