RD Congo-Intambara: Hafi 10.000 bamaze guhungira mu Burundi

Mu gihe intambara ikomeza mu buseruko bwa Repuburuka ya Demokrasi ya Congo ihana urubibe n'Uburundi, abantu barenga ibihumbi 10.000 baramaze guhungira mu Burundi, nk'uko vyemezwa n'ubushikiranganji bw'ico gihugu bujejwe intwaro yo hagati.
Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere, umushikiranganji Martin Niteretse yavuze ko benshi muri abo bashitse mu minsi itatu iheze.
"Kuva kw'igenekerezo rya 14 gushika ejo ku w'Imana igenekerewo rya 16 ukwezi kwa kabiri, Uburundi bumaze kwakira abariko barahunga bava mu gihugu kibanyi ca Repubulika ya demokarasi ya kongo hafi ibihumbi cumi," niko Niteretse yavuze.
Bajabuka uruzi Rusizi ku ruhande rwa Cibitoke canke bakajabukira Uvira, igisagara co muri Congo kiri hakurya ya Gatumba mu Burundi.
Uretse ikiyaga Tanganyika, Uburundi na Congo bihana urubibe rw'ubutaka kuva mu Gatumba mu ntara ya Bujumbura gushika ku Ruhwa mu ntara ya Cibitoke
Umushikiranganji Niteretse yavuze ko abashika baca bajanwa mu makambi y'impunzi y'imfatakibanza ya Cishemere mu ntara ya Cibitoke n'i Gihanga mu ntara ya Bubanza. Ariko ngo bazoca bajanwa mu makambi y'impunzi ari kure y'umupaka nko mu Rutana no mu Ruyigi mu buseruko bw'igihugu.
Yavuze ko ubu hariko haraba ibikorwa vyo gutandukanya abanyagihugu basanzwe -aba sivire – abasirikare n'abafise amagara make.
Mu Burundi hasanzwe hari impunzi z'abenye-Congo zirenga 86.000.
Umushikiranganji Niteretse yavuze ko hategekanywa inama n'abo basanzwe bafashanya nk'ishami rya ONU riraba impunzi HCR kugira hegeranywe uburyo bwo gufasha izo mpunzi.
Uwo mutegetsi yaboneye akaryo ko kubeshuza inkuru zagiye zirandikwa ku mbuga hwaniro ko inzego zijejwe umutekano hari abanye-Congo ziriko zirafata agasakisaki kubera amamuko yabo, na cane cane Abanyamulenge.
Yavuze ko niba hari uwafashwe vyakozwe mu gikorwa ca minsi yose co gusuzuma abantu baba badafise ivyangombwa kandi ko ico gikorwa kiterekeye abanye-Congo bonyene.
Ati: "Nta banyamulenge turondera kuko abanyamulenge dusanzwe tubana neza. Ngaha mu Burundi nta kibazo abanyamulenge bafise.
"Ababivuga ni abantu bashaka gukwega bakwegereko ibintu vy'ubwoko natwe turiko turabirengana…si ho turi."
Yavuze ko ku bo basanze badakwije ibijanye n'amategeko yo kuba mu Burundi '' harashobora kuba harimwo umunyamulenge umwe canke babiri, mugabo twarasanzemwo n'abandi bo mu bundi bwoko bwo muri Congo urabona ko bifitiye ubwoko bwinshi.
''Twaraburije imodoka. Ni ko bimeze. Ubaye mu gihugu udakwije amategeko, nta gasho bagushiramwo ata kindi caha wakoze. Baca bakubwira bati subira mu gihugu c'iwawe ubanze witunganye uzogaruka wakwije ibijanye n'amategeko."
Uwo mushikiranganji yavuze ko basanze harimwo n'abaturuka mu bindi bindi bihugu bari mu mu mahoteri, hirya no hino canke mu karitiye.
