Prezida Ndayishimiye aragabisha ko Urwanda rufise umugambi wo gutera n'Uburundi

Insiguro ya video, Prezida Ndayishimiye aragabisha ko Urwanda rufise umugambi wo gutera n'Uburundi

Kuri uyu wa gatanu, igihe prezida Evariste Ndayishimiye w'Uburundi yariko aripfurizanya umwaka mwiza n'abaserukira ibihugu vyabo, avuze ko atagikozwe, ku Rwanda, akarere kose kazokwadukamwo intambara.

Prezida Ndayishimiye yavuze ko bazi ko Urwanda rufise imigambi yo gutera Uburundi, ariko ko abarundi babizi kandi bazivuna.

Hishimikijwe amasezerano Uburundi bufitaniye na RD Congo muvyo umutekano, igisirikare c'ico gihugu kiri muri Congo gufasha mu ntambara y'umuhari wa M23 bivugwa ushigikiwe n'Urwanda.

Urwanda rurabihakana.

Igitigiri c'abasirikare b'abarundi bari mu gihugu ca Congo ntikiramenyekana.

Prezida Evariste Ndayishimiye

Ahavuye isanamu, NTARE HOUSE