M23 yahaye Urwanda 'aba-FDLR', Reta ya Congo iti 'ni ikinyoma ceruye'

Général de Brigade Jean-Baptiste Gakwerere ni we ari kw'isonga ry'urutonde rw'aba bantu 14 bavugwa ko ari abarwanyi b'umuhari FDLR M23 yaraye ishikirije igisirikare c'Urwanda

Ahavuye isanamu, Rwanda Broadcasting Agency (RBA) @rbarwanda

Insiguro y'isanamu, Général de Brigade Jean-Baptiste Gakwerere ni we ari kw'isonga ry'urutonde rw'aba bantu 14 bavugwa ko ari abarwanyi b'umuhari FDLR M23 yaraye ishikirije igisirikare c'Urwanda

Igisirikare c'Urwanda (RDF) kivuga ko cashikirijwe umurwi w'abarwanyi kivuga ko ari ab'umuhari FDLR urwanya reta ya Kigali, bafitaniye isano n'ihonyabwoko ryo mu 1994.

RDF ivuga ko aba barwanyi bafatiwe mu gihugu kibanyi ca Repubulika ya Demokarasi ya Congo n'inyeshamba za M23 zimaze igihe zigarurira uturere tw'iki gihugu.

Reta ya Congo yamirira kure aya makuru, ikavuga ko ari irementanya ry'Urwanda "mu ntumbero yo gusigura igituma bateye igice c'igihugu cacu".

Itangazo ryaraye risohowe n'igisirikare c'Urwanda ryerekana urutonde rw'abantu 14 kivuga ko ari abarwanyi ba FDLR M23 yashikirije reta y'iki gihugu ejo ku wa gatandatu, ku rubibe rwa Grande Barriere mu karere ka Rubavu, ku mutwe w'urutonde hakaba hariko général de Brigade Jean-Baptiste Gakwerere.

Ibi binyamakuru bivuga ko iyi ntwazangabo yo ku rwego rwa jenerali ifise uruhara mw'igandagurwa ry'Abatutsi mu micungararo y'igisagara ca Butare mu Rwanda mu gihe ca jenoside yo mu 1994.

Muri iri tangazo, igisirikare c'Urwanda kivuga ko amakuru ya mbere yerekana ko "aba bafashwe bari bamaze igihe bakorana n'ingabo za Repubulika ya Demokarasi ya Congo, abarwanyi ba Wazalendo hamwe n'ingabo za'umuryango wa SADC [SAMIDRC]".

Igisirikare c'Urwanda kivuga kandi ko "bamwe mu barwanyi ba FDLR bivugwa ko bimukiye i Walikale, Lubero, na Mwenga, mu gihe abandi nabo bashobora kuba bacinyegeje mu turere turi mu minwe ya M23".

Igisirikare ca Congo, FARDC, kivuga ko ibi ari "irementanya ryatunganijwe mu ntumbero yo gucafuza ingabo zacu n'iza SADC".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mw'itangazo ryasohowe n'ibiro bikuru vya FARDC, igisirikare ca Congo kigira kiti: "Ibi na vyo nyene biri mu mayeri y'Urwanda ya gusigura igituma rwateye igice c'ubutaka bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo".

FARDC ivuga ko "iri rementanya riteye isoni cane kuko muri aba bavugwa ko ari abarwanyi ba FDLR bafatiwe muri RDC harimwo Patrick Ishimwe, yari amaze kwerekanwa ku wa 22 Nzero (1) n'ibinyamakuru vyo mu Rwanda i Kigali".

"Igitangaje ni uko izina ryiwe riboneka, mu buryo butangaje, ku rutonde rw'aba bavugwa ko ari abarwanyi ba FDLR basubijwe mu Rwanda kuri uno wa gatandatu", niko iri tangazo ry'igisirikare ca RD Congo rivuga.

FARDC yemeza ko "abategetsi b'Urwanda …bafashe abahoze ari aba-FDLR bapfungiwe mw'ibohero rikuru rya Gitarama mu Rwanda, bakabambika umwambaro mushasha w'igisirikare ca FARDC…kugira ngo baberekane nk'abarwanyi ba FDLR bafatiwe i Goma".

Kuri uru rutonde rw'igisirikare c'Urwanda hariko izina rya Jenerali Gakwerere, ibinyamakuru vy'Urwanda bivuga ko yari afise uruhara rudasanzwe mw'igenzedera no kwinjiza abarwanyi mu muhari FDLR, kandi ko yari umukuru agira gatatu muri FDLR inyuma ya Jenedali Byiringiro Victor na Pacifique Ntawunguka azwi nka Omega.

Igisirikare ca Congo kivuga ko gifise amakuru yizewe, nubwo kiterekana ivyemezo, ko ino ntwazangabo "kuva kera yakorera Paul Kagame", kandi ko yahabwa amabwirizwa na we mu "kugandagura ibihumbi n'ibihumbi vy'Abakongomani".

Amakungu yagiriza Urwanda ko ari rwo rufatiye umuriro inyeshamba za M23, mbere akaba agabisha ko ashobora guhagarika imfashanyo asanzwe aha iki gihugu.

Reta ya Kigali ntibiyoroheye kwerekana ko ata ruhara ifise mu ndyane zibera mu buseruko bwa Congo, nubwo Perezida Paul Kagame abadanya yerekana ko reta yiwe ifata ingingo zo gukingira umutekano w'igihugu ciwe – cane cane kubera izi nyeshamba za FDLR.

Reta ya Kinshasa yategerezwa gufasha gutuza uno muhari ariko muri kahise abahinga b'ishirahamwe ONU bagiye berekana ko ahubwo igisirikare ca Congo cakorana n'inyeshamba z'uno muhari, ikintu carakaje Perezida Kagame.

Umushikiranganji w'Urwanda ajejwe imigenderanire ashimangira ko izi nyeshamba zakoze jenoside zikiri ikibazo ku mutekano w'Urwanda.