Igisirikare c'Uburundi kirahakana ko catahukanye ingabo zaco ziri muri RD Congo

Ahavuye isanamu, FDNB
Umuvugizi w'igisirikare c'Uburundi arahakana amakuru avuga ko ingabo z'iki gihugu zarungitswe muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo gufasha igisirikare c'iki gihugu gihanganye n'inyeshamba za M23 zatahukanywe.
Itororokanirizo ry'amakuru Reuters ejo ku wa kabiri ryavuze ko ryahawe amakuru n'amasoko ane yemeza itahukanwa ry'izi ngabo, mu gihe inyeshamba z'umuhari M23 zibandanya zigarurira uturere.
"Amakamyo atari make yuzuye ingabo (z'Uburundi) yashitse mu gihugu kuva ejo [ni ukuvuga ku wa mbere]" yinjiriye mu karere kari ku mupaka, niko Reuters yandika isubiramwo intwazangabo y'Uburundi, hamwe n'amasoko abiri y'ishirahamwe ONU be n'umudiporomate wa Afrika.
Abajijwe na BBC ku bivugwa, Général de Brigade Gaspard Baratuza avugira igisirikare c'Uburundi yishuye mu butumwa bugufi ati: "Fake News",
Mu bundi butumwa yacishije ku rubuga rwa X, Jenerali Baratuza yagize ati: "Mu kubeshuza amajambo akwiragizwa na Reuters agasubirwamwo n'izindi mbuga hwaniro, abasirikare ba FDNB barungitswe muri RD Congo barabandanya ibikorwa vyabo mu turere bajejwe. Ntihagire uwuha agaciro ibi binyoma bikwiragizwa irya n'ino".
Haraciye imyaka Uburundi burungitse ingabo mu buseruko bwa RD Congo, mu ntango zikaba zari zifise intego yo kurwanya inyeshamba zirwanya reta y'Uburundi harimwo n'umuhari RED-Tabara, harungikwa n'izindi mu rwego rw'ingabo z'umuryango wa Afrika y'Ubuseruko zari zarungitswe kugira zije hagati y'impande zishamiranye, ariko mu nyuma zikaba zahavuye zifasha igisirikare ca Congo kurwanya M23.
Kuva zisubiriye kuvyura intambara mu mpera za 2021, inyeshamba z'umuhari M23 uri mu runani AFC zimaze kwigarurira uturere tutari duke tw'intara za Kivu ya Ruguru n'iy'Epfo, aho ziheruka kwigarurira umugwa mukuru wa Kivu y'Epfo, Bukavu, imisi mike inyuma y'uko zigaruriye Goma, umugwa mukuru wa Kivu ya Ruguru.
Mu gihe zibandanya zisatira zitera zija mu bumanuko, ejo ku wa kabiri zarigaruriye igisagara ca Kamanyola kiri ku birometero vyababa 50 mu bumanuko bwa Bukavu nk'uko vyemezwa na Reuters isubiramwo ababa muri iki gisagara hamwe n'isoko ryo mu muhari M23 nyene.

Ahavuye isanamu, Angola State House
Ejo ku wa kabiri nyene, Perezida Felix Tshisekedi wa Congo yari mu rugendo i Luanda muri Angola, aho yabonanye na mugenziwe w'iki gihugu Joao Lourenco, kugira ngo bavugane ku mutekano ubandanya umera nabi ku muvuduko munini mu buseruko bwa Congo, nk'uko biri mw'itangazo ry'ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Angola ryacishijwe ku rubuga rwa Facebook.
Congo yagiriza Urwanda ko ari rwo rwayiteye rwihetse inyuma ya M23, mu gihe ishirahamwe mpuzamakungu ONU, n'ibihugu rutura vy'Uburengero, vyagiriza reta ya Paul Kagame gufata mu mugongo M23 mu kuyiha ibikoresho n'abarwanyi.
Reta ya Kigali ibandanya ihakana ibi birego, ikavuga ahubwo ko yivuna inyeshamba z'umuhari FDLR zigizwe n'Abahutu bagirizwa ko basasitse inganda mu kugandagura Abatutsi muri jenoside yo mu Rwanda mu 1994, ikavuga kandi ko zifasha zikongera zigafashwa n'igisirikare ca Congo.
Congo iriyamiriza ibi yagirizwa n'Urwanda, ikavuga ko Urwanda rwamye rwiheka inyuma y'imihari y'inyeshamba rushinga mu ntumbero yo kunyaga amabuye yayo y'agaciro.
Izi ntambara zimaze gutuma ibihumbi n'ibihumbi vy'abanyagihugu bata izabo, aho abababa 10.000 bamaze guhungira mu Burundi, nk'uko reta y'iki gihugu iherutse kubitangaza. biyongera ku bandi barenga 86.000 bamaze imyaka itari mike baba muri iki gihugu kubera izi ntambara zidahera muri aka karere k'Ubuseruko bwa Congo.













