Delcat Idengo umuririmvyi yanebagura reta ya Congo yatowe ikiziga i Goma

Ahavuye isanamu, X
Umuririmvyi Delcat Idengo, azwi cane mu ndirimbo ziwe zinebagura reta ya Congo, yari yahagaritswe kuva mu mwaka uheze, yatowe ikiziga i Goma.
Yari arindiriye gucirirwa urubanza ku caha co kugumura abantu ngo bafate ibigwanisho, inyuma y'aho atunganirije imyiyerekano yo gusaga ingabo zijejwe kubungabunga umutekano za Onu ziri mu butumwa bwa Monusco kuva muri Republika ya Demokrasi ya Congo.
Umwaka uheze yasohoye indirimbo ahamagarira abantu gufata ibigwanisho ngo bice Abatutsi, yise "Dawa ya Mutusi".
Izina ryiwe ry'ukuri ni Delphin Katembo Vinywasiki. Uwo muririmvyi n'umwe mu banyororo 4.400 batorotse ibohero rya Munzenze i Goma, mu buseruko bwa Congo, igihe ico gisagara cafatwa n'abagwanyi ba M23 inyuma y'intambara z'umwanya muto mu kwezi kwa mbere.
Delcat yaramenyekanye cane muri Congo kuva ahagaritswe mu kwezi kwa Mukakaro(8) umwaka uheze.
Indirimbo ziwe zinebagura reta ya Congo zarakunzwe n'abantu benshi.
Mu 2021, yaraciriwe urubanza ku caha co gutuka prezida Felix Tshisekedi no gukwirakwiza "ibihuha" muri imwe mu ndirimbo ziwe, aho yagiriza prezida kudashira mu bikorwa ivyo yemereye abanyagihugu.
Ico gihe yari yaciriwe gupfungwa imyaka 10, ariko mu nyuma aza kwezwa na sentare y'amahoro ya Beni.
Avuga kuri urwo rupfu, Martin Fayulu, umwe mu batavuga rumwe na reta yaje mu kibanza ca gatatu mu matora rusangi yo mu 2023, yanditse kuri X ko igihugu "kibuze intwari" yagwanira ubumwe bwaco.
Umuvugizi wa reta ya Congo Patrick Muyaya yamwise "umumaratiri".
Agira ati:"Nta mabi, nta terabwoba canke ikoreshwa ry'ibigwanisho ku basivire b'inzirakarengane bizoduca intege mu ntambara turimwo i Goma no mu gihugu cose.
"Kurutonde rw'abamaratiri bacu, hiyongeyeko izina rya Delcat Idengo."
Muyaya yabandanije agira ati:"We yari yahisemwo gukoresha ijwi n'utugenegene twiwe mu kwiyamiriza ubunyamaswa bw'Urwanda ku butaka bwacu.
"Kuri we, co kimwe no kuri umwe umwe mu bihumbi n'ibihumbi vyagandaguwe n'Urwanda n'abo bakorana, bazohabwa ubutungane."
Umuhari wa M23 urahakana kugira uruhara muri urwo rupfu nk'uko vyandikwa ku mbuga hwaniro.
Umuvugizi wawo Lawrence Kanyuka, abicishije ku rubuga X avuga "turateye ivyatsi ukwihorahorana kurangwa hagati y'imigwi itandukanye y'awazalendo na FARDC. Tubahamagariye kwishikana no gutanga ibigwanisho vyabo ku bajejwe umutekano bacu."
Idengo yari umuririmvyi azwi cane kubera ukutavugwako rumwe.
Akarere ko mu buseruko bwa Congo kagwiriyemwo amabuye y'agaciro kariko karaberamwo intambara zikaze kuva mu kwezi kwa mbere aho ingabo za reta ziriko ziratana mu mitwe n'abagwanyi ba M23 kugira zihabirukane.