''Twarasanzemwo abaganda, abaturuka muri Kenya, n'ahandi. Ivyo rero ntawe vyotera ubwoba ngo hariho umunyamulenge ariko araronderwa. Oya. Twe tugira tuti umunyamahanga wese ari ku gataka k'Uburundi, ahabe yisunze amategeko."
Yamkenyesheje ko abatari bakwije ibisabwa n'amategeko bose hamwe batoye abashika hafi 80.
Ntawozifatanya n'intambara
Kuva mu mpera z'indwi iheze, haribonekeza uburere bumwe bumwe bw'igihigu abategetsi basa n'abariko barafata ingingo z'umutekano zikaze.
Nko mu karere ka Tenga ntawurekuriwe gupangisha canke gupanga inzu abajejwe intwaro batabimyeshejwe. N'uwuje gupanga inzu avuye mu kandi karere ategerezwa kwerekana urupapuro yasinyiwe n'abajejwe intwaro bo mo karere aje avamwo.
Kuri ibi, umushikiranganji Martin Niteretse yavuze ko atawofatanya izo ngingo n'intambara iriko irabera mu buseruko bwa repubulika ya demokarasi ya Kongo.
Avuga ko ahubwo bari baratevye kuzishira mu ngiro kubera ngo hari haciye imyaka ibiri abategetse kubikora mu ntumbero yo gutsimbataza umutekano w'igihugu.
''Ntizokwemera gupfa nk'Abanye-Congo''- Prezida Ndayishimiye
Uburundi bwararungitse ingabo gufasha reta ya Congo kugwanya imigwi yitwaje ibigwanisho, harimwo n'ituruka mu Burundi nka Red Tabara.
Zimwe muri izo ngabo zari mu ntara za Kivu zompi (iya rugu ni iy'epfo) imirwa mikuru yazo -Goma na Bukavu- iherutse kwigarurirwa n'abagwanyi b'umugwi witwaje ibigwanisho wa M23 bivugwa ko ushigikiwe n'Urwanda.
Ico gihugu kirahakana uruhara mu ngorane zihanze Congo. Reta yaco yemeza ko irajwe ishinga no kwubahiriza umutekano w'igihugu cayo mu gihe yagiriza iya Congo gukorana n'abagwanyi ba FDLR, umugwi w'abanyarwanda urwanya igihugu bivugwa ko bahunze baheje gukora jenoside mu 1994.
Ariko umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye aherutse kunegura ingene Abanye-Congo bavyifatamwo ku rugamba.
Avugira mu Kirundo imbere y'abanyagihugu yari yashiriye imfashanyo y'ibifungurwa mu ndwi iheze, perezida Ndayishimiye yavuze ati ''Abarundi ''ntitozokwemera gupfa nk'abanye-Congo '' bicwa ''nk'impene ari abantu b'abagabo bakanura''.
Aho yariko aragabisha ko Urwanda rushobora gutera Uburundi, ibintu yari yanavuze igihe bifurizanya umwaka mushasha n'abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi mu mpera z'ukwezi kwa Nzero (1).
Ariko asa n'uwaraye ahinduye imvugo.
Prezida Ndayishimiye yavuze ko inyuma y'ibiganiro yagiranye "n'ibihugu bigenzi vy'Urwanda" abari biteze kuronka inyungu mu gitero c'Urwanda ku Burundi bozeruka (bakurayo amaso).
Aho Ndayishimiye yari mu nama rusangi y'umuryango w'Ubumwe bwa Afrika ykoraniye i Addis Abeba muri Ethiopia mu mpera z'indwi iheze, aho iruhande y'iyi nama abategetsi bagenda bahura bakagirana ibiganiro.
Mu vyo yatangaje ku rubuga X ni nkaho ico gitero yavuga kitakibaye. Gusa yongeyeko ati: "Ariko Abarundi b'umutima mwame mugavye kuko ntawuzi umusi w'igisuma.''
Abategetsi b'Urwanda ntibigeze batangaza ko iki gihugu kizotera Uburundi, kandi ntaco bishuye ku majambo ya ya Ndayishimiye.













