Nta soni ugira guhamagarira isi yose ngo iteranire Urwanda? Kagame abwira Ububirigi

Ahavuye isanamu, RBA @rbarwanda
- Umwanditsi, Bernard Bankukira
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango
Perezida Paul Kagame yagiriza Ububirigi ko ari bwo ntandaro y'ingorane igihugu c'Urwanda gihanganye nazo, ibibazo avuga ko vyandurutse ku bukoloni iki gihugu cagize ku bihugu bwakoronije.
Mw'ijambo yashikirije ibihumbi vy'Abanyarwanda bari bakoraniye mu nyubakwa y'amakoraniro izwi nka BK Arena i Kigali, bavuye mu mihingo yose y'Urwanda, Perezida Kagame ntiyariye umunwa mu kwagiriza Ububirigi, "agahugu gato nk'Urwanda, kakanarucamwo ibice kugira ngo rungane nako".
Perezida Kagame yagize ati: "Ububiligi bwishe Urwanda, bwica Abanyarwanda, amateka aya yose arenze imyaka 30 gusa. Bukaza butugarukako, n'abasigaye bukongera bukabica".
"Muribuka abacu twatakaje…. Ababigizemwo uruhara batari Abanyarwanda, ni na bo n'uyu munsi bakidukurikirana, batubuza amahoro".
'Intambara yo muri Congo si iy'Urwanda'
Muri iri jambo yagarutse ahanini ku ntambara iriko ibera muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo hagati y'ingabo za reta n'umuhari M23 uri mu runani AFC, aho yerekana ko ari ingaruka za poritike mbi y'ubukoloni bw'Ububirigi, yagiriza gucamwo ibice Urwanda.
Agira ati: "Iyi ntambara ya Congo abantu bagiye bakayigira iy'Urwanda, ntabwo ari iy'Urwanda, ntabwo ari Urwanda rwayitanguje ahubwo ico abayitanguje bashaka ni co turwana na co".
Yerekana ko iyi ntambara ifise inkomoko igenda igaruka yamuka kuri aka kahise kabi kasizwe n'Ububirigi, yasambuye imbibe, abari Abanyarwanda bakisanga mu bindi bihugu, bimwe bimwe biriko bibaka uburenganzira bwabo.
Ati: "Abantu bitwa Abanyarwanda bamwe bagiye bisanga hanze y'imipaka tuzi ubu y'Urwanda, ntabwo ari Urwanda rwabatwayeyo. Ntabwo ari Urwanda rwatwaye Abanyarwanda hariya za Gisoro, ntabwo ari Urwanda rwatwaye Abanyarwanda hariya za Masisi, za Rutshuru n'ahandi.
"Iyo abantu rero bashaka kwirukana abo bantu ngo ni basubire iyo babwirizwa kuba bari, mu Rwanda, niba ushaka kubikora birukanane n'ubutaka bwabo".
Perezida Kagame avuga ko intambara ibandanya mu buseruko bwa Congo yatewe n'uko hari abo banyagihugu ubu b'Abakongomani bimwa uburenganzira bwabo.
Ati: "Abantu bategerezwa kugira uburenganzira bwabo, iyo utabubahaye baraburwanira", akongerako ko ushatse kubishiramwo Urwanda ata kundi Abanyarwanda bogira atari uguhangana na vyo.
Perezida Kagame yerekana ko indyane zo muri Congo zatanguye kuva kera, hakaba ibiganiro vy'amahoro, ariko amaherezo ivyumvikanyweko ntibishirwe mu ngiro.
'Urwanda ruremekwa inteba ishushe, FDLR igakingirwa ikibaba'
Amakungu, ishirahamwe ONU n'ayandi mashirahamwe atari make yagirizwa Urwanda ko ari rwo rufatiye umuriro umuhari M23 umaze kwigarurira uturere tutari duke tw'intara za Kivu ya Ruguru n'iy'Epfo.
Urwanda rwagumye ruhakana ariko rukavuga ko rwafashe ingingo zo gucungera umutekano warwo kubera inyeshamba z'umuhari FDLR n'Interahamwe.
Mu gihe reta y'iki gihugu isanzwe yagiriza reta ya Congo ko ihaye indaro kandi igakorana n'izi nyeshamba, Perezida Kagame yasubiye kubishimangira, mbere agafatira kw'ifatwa ry'umwe mu ntwazangabo z'uno muhari Jean-Baptiste Gakwerere M23 iherutse gushikiriza Urwanda.
Kagame yagiriza amakungu ko atunga urutoke Urwanda, akaruremeka inteba ishushe ariko hagera kuri FDLR naho agashishitira.
