Ndayishimiye avuga ko igitero c'Urwanda ku Burundi' ari nkaho kitakibaye

Prezida Ndayishimiye mu nama rusangi y'Ubumwe bwa Afrika i Addis Abeba mu mpera z'iyi ndwi

Ahavuye isanamu, Ntare Rushatsi

Insiguro y'isanamu, Prezida Ndayishimiye mu nama rusangi y'Ubumwe bwa Afrika i Addis Abeba mu mpera z'iyi ndwi

Prezida Evariste Ndayishimiye w'Uburundi avuga ko inyuma y'ibiganiro yagiranye "n'ibihugu bigenzi vy'Urwanda" abari biteze kuronka inyungu mu gitero c'Urwanda ku Burundi bozeruka (bakurayo amaso mu Kinyarwanda).

Ndayishimiye ari mu nama rusangi y'umuryango w'Ubumwe bwa Afrika ikoraniye i Addis Abeba muri Ethiopia, aho iruhande y'iyi nama abategetsi bagenda bahura bakagirana ibiganiro.

Muri iyi ndwi, Prezida Ndayishimiye, nubwo atavuze neza na neza Urwanda, yumvikanye agabisha Abarundi ko rugomba gutera Uburundi ariko ko bwobwo bwiteguye, aho yagize ati: "Uzotuvyonga, tuzomuvyonga, emwe mube muritegura, ntimugire ubwoba barya turaziranye… ntibigeze batunesha".

Mw'ijambo yavugiye mu ntara ya Kirundo ihana urubibe n'Urwanda, yabwiye abanyagihugu baho ati: "Noneho ntimuzoba ari mwebwe mwenyene, twese n'uw'i Nyanza Lac hariya ku rubibe rwa Tanzania uraba Kigoma, azoba ari aha". Yongeyeko ati: "Abarundi twese ntituzokwemera ko dupfa nk'Abanyecongo. Ipuuu…"

Abategetsi b'Urwanda ntibigeze batangaza ko iki gihugu kizotera Uburundi, kandi ntaco bishuye ku majambo yatangajwe na Ndayishimiye mu ntango z'iyi ndwi.

Ubu mu vyo yatangaje ku rubuga X ni nkaho ico gitero yavuga kitakibaye. Gusa yongeyeko ati: "Ariko Abarundi b'umutima mwame mugavye kuko ntawuzi umusi w'igisuma."

Abategetsi b'Uburundi n'Urwanda ntibarabana ryiza kuva mu 2015 mw'igerageza ryo gutembagaza ubutegetsi bw'uwari umukuru w'igihugu ico gihe, umuhisi Petero Nkurunziza, ritashobotse. Abategetsi b'Uburundi bagirije ab'Urwanda gufasha ababigerageje no kubaha indaro mu nyuma.

Ibintu vyagiye kwunyuka hagati ya Kigali na Gitega mu ntango z'umwaka uheze inyuma y'uko Prezida Ndayishimiye abwiye inama y'urwaruka i Kinshasa ko "ari ngombwa gukomeza urugamba kugeza abanyagihugu b'Urwanda nabo nyene batanguye gutera igitsure" ubutegetsi bwa Kigali yavuze ko bufasha "imirwi ihungabanya akarere", amajambo reta y'Urwanda yise ko ari "uguturira".

Inyuma y'aho, ku bwumvikane bw'ibihugu vyompi, Uburundi bwarungitse ingabo muri DR Congo gufasha igisirikare ca reta kurwanya umurwi wa M23 – ONU na Kinshasa bivuga ko ufashwa n'igisirikare c'Urwanda, ico Urwanda rubandanya guhakana.