'Abagore barenga 100 bafashwe ku nguvu igihe abanyororo batoroka i Munzenze muri Goma' - ONU

- Umwanditsi, Wedaeli Chibelushi
- Igikorwa, BBC News
Abagore barenga ijana barafashwe kunguvu munyuma baraturirwa babona igihe ibohero ryo mu muji wa Goma ryamenwa, nk'uko bimenyeshwa n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Abanyororo baharugwa mu majana baratorotse ibohero rya Munzenze ku musi wa mbere w'indwi iheze, inyuma y'aho abarwanyi ba M23 bigaruriye uwo muji.
Abagore bari hagati ya 165 na 167, batewe n'abanyororo bagenzi babo b'abagabo, nk'uko bigaragara mu cegeranyo BBC yabonye c' ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Ico cegeranyo ca ONU kigaragaza ko abenshi muri abo bagore baciye bicwa inyuma y'aho abanyororo bakongereje iryo bohero n'umuriro.
BBC ntiyashoboye gusuzuma ukuri kw'ibiri muri ico cegeranyo.
Goma, umuji ukomeye ubarizwamwo miliyoni y'abanyagihugu, wafashwe inyuma y'aho umugwi M23 ufashwa n'Urwanda, wigaruriye mu buryo bwihuta ibice vy'ubuseruko bwa Congo.
Uwo muji waciye winjira mu kajagari, ibiziga bikwiragira irya n'ino, ibisasu vya missiles navyo bigaca hejuru y'imihana.
Ifoto yo mu ndwi ishize ico gihe co gutoroka ibohero, yerekana abantu bahunga iyo nyubakwa yabonekesha umwotsi uduga mu kirere. Humvikanye n'ibisasu bikomeye ico gihe.
Mu yindi video, haboneka abantu bikekwa ko bari abanyororo batorotse, bashwara amabarabara ya Goma.
Abantu barenga 2000 barishwe igihe c'imishamirano hagati ya M23 n'ingabo za leta ya Congo n'abayifasha, nk'uko leta ya Congo ibivuga.
Ishirahamwe mpuzamakungu rimenyesha ko abantu batari munsi ya 900 bishwe abandi 3000 barakomereka. Ntivyasobanutse neza impamvu ibiharuro vy'abahitanywe n'iyo ntambara bitangwa na ONU bidahuye n'ibitangwa na leta ya Congo.
Mu ntango z'iyi ndwi, abarwanyi ba M23 batangaje ko bahagaritse intambara kubera ikibazo co gutabara abari mu kaga.
Ariko, M23 yatanguye ibindi bitero kuri uyu wa gatatu, aho bivugwa ko yafashe igisagara ca Nyabibwe.
Nyabibwe kiri ku birometero ijana (60 miles) uvuye Bukavu- umuji munini ugira kabiri aho mu buseruko bwa Congo, kandi ukaba ariwo bivugwa ko uwo mugwi uriko urasatira.
Abategetsi ba Congo bashize ku rutonde abanyagihugu benshi basanzwe bifuza gufasha muri iyi ntambara muri Bukavu.
Hirya mu muji wa Goma, aho abanyagihugu bariko baramenyera kuhaba munsi y'ubuyobozi bwa M23, hari ubwoba ko hashobora kwaduka ikiza c'ingwara ya Cholera.
Stephan Goetghbuer, umukuru w'ishirahamwe ry'abaganga batagira imbibe - Medicine Sans Frontieres, yavuze ko: "Bamaze iminsi batagira amazi, ibiziga birambitse mu mabarabara, ingwara zandukira mu mazi mabi nka Cholera nazo ziteje impungenge. Bimwe mu bigo bivura Cholera vyacu biriko biruzura kandi twavyaguye."