Ati: "Abo bantu bishe abantu hano, Gakwerere yishe abantu hano, yishe abavandimwe, yishe Abanyarwanda, ariko si we wenyene, ni uko ari we yafashwe. Abo bantu rero, iyo uvuze FDLR, interahamwe, uza wumva ngo 'ariko abo bantu muvuga ngo ni bangahe?' Ushaka ko baba bangahe kugira ngo bateze ikibazo?"
Avuga ko hari ibihugu bibandanya bishigikiye izi nyeshamba zagirizwa kugandagura Abanyarwanda mu migambi yabo yo gutera Urwanda.
Ati: "Buriya Interahamwe kuba zihari kuva mu 1994 kugeza n'ejo bundi, ntimwibwire ngo ni ivyizanye uko nyene. Oya. Hari abandi babiri inyuma nk'abari babiri inyuma na mbere hose. Zija kwica abantu hano mu Rwanda, zari zifise abazishigikiye, ni na bo bazirera, bakaziherekeza zikaba zikiriho n'uyu munsi".
Nayo ku babandanya bagiriza Urwanda ko rufise uruhara mu biriko bibera muri Congo, Perezida Kagame avuga ko Urwanda rwagumye rutera akamo, rugabisha, ariko amakungu akica amatwi.
Ati: "Ikibazo gishira mu majwi Urwanda kuva muri kahise n'uyu munsi giteye gite? Ndahera ha handi nababwiye, Gakwerere yazanywe ku murango, izuba riva n'abandi bari kumwe, amazeyo imyaka hafi 30.
"Twe twagumye tubwira isi yose ikibazo c'izi Nterahamwe, impungenge twamana, Urwanda rwamana; ngaho turatewe, ngaho ku mupaka, ngaho barajabutse, ngaho bateye amabombe yishe abantu muri za Kinigi hose, abantu bakatubwira ngo ni bake.
"Ni ukuvuga ngo, ntibihagije, ivyo muriko mubona, muvuga ntibihagije, mukwiye kuba mubona ibirenze ivyo.
"Ivyo birenze ivyo, ni vyo bubaka ejo bundi. Ntabwo vyarimwo gushigikira Interahamwe gusa, no kurwanya Abanyecongo babuzwa uburenganzira bwabo, ahubwo harimwo no gutera Urwanda".
Perezida Kagame avuga ko ataco batakoze mu kugabisha ko ukubandanya bafasha interahamwe bishobora kuvamwo ingorane ariko bakabifata minenerwe.
Ati: "Ariko na mbere y'intambara, mu ntambara ntabwo twahengeshanije kubwira abantu ko ibi bizovamwo ibibazo, biduteye ibibazo, kandi ko tutazovyemera, tuzokora ibishoboka vyose tukabirwanya. Ni ko vyagenze rero".
"Ubu birirwa badutuka, intambara iri hariya muri Congo ikabanza ikaba iy'Urwanda, hanyuma bakavuga ko ishigikiwe n'Urwanda, ariko bagera kuri FDLR, bakabivuga buhoro, bongorera, kuko ubundi ntibashaka no kubivuga, kuko bishaka ko izo nterahamwe zigaruka zikongera zikica abayanrwanda.
"Canke naho ntibanayivugeko, kurya bavuga ngo M23 na AFC ishigikiwe n'Urwanda, bagera ku Nterahamwe ntibavuge ko zishigkkiwe na reta ya Congo, bakavuga ko ari abantu bari aho gusa.
"Ababivuga barazi ivyo bavuga, kuko ni ko babihisemwo. Ni uko Urwanda bagomba kurushira mu kibazo ndetse bakaruhana uko babishaka".
Ububirigi bukokeza ibihano ku Rwanda
Perezida Kagame yagiriza Ububirigi ko bukorana na reta ya Kinshasa mu gusabira ibihano Urwanda, "kandi ko bagiye kubwira isi yose" ko nayo yokora uko.
Ati: "Ariko se wewe, nta soni ugira? Guhamagarira isi yose guteranira Urwanda? Koko? Urwanda uko rungana, twebwe twicaye hano tugateranirwako n'isi yose? Ivyo ntibikwiye kuba biteye isoni ku bantu nkamwe?"
Abwira Ububirigiri ko nimba bwipfuza ko Abanyarwanda baba Ababirigi, ko ivyo bidakunda, "nayo ku birirwa badutuka, mu buryo bwacu butari bwinshi cane tuzohangana na vyo"













